IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashikiranganji batanguye kwiga itegeko rigenga amafaranga azokoreshwa mu (...)

Abashikiranganji batanguye kwiga itegeko rigenga amafaranga azokoreshwa mu 2014

mardi 26 Munyonyo 2013

Inama nshikiranganji yakoranye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 26 Munyonyo 2013 irongowe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Muri iyo nama izomara iminsi ibiri, integuro z’amategeko cumi n’abiri, hamwe n’utuntu n’utundi nivyo bitegekanijwe kwigwa.

JPEG - 38.1 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

1. Integuro y’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2014
2. Integuro y’itegeko rigenga itunganwa ry’imanza z’amatongo ziba ziri imbere ya sentare ntahinyuzwa.
3. Integuro y’itegeko rigenga ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo gusangira ibibuga vy’indege mu bikorwa, amasezerano ahuza ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya, yateweko umukono mu gisagara ca Dar-es-Salam ku genekerezo rya 2 Ndamukiza umwaka w’2009.
4. Integuro y’itegeko rigenga ishirwa mu ngiro kuri Reta y’Uburundi, ry’amasezerano ategekanya ishirwaho ry’umurwi ugizwe n’impande zompi, ukurikirana imigenderanire ya Reta y’Uburundi na Reta y’igihugu ca Koweit yateweko umukono ku genekerezo rya 9 Ruheshi 2013.
5. Integuro y’amategeko agenga abahoze ari abarwanyi.

6. Integuro y’itegeko rigenga ishingwa ry’ikigo kijejwe gukurikirana abahoze ku rugamba (Office de gestion des Anciens Combattants).
7. Integuro y’itegeko rigenga ishingwa, itunganwa, n’ibikorwa vy’ikigo c’igihugu kijejwe abanyagihugu (Office National de la Population)
8. Integuro y’itegeko rigenga ishingwa n’itunganwa ry’igisata kijejwe impinduka muri poritike n’inzego z’igihugu.
9. Integuro y’itegeko rigenga ingene inyigisho zo mw’ishure shingiro zitunganwa mu bijanye n’ukwunguruzwa ku banyeshure, uguhitira n’ugutanga impupuro z’umutsindo.
10. Amategeko ajanye n’ibisabwa mu gutanga uburenganzira bwo kuja kubandanya amashure hanze y’igihugu mu mwaka w’2013 ushira uw’2014.
11. Integuro ku nsiguro z’ibijanye n’ibirarane Reta y’Uburundi ifitiye ibitaro vya Reta, hamwe n’ingene itangwa ry’agakarata ko kwivurizako ryifashe ( CAM : Carte d’Assistance Médicale).
12. Integuro y’insiguro ku kungene umuryango wa Afrika y’ubuseruko wifashe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.