IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko ntiyashize mu ngiro ivyasabwe (...)

Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko ntiyashize mu ngiro ivyasabwe n’Uburundi

mercredi 25 Munyonyo 2015, par egide

Inama nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko yahakanye gushira mu ngiro ivyasabwe n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, ko abashingamateka bane b’abarundi bari muri EALA (East Africa Legislative Assembly) bokurwa bagasubirizwa n’abandi. Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yamenyesheje Pascal Nyabenda ko abo bashingamateka badaserukira imigambwe bavamwo, ariko ko baserukira Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, Dan Fred Kidega arongoye inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yemeye ko yashikirijwe ikete rihagarika abashingamateka bane b’abarundi aribo Ngenzebuhoro Frederic, Nduwimana Martin, Yves Nsabimana hamwe na Jérémie Ngendakumana, bo mu migambwe ya CNDD FDD, UPRONA na FRODEBU. Uwo aramutswa iyo nama nshingamateka avuga ko yabimenyesheje abo biraba bose, barimwo n’ubuyobozi bukuru bwa EAC (Counsel to the Community, CTC) ari nabwo bufise ijambo rya nyuma ku bikorwa vy’uwo muryango.

JPEG - 37.4 ko
Dan Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Izo nzego zamusavye kuganira n’abo bafatanyije kuyobora EALA, bagafata ingingo, bace bayimenyesha n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Uburundi bwasavye ibiteye kubiri n’amategeko

Dan Fred Kidega yamenyesheje ko yashoboye kwicarana na bagenzi we, bagasanga amategeko agenga iyo nama nshingamateka arerekana uburyo bushobora gutuma umushingamateka atakaza umwanya butandukanye n’ivyo Uburundi bwasavye.

Dan Fred Kidega avuga ko yamaze kwandikira Pascal Nyabenda atwara inama nshingamateka y’Uburundi, amumenyesha ko ingingo yafashe itajanye n’amategeko, uwo aramutswa EALA akaba yiteguriye kuja i Bujumbura kugira baganire kuri iyo ngingo.

Ku makuru avugwa ko hari abashingamateka bamaze gutegurwa kuzosubirira abo basabiwe gutakaza ibibanza, Dan Fred Kidega yabwiye abamenyeshamakuru ko ataramenya ayo makuru, ariko ko abarundi bari muri EALA bemewe n’amategeko, kandi bafise uburenganzira bukwiye bw’ukubandanya ibikorwa mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko.


IGIHE

Messages

  • Mbe nkaho iyo nkuru muyikuyehe?umuntu aba muri EALA kubera umugambwe avamo uri mu nteko nshingamategeko yiwabo.sukwiyadukiza!!!!Vyarabaye mu Rda aho KABAHIZI akuwe yaciye ava munteko ya EALA.Murindire muzumva babasutse hanze.LOL

  • Hongela bwana HON kidega,Heshima kwenu.EALA JUU!Good position,illegal parliament in burundi,illegal goverment in burundi!

  • Aba DD basigaye bavuga ibisunitswe n’impwemu. Ni gute umukuru w’inama nshingamateka, umutegetsi yitwq ko agira kabiri mu gihugu apfa kwandika ibintu atabanje gusoma amategeko. Muratumaramaje ni mugende, nta kintu nakimwe mushoboye atari ukwica no gusahura! Imana yo mw’ijuru yumve amarira y’abarundi ibadukureko!!

  • NTIBITANGAJEKUGIRABAVYANKE,TURABIZIKOBASHIGIKIYEABATEZAUMUTEKANOMUKEMUGIHUGU!!!!

  • aba bashinga mateka baratera igere ryanyuma, Kidega azava ibujumbura vyose biheze,nabo kubasubirira bamenyekanye. none leta itagushaka uyiserukira gute!! vyanse navyo uburundi bozoca busezera muri EAC.vyose bizorangirira bujumbura nkuko ariho bavuye baja guhagararira igihugu.

  • ALIKO ABAYOBOZI BI BIBURUNDI NONEHO BIGARAGARA KO BICAYE BITWA ABAYOBOZI ALIKO BATAZI IBYO BALIMO. UMUNTU BAMUHA KUYOBORA ATAZI AMATEGEKO GUTE. BURUNDI BURUNDI BURUNDI BURUNDI IHANGANE IBI BYOSE BIZASHIRA.

