Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara ya Muramvya irakeneye aboyifasha
Intara ya Muramvya irakeneye aboyifasha
samedi 5 Nzero 2013
Imvura nyinshi icanze n’igihuhusi yaraguye mu ntara ya Muramvya ikaba yarononye ibintu bitari bike.Abategetsi bo muri iyo ntara rero bakaba basaba abagiraneza ko bobagarukirako.
Imvura nyinshi irimwo n’igihuhusi yaguye mu ntara ya Muramya yatumye inyubako z’amashuri,amabarabara n’imirima vyononekara. Abategetsi bo mu ntara ya Muramvya bakaba basaba abagiraneza ko bobagarukirako mu gihe mbere n’amashuri azotangura kuri uno wa mbere itariki 7 nzero 2013.
Ku bijanye n’amashuri, ayatari make yo mu ntara ya Muramvya nta bisakazo agifise kuko vyaguruwe n’umuyaga.Ku bijanye n’uburimyi,buramatari w’intara ya Muramvya Oscar Ndayiziga akaba ahimiriza abanyagihugu ngo bakoreshe ubuhinga bwo gukinga inkukura akaba abasaba kandi ko botera imboga kuko zishobora kubafasha igihe hashitse ibihe nk’ivyo.
Twobamenyeshako ibintu nkibi vyaheruka gushika mu ntara ya Mwaro isanzwe ihana urubibe n’intara ya Muramvya naho nyene ibintu bitari bike bikaba vyarononekaye.
Joel Sengurebe