Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingoma y’Ubuholande ishobora guhagarika infashanyo ku Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingoma y’Ubuholande ishobora guhagarika infashanyo ku Burundi

Ingoma y’Ubuholande ishobora guhagarika infashanyo ku Burundi

dimanche 5 Mukakaro 2015

Ingoma y’Ubuholande imenyesha ko ishobora guhagarika infashanyo yahora iha Uburundi,mu gihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yorahirira kurongora Uburundi ku kiringo kigira gatatu,kandi abarundi batarasubiza hamwe.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’ubudandaji no gufashanya mw’iterambere,umushikirnganji Lilianne Ploumen amenyesha ko,amabi ariko akorwa mu gihe c’amatora ateye amakenga kandi ko yatanguye kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza,bimenyekanye ko umukuru w’igihugu azokwitoreza ikiringo ca gatatu.

Iryo tangazo rimenyesha ko infashanyo zahora zishikira muri Reta zizohagarikwa burundu mu gihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yorahirira kurongora igihugu ku kiringo ca gatatu.

Ingoma y’Ubuholande ikababazwa no kubona harabuze umwumvikano hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo.

Umushikiranganji Ploumen asaba Rta y’Uburundi hamwe n’abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi,gukurikiza ivyasabwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,hamwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu ntumbero yo gutora inyishu biciye m mwumvikano n’ibiganiro.

Messages

  • Twarikukiye Amatora Yarabaye Horande Izotwisemba Ntibamere Nka Rwasa Yasaze.Hamwe Nabatutsi Bamogoreye Ubwicanyi.

  • Iyomfaahanyo niyaba tuzoyironka aruko Nkurunziza yatwe uburenganzira bwiye mugihuguciwe, iyoyagiye tuzoryabike ariko umurundiwese agumane uburenganzira, ndavugako agateka kazinamurundi gakwiyekwubahirizwa tugire amahoro. Muzotege tubashizeko agahato ngonimuzane iyomfashanyo kunguvu ahomuzoshakira muzoyizana nubundimwayitanga kubwumutimawanyu ubikunze. Tugiramahoro. Schwarzenegger.

  • naho muzovuga gute amada y abarundi nahaga adasheshe amaraso yabene gihugu mana tabarabana bawe ayamada adahaga atarica ibiremwa vyawe

  • BWARI BWARATEVYE AHUBWO BAZOBA BEREKANYE KWIWABO HARI UMUGAMBI WAMAHORO NIBAKOMERE KWIBANGA BUKOMEZE BUHANURA ICUMVA CUMVE.

  • MBEGA NI GUKI HABA PRESSION IRENZE CANE KURI LETA Y’UBURUNDI MUKWEREKANA KOBAHENGAMIYE KURUHANDE RUMWE RW’ABATAVUGA RUMWE NA LETA? JE NIBAZA KO UBURUNDI BWIKUKIYE, UWORONDERA GUTORA UMUTI W’IBIBAZO VY’UBURUNDI NTIYORONDERA GUKORESHA INGUVU YITWAJE IMFASHANYO ATANGA UBUNDI YOBA ADAKUNDA IGIHUGU CACU! UMUKURU W’IGIHUGU ASHIGIKIW N’ABENE GIHUGU ISINZI BOREKA GUFATIRA KUKAGWI K’ABANTU BATAMUKENEYE GKO BOBA BABOHEYE AMABOKO IMUGONGO ABARUNDI ISINZI BAGASHIGIKIRA ABARUNDI BAKE.

  • N;UBU UMUNYAGIHUGU
    NIWE AHAPHIRA.

  • Sha pita bemez ko vyos ari sawa turab kweli nca nemera kweli cank ko uburundi ata mfashanyo bukeney

  • KWERI MUBURUNDI HARAKWIYE KUBONEKA UMUGABO AHAGARARIRA IGIHUGU AMAZI ATARARENGA INKONBE

  • AHUBWO DUFASHE KUMUGONDOZA KUGIRA AMATORA AZOBERE RIMWE ARATATU LE30/07 NKUKO VYASABWE N’ABAHUZA. AHANDIHO BARAKWEGEYE AMAGOGWA IGIHUGU.