  • turashimiye uwo munyacubahiro ko adasoma amategeko ayacuritse nk,uko abisabwa n,a ababarundi batwara igihugu bagîcuritse. biragaragaye mbere ko atamurundi yotangwa n, ubutegetsi bw, uburundi ngo arongore iyonama nkenguzamateka.

  • none ga yemwe kidega arashigikiye abashingamateka barangije ikiringo nosaba reta ko kidega atoruha yakirwa ninama shingamateka yuburundi kuko bagaye umukuru winama shingamateka yuburundi ngo ntazi amategeko ubu abobasingamateka bame sitwe twabatumye bobatumwe nayareta ya nyangoma kuko abashingamateka bose bakoze ikiringo giheze bose baricaye ntakibazo bateye nibaveyo ntibakiduserukira ntanama yobera murwanda yoha uburundi amahoro

  • EALA irerekany ko ifis abasoma amategeko uko yandits,non uwudashigikiy nkurumbi ahinduka umwansi w’uburundi?ingoran nkurumbi ifitaniy n’aband ntazigir rusangi ku burundi kuk agiy kubogozwa arko u burundi buzoguma buhangamy

  • EALA nikomere kwibanga bo barazi amategegeko ico ari co kandi bakayagendera ndabakeje.

  • Jewe ndi NYABENDA Pascal noca ntanga imihoho, yiifuza gusubiriza abashingamateka ba EALA hanyuma baravya baramuvuguruza! Araburaniwe pe!

  • Mbega uwugeze muriyo namanshingamateka ya EALA yemerewe kwigumiramwo igihe ashakiye cose mugihe ntakosha yayikoreye? Mbega uwuyirimwo igihugu avamwo ntabubasha kibakikimufiseko canke amategeko yomugihuguciwe ntaco abakimubwiye? Mbega umukuru winama nshingamateka wu Burundi yabatumijeko nkumukuru wumugambwe canke nkumukuru winama shingamateka yu Burundi?

  • ariko muragerageje kurwanya nkurunziza kweri
    abo se baserukira imigambwe canke igihugu?
    nigute mwanka ko bunvira igihugu bavamwo?

    ntabwo imana izobemerera kurwanya umwana wayo mumubonera yatowe nabanyagihugu.
    let me give you tips :
    the only way to remove nkurunziza is to "MAKE HIM SIN" and stop him to pray and fast then you can attack ,otherwise now you are wasting your grenades .You should sell them to boko haram.
    There is a difference between spiritual Christian and religious Christian.
    nkurunziza is a spiritual Christian and i know that real Christian knows what that means.
    the more you hate him the more god hear his cry on his hidden place where 1/4 of bujumbura want his blood just because of right 5 years. I never feel like i live in the bush !!
    Nkurunziza might hold the unity and peace of burundi
    In Cndd -Fdd There Are Hutu Extremist Too Different On His View.
    Plus Extremist Tutsi Group Sinduhije ,Plus Belgium, Plus Usa Eu Kagame.
    He just live by faith and he will see his justice come true.
    WE PRAISE YOU ALL MIGHT GOD IN JESUS NAME AMEN

  • nibazako batazi ivyo bakora kuko EAC irabemera niyagira ico ibaneguye izosaba uburundi babarungikire abo bashaka kurungika nibazako bakeney gufata jeremie kubera atemera ikiringo ca petero nkurunziza kurivyo hagararira ukuri murekane nakokarw kinkorabara

  • NTAKUNTU WAYOBORA IGIHUGU GIFITE IBIBAZO NKIBILI MUBURUNDI NGO UGIRE MUMUTWE HAZIMA. NKUBU NKURUNZIZA BYARAMUCANZE . YIBAZA AHO YAHERA NGO ASYHIRE IBINTU KUMURONGO BYAMUYOBEYE. KANDI AZI KO ALIWE WABITEYE . NTAKUNTU YARYAMA NGO ASINZIRE .IGISIGAYE NUKUBA ICYIHEBE.

