IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka na nkenguzamateka zahaye imiliyoni 100 ababuriye (...)

Inama nshingamateka na nkenguzamateka zahaye imiliyoni 100 ababuriye ivyabo mw’isoko

dimanche 17 Ruhuhuma 2013

Abashingamateka n’abaknguzamateka bose bemeye gufasha abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nhuru ya Bujumbura aho yasha igacika umunyota italike 27 Nzero uyu mwaka. Bemeye gutanga imiliyoni 100 y’amarundi. Bagasaba ko yoronswa abo agenewe.

Abashingamateka n’abakenguzamateka babishize mw’itangazo ryateweko umukono n’abarongoye izo nzego zibiri. Bavuga ko bifatanije n’abadandaza basigaye bifumbereje mu bukene budasanzwe kubera ivyabo vyahiye ku murango izuba riva.

Mu guterera agacumu k’ubumwe mu kubashigikira nk’uko vyasabwe n’umukuru w’igihugu, abo batowe n’abanyagihugu mu nama nshingamateka na nkenguzamateka bamenyesheje ko bagiye gutanga amafaranga angana n’imiliyoni 100 y’amarundi. Bemeye guyashira kuri konti yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB.

Bamenyesha ko ayo mafaranga azokurwa k’uyo bahora baronka uko ukwezi gutashe yagenwe uturusho.

Abashingamateka n’abakenguzamateka basavye Reta y’u Burundi ko ayo amafaranga yose ariko aratangwa muri ubwo buryo bwo gufasha abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuiru ya Bujumbura yokoreshwa neza. Basaba ko hatobamwo akarenganyo, kuyanyuruza canke kuyakoresha ico atagenewe canke naho ko yohava ahabwa abantu bamwe bamwe hisunzwe ka mwana wa mwama canke nkuzi. Basaba ko Reta yovyitondera neza.

Izo nzego zibiri nshingamateka na nkenguzamateka zibandanya zivuga ko zababajwe n’umuriro waturiye isoko nkuru ya Bujumbura kandi ko zifatanije umubababro n’abahaburiye ivyabo bose.

Barashimira Reta y’u Burundi ku ngingo zihutirwa zaciye zifatwa zo gutora ikibanza c’imfatakibanza abadandaza baba barakoreramwo hamwe no gutangura kugitunganya neza. Ikindi bashima n’uko Reta yaciye ishiraho ikonte ikanahamagarira uwo wese afise umutima wo gufasha guterera ico afise kugira isoko isubira kubakwa neza hamwe no kugarukira kubahaburiye ivyabo.

Basaba n’amakungu guterera umuganda muvyo bashoboye kugira ubuzima busubire kunaguka mu gisagara ca Bujumbura.

Inama nshingamateka na nkenguzamateka zimenyesha ko zizobandanya zifasha Reta mu gutorera inyishu ingorane zatumwe n’umuriro waturiye isoko nkuru ya Bujumbura.

kw’ifoto:Pie Ntavyohanyuma, arongoye inama nshingamateka


Pierre claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.