Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka yateguye ikiganiro kw’irungikwa ry’abasirikare ba UA mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yateguye ikiganiro kw’irungikwa ry’abasirikare ba UA mu (...)

Inama nshingamateka yateguye ikiganiro kw’irungikwa ry’abasirikare ba UA mu Burundi

lundi 21 Kigarama 2015

Inama nshingamateka y’Uburundi iraremesha ikiganiro cugururiwe bose kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Kigarama 2015,mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

Intumbero y’ico kiganiro ni gushikiriza ivyiyumviro bitandukanye ku mugambi washikirijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika wo kurungika abasirikare mva makungu boza gukinga no kubuza ko amabi abandanya akorwa mu Burundi.

Uwo mugambi utegekanya irungikwa ry’abasirikare ibihumbi bitanu barungitswe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryahaye Reta y’Uburundi iminsi ine kugira ibe yemeye irungikwa ryabo basirikare,bitabaye ukwo igafata izindi ngingo kugira uwo mugambi uje mu ngiro.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Turabakeneye Baducungirumutekano Turarushe Nayamafranga Batwaka Ngonayoguha Imbonerakure Ngozicungutekano Ntanayotwifitiye Ubonubuzimabwaranse Ibujumbura Bacasongintere

  • mbega abobasirikare nabiki?turiteguye gufasha l’ETA mukugwanya abazoba beteye,uburundi.

  • Jewe ndahanura aba CNDD na NKURUNZIZA bareke kwitwara nkinyeshamba,kubera nibakomeza kugagaza ntibazomenya uko vyabagendekeye.

  • Barundi aho hantu muhitonderer muvyige neza . Kuberiki iryo shirahamwe rishaka gufata ingingo kunguvu ? Iyo uhaye urondera defaut muri installation utegerezaw kubanaza kumenya la cause . Konumva ko hoba haringabo zurwanda zoba zinjira gutera uburundi ntibazohava bacabikika mukiza ? Non ho UA irasumba ONU ?

  • UBUGABO BUZIRUBWOBA NIMUREME TUZONESHA

  • ntazo.dukeneye.izonteko.zije.leta.nitwigishe,imashini.twesi.tuze.tuzivune

  • Zana Tubakerere Jewe Ndumwe Nzica 50 ntanuwo kubara inkuru azosigara

  • ikibazocabarundi nicabarundi ubwabo abibaza ko kizo torerwa umuti nabanyamahanga nibateswebate abarundibumutima turimaso

  • reta yuburundi niramuka yemeye abobasirikare kuja mugihugu ntakundi igihugu kizoba gifashwe, nibabanze bazirungike murwanda, abarundi turavyiyamirije

  • Uburundi burimwo abagabo, abicanyi nabo bihaye amashamba muribo abatari bake barirwa barayenzera basegerereza imikate mu bihugu vya Buraya na Amerika.

  • nibaze ahubwo baratevye

  • Mbega Igihe Igisoda Cica Umukuru W’igihugu Yari Yitorewe(1993) Kikarigita N’isinzi Ryabanyagihugu Bari Bamutoye,izo Nteko Ko Zitaje Gutabara?Nuko Abariko Baricwa Batari Abantu?Ubuho Bashaka Kuza Gukora Iki?

  • Mubareke baze babone ko hari amahoro basi!

  • Abobasonda ni baze kugira bacungere umutekano wa banyagihugu. reta ikanka bizokurikira bizobe kugatwe kabo;

  • Haahaa! Mbega ubu niho bibutse ko u Burundi bukeneye abasoda bo gutabara? Kuva u Burundi bwikukira igihugu camye mu ndyane abantu bapfa abandi bangazwa, atacamira kugeza naho bageze ku rugero rwo kwirahira umukuru w’igihugu yitorewe n’abanyagihugu , ico gihe cose barihe ko n’ababiko nubu mu Burundi aribo bica bagakiza atawurabakoraho? Barangije bazana bwa buriganya bwa Nyerere na Mandela ngo batuzaniye aba Sud Africain bo ku kurinda amahoro, naho bazanye imihimbiri yo kwirigwa irepinga abagore n’bakobwa, n’ayandi mabi atavugwa. None abo nabo n’abiki? Niba mu bihugu iwabo babuze ico babakoresha, nibabajane aho imvura igwa baje kurima nakare muri africa mu biteje umutekano muke n’inzara irimwo.

  • nibateshwebate uburundi nigihugu cigenga

  • mbega murikwihora? ni dangerous gusa muri gushikana uburundi habi uwakoze ibara ni Buyoya wagurishije u Burundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.