  • At Lili, rindira gato Kagame wawe wewe bizomuyangarane incuro zirenga indwi kubiriko birabera mu Burundi, mbega wobawibuka igihe vyatuyangarana mu Burundi 93 murwanda hari amahoro ashemeye gusumba ukobimeze uyumusi, ndashaka ndakubwiyeko kumwaka wakurikiye wa 94 ibibi vyabereye Burundi 93 mu Rwanda vyaciye vyikuba na 7 mukubabibi gusumvya uburundi. Uyumusirero woreka kwishima kubarundi ngovyabayangaranye kuko nyuma yumwaka ibiriburundi bizobavyageze kwa Kagame wawe bizomuberabibi gusumba ibibaye kuri Nkurunziza incuro 7 ibintacushobora kubihindurako cankenanjenyene ubwanje. Gusa kubera abanyarwanda 98% batariko baranezereza ibiriko birakorerwa abarundi nuburundi twiteguye twebwe abarundi kuzobabahafi igihe ivyovyago bizobabishitse ubonako mukanya isase muzobamwashitse Burundi mungana ibihumbi nibihumbagiza muricogihe nihohazohanagura ukwikekana kurihagati yabarundi nabanyarwanda ntanigihekinini muzomara mubuhungiro mudatashe guherubwo abarundi bazokwishira bizane murwanda abanyarwanda nabo bishirebizane murwanda kuko umuhutu womuburundi ntazosubira kwitwa Interahamwe kuko uwudandaza iryozina ryinterahamwe mumakungu azoba yamaze guhabwa gasopo nabatutsi nabanyarwanda nafatikanije nabahutu nabanyarwanda nabatwa basemerere babwiramakungu ngo icaricaratumye twama twateranye amajambo nibihugu bibanyi catorewe umuti maze ibihuguvyose muzobona vyiruhutsa nayamakunguyakure azocatangazwa nubusabane buciye kwibonekeza mukarere canecane kibiyaga binini. My friend Lili do you understand what I means? Or do believe me? If not do worry the time will show correct situation s.

  • hahahaha lili uransekeje sana ahubwo yabaye umujanjawidi president utazi gufata ibyemezo uwo numuntu!! ahubwo bakirirwa badusakuriza , agasuzuguro basuzuguye sezibera nibarindire baraje nabo bakabone ubwo barashaka gutanga imbonerakure muri EAC! baribeshya cyane tuzareba , barundi mutuze suko bakina politique .uwo mwobo Peter yihishemwo azawukurwamwo nka bin laden .

  • wowe wiyise none reka nkumbwire Imana iratuzi kandi aho twavuye turahazi nibibi urwanda rwaciyemwo turabizi imyaka twamaze mubuhunguriro nayo turayizi iyo minsi utega u Rwanda nabanyarwanda ntayo uzabona kuko ntamabi azongera kuba nkayabaye 94 , kandi twitegute no guharanira amahoro dufise Wenda nubuzima tuzabutanga igihugu cyacu kigume gisugira , twahagaritse genocide ubwacu nta munyamahanga urimwo ninkuko tuzakomeza kwirindira ubusugire bwigihugu cyacu.

  • wowe wiyise none reka nkumbwire Imana iratuzi kandi aho twavuye turahazi nibibi urwanda rwaciyemwo turabizi imyaka twamaze mubuhunguriro nayo turayizi iyo minsi utega u Rwanda nabanyarwanda ntayo uzabona kuko ntamabi azongera kuba nkayabaye 94 , kandi twitegute no guharanira amahoro dufise Wenda nubuzima tuzabutanga igihugu cyacu kigume gisugira , twahagaritse genocide ubwacu nta munyamahanga urimwo ninkuko tuzakomeza kwirindira ubusugire bwigihugu cyacu.

  • ndatangay kweri mbga abantu birigwana amabibiria batanayasoma canke reka ndabasomere igitabo paur yandikiy abaroma ikigabane13 havugwamwo ngomwubah abaganza kuko atakuganza kutava kumana kandi nguwugabagabiye uwuganza abagabagabiy icagezwe c’uhoraho non abo bashingamateka ababarungitse sibobababwiye ati garuka bakaba ataribo babarungitse nibabarek akabaribo babarungitse nibaveyo, Eala nayo yakira icobayihay siyo yiha kand irihokubwibihugu mugabo ibihugu ntibiriho kubwayo urabawumva maguru bura gutambuka niwubwigwa mpanure abirigwa barabeshesha Imana ngo igiye gukora ibinibi kugihugu ndababwiye nti puuuu kurububeshi wew nyamba mwankanye nanaka ntacikora kubwiryo shavu ryaw nguryawanka birya bibi umugombako nguzobona iza kubimurundako oho ooo suko ikora ntikorera kumashavu yabana babntu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.