  • Muburundi Namahoro Ahubwo Nimumutere Inguvu Mukumufasha Gutegura Amatora Meze

  • NIBAGOMBE BAREKE KUYITANGA NA NAKARE ABANYAGIHUGU BATOBATO NTITWA SHIKIRWA TUZOMUTORA YONGERE ABATWARE

  • Nukuri Kuba Yarahiye Kuva Kubutegetsi Nugusubiza Igihugu Inyuma Kuko Infashanyo Ziriko Zihagarikwa Nn Tuzoba Abande?Imana Niyikorere

  • Abarundi barayamaze bati ak’i muhana kaza imvura ihise, barongera bati amazi masabano ntamara imvyiro. Ivyo rero tubimenye Kandi tubimenyere; mugabo tumenye Kandi ko Uburundi bwarikukiye Kandi burigenga. Abadukangisha kwugara imfashanyo bahora baduha ngo ni kubera ko hatarangutse ivyipfuzo vyabo ahubwo bari baratevye kuko izo mfashanyo zabo ntibazitanga Ku kazuru gusa ni ukubera ko babifisemwo izindi nyungu. Imana Sebarundi ibandanye rero itugaranzuriyeko ibiganza vyayo iturinde abansi b’Uburundi aribo bansi b’abarundi.

  • Reka kuba mwigira nkabana ariko mwebwe mushaka kwigira nkabantu barira batazi uwapfuye

  • barashakabareke Nakarumugabo Ahimbamazayivomey

  • AHUBWO NIBATANGURE BAHAGARIK KUK KURAHIR NI CASH HANYUMA HABE ICOBAY BIBAZA KO UBURUNDI BWAVYAWE NA HOLANDE.

  • None ko peter yabay intumva...biramusha!!malheur pour nous les citoyens.

  • ubu hollande namba bwizako ari imana y’abarundi!! nibagumye ayo mafaranga yabo nakare twebwe abanyagihugu ntaco nabonako atumariye

  • Ahaa mbe mugukata imfashanyo murinda kuduteguza?Ntituva kwizima igihugu twagicakiye bitugoye. Kugihereza abo basongarere ngabaribo basubira kugitwara kubera mubashigikiy nibazako arindoto.
    Tuzobatwara banse tubamese!!

  • Nivyomwarimwaradutwaye,ntituribbafukamre.Shakemureke.

  • None infashanyo zihagaze uburundi ntibuzoca buguma mundyane zubukene?niza politique zitarava munzira?yaaaaaa nicuka peee.

  • NAMARAMARE ARBONA KO ATABAMUSHIGIKIYE

  • emma

    horande ubwambere warahagaritse infashanyo yawe, ariko ntamurundi yaje kukuririra none urinda kuturarika kuhagaritse kandi infashanyo kuberiki? shake muhagarike uburundi nubwimana kandi niyo izi uburamuko bwuburundi na barundi.

  • Abakeha bweng nibo batabona ingaruka mbi izo ngingo zos zizogira k’uburundi.

  • Mbe Imana yohezagira Uburundi gute tutacibanga n’abakozi bayo mukubica! Tugire kuba turi abasuma, ababeshi, abakozi b’amahano y’ubwoko bwose duce tuba n’abicanyi b’indengarugero! Wumva Imana yoyo bitoyigora guhezagira abantu bameze batyo! Canke tumeze nka wawundi yica abantu agaca apfukama agasenga ngo "Mana ng’abo abantu bawe ndabakurungikiye" nk’uko umenga Imana yari yabamutumye! Kiretse nimba igihugu cacu abo bagabo baraceguriye shetani sinon akari inyuma Umukama wenyene niwe akazi!

  • Rwagasore azaguharanira intahe yokwijukira yariziko hariho ibintu abarundi bazoca batangura kubura, Nuyumusi kugira abarundi baharanire kugirabagenzi bakorana nkibihungu bitandukanye ariko batarinze kuzabaratamika ijambo abarundi bitegerezwa guharanirwa, urazi ukuntu bibaza iyowaruziko umuntu mufashanya mwubahana ariko wagiraguti ukumvango nibudakoze nkukojewe nshaka ndahagarika urukundorwanje nawe! Ngushake uburimukuri bisabwako ugendera kuvyojewe nshakagusa! Ivyorero birasesemwe biteye agahunda kugirarero tuzobivemwo murabona kobabigize umugenzo dutegerezwa kwemera tukababara na Rwagasore kugira aharanire intahe yokwikukira yaremeye agiranivyo ahomba harimwo nubuzimabwiwe.

  • None? kuburundi bwafashwa nabo hanze uwo mugabo agomba dupfe ariko aranguha amaraso yacu azomwagira nareke abandi bakoreko Mana tabara abarundi bawe.

  • igkuru nukunvkana.nayogkoresha igkeny ntaco vyotmarira.ivyiza nuko yovako atawe ahtanye .ivyataranguy mumyak 1o ntavyoshbra ubu.

  • TUREKE GUTERANA AMAJAMBO KUKO NA NINEWI YARAROKOTSE ABAHO BUMVISE IMBURI BAKIHANA.

  • Ibihugu Vya Africa bibayeho kubera imfashanyo,ntituzorira kuko uwabiteye we abonako 3eme mandat izozana vyose ariko Kubwimana!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.