IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yiteguriye gushira mu mategeko ibizova mu (...)

Inama nshingamateka yiteguriye gushira mu mategeko ibizova mu biganiro

vendredi 24 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushingamateka Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi avuga ko uruhara rw’iyo nama nshingamateka y’Uburundi mu biganiro biriko bihuza Abarundi, ari ukurindira ko ivyo abari muri ivyo biganiro bagira ico bashitseko, kugira inama nshingamateka ishire mu mategeko yubahiriza bose ivyo Abarundi bazoba bahurijeko.

Mu mubonano yahaye kuri uwu wa kane intumwa z’urwego rujejwe umutekano n’amahoro mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, Pascal NYABENDA yasavye ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryofasha kugira ivyo biganiro bigende neza, Abarundi bagire ico bashitseko, na cane cane mu nzira y’ugutegura amatora yo mu mwaka w’2020.

Umushingamateka Pascal NYABENDA amenyesha ko ivyo biganiro vyose bishobora kubera mu Burundi ku bantu ataco biyagiriza.

Nk’uko Reta yabimenyesheje, n’inama nshingamateka y’Uburundi ivuga ko igihugu c’Uburundi kidashobora kuganira n’abashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.


IGIHE

Messages

  • NIMUGANIR NABOS NIHAMAHORO AZOBONEKA

  • Murabesha mwanka mwemera mutegerezwa kuganira, nabahisemwo kurwanira amategeko yu burundi. Nayivyo mwivugisha ngo ibiganiro bibere ngaha muburundi ! mbega ngaha muburundi nahantu hokuganirira ? mushaka abo mukerera amazosi, cakagatatu, rwabagovye gutembagaza ubutegetsi ? ntabutegetsi bwariho, kwarukwirukana ivyaduka vyabigira abategetsi bataribo, nabugingo nuyumusi ntabutegetsi buriho bukwije amategeko. nayivyo muvuga nugutumutwe, mukirundi ngo ikererwa ya bira.

  • Ejo buca muhava, aho muri hari abandi mushingantahe Pasikali Nyabenda! Imigambi y’Imana isumba iyanyu, muzi ibihe mumaze ntimuzi ibihe musigaje! Mushaka kwitegurira kwica n’ukwiba muri 2020? Muteye isoni!

  • Imana.Ihezagire.Iyvo,biganiro

  • Mwebwe mwese muvuga ngobaravako mubazigake aba CNDD FDD! Abomumahirwe nomumagorwa bazokoneza kubacamwo kandi mwarababonye, murababona, kandimuzokomeza kubabona, uwutabazi niweyovuga mwenutwo tujambo twanyu twokwiremesha.
    Mbemwobamumaze kwunmva aba DD akajambo bakunze kuvuga kitwa ngo BACEMWO! Nimbamunaze kukunva murazi icogasigura?
    Nambamutazi icogasigura nicogituma usangamwiremesha muvuga ngobuca bava ah’Imana yabishoboye!? Icimana yamatanije ntihakagire uwushaka kukimatura.
    Mwitonde kuko abashaste kubikora mwarabonye iyobageze birukanka ubu ibirenge biramaze kubashuhirako.
    Iyomuriye mugahimba mwivyobihugu mubayemwo muzemuhimbaneza canke umbere yokwandika ivyomwandika muzemubanza mutubaza twebwe tubanye nabo tukaza turumviriza imigaboninigambi yabo kuko dusanga bafise amayeri meshi ashobora kubashika nka 300 kugerubu baravugako bamaze gukoresha ayashika nka kimwe ca gatatu.

  • abantu bamaze kuyinga. bitumwe nuko batashitse kucobifuza cogukamisha ibiziga nico twokwita ihonyabwoko, ryari gukurikira canke gukorwa leta yashizweho na kudeta, NONEHO IMANA YARAVYANSE. kubera umunoho wubutegetsi. mufise.

  • Murabesha iminsi yanyu iraharuye ba murimba mwigera.

  • NTAKUGANIRA NAMUJERI KOMERA INTAGOHEKA TURAHANGAMYE BWISINDUMUJA NTANTAMBWE BUZODUTERANA

  • nukuganira nivyo bizokiza igihugu

  • AMAHORO niwo mutahe w ’ Abarundi uvuye mu matora kandi bubahiriza abanyagihugu , nibo bafise ijambo rya nyuma .

  • Impebo yumwana ipfa mumagodoka nyabenda atangura neza agaheza nabi nkubu ibintu vyose vyiza wariwashikirije biciye biba impfagusa kubera ivyo usozereyeko ntakimazi nakimwe bifise mbere ngaho vyarigusumbwa nuko winumira

  • Nyakubahwa NYABENDA, nimubanguke kwakira ivyiyumviro vy’ABENEGIHUGU mwongere mubishiremu ngiro, tuzoheze turabe ivyo abatinya amatora basubira kwitwaza. Ndindiranye igishika umusi Abarundi twarwaniye kandi dukunda demokarasi tuzovugira rimwe tuti:"Adieu la question des mandats présidentiels au Burundi"!!!

  • Mbega ni kuki iciyumviro canje mutagishira ahabona? Ntimusamare!!

  • Ariko turagushigikiye nubwo birukwo kuko ntanahamwe kw’Isi uwashatse gutembagaza ubutegetsi bwitorewe nabenegihugu yigeze acahamagarwa ngwaje mubiganiro ahubwo arafatwa agashikirizwa ubutungane.

  • murihutishwa niki mwabaye muretse tukaza tukabamena, none nayayandi abafaransa bahembaga interahamwe ntayo muzabona uburayi bwacanyemwo bazayafashisha inzererezi ziwabo zizirukanwa mubwongereza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.