Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara zitandatu z’Uburundi zahawe ba buramatari bashasha
Intara zitandatu z’Uburundi zahawe ba buramatari bashasha
vendredi 3 Ndamukiza 2015, par
Ba buramatari b’intara baheruka gutera umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza bakuwe mu mabanga. Babiri muribo bakombowe mu gihe bari baranditse amakete y’ugusaba ikigongwe umugambwe CNDD FDD bakomokamwo, nk’uko bari babisabwe n’uwo mugambwe, bikura mubadashigikiye ikiringo ca gatatu.
Muri ba buramatari batandatu bemejwe n’inama nkenguzamateka mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, umwe, ariwe Juvénal Bigirimana yahora ajejwe ivyigwa kw’ishure ryisumbuye rya Rumonge, yahawe intara ya Rumonge iheruka kuvuka, abandi batanu bakaba basubirijwe abakombowe muri ayo mabanga. Muribo, babiri baheruka kwandika ikete ry’ugusaba ikigongwe, nk’uko bari babisabwe n’ubuserukizi bw’umugambwe, kuko bari bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, ariko bikaba bitabujije ko bakomborwa mu mabanga bari bajejwe. Abo ni Daphrose NTWENGAMBABAYE yahora arongoye intara ya Muramvya, akaba yasubirijwe na Emmanuel Niyungeko yahora ari musitanteri wa komine Rutegama. Uwundi ni Richard NZOKIZWANIMANA yahora arongoye intara ya Karusi, akaba yasubirijwe na Laurent Mbonihankuye.
Anselme NYANDWI yahora arongoye intara Bubanza, nawe nyene ari mubateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, yasubirijwe na Niyongabo Tharcisse.
Emmanuel Masumbuko yahawe uburongozi bw’intara ya Bujumbura Rural, mu kibanza cahoramwo Jacques Minani.
Madeleine Bamwizere yawe yagenwa kuba Buramatari w’intara ya Bururi.
Egide Nduwimana
Messages
3 Ndamukiza 2015, 12:55, par ÑÑMON
JE MBONA HASIGAY GUKURWA JEREMIE HAMA PIETER NAWE YIYIMBIRE ICOBO YIYITA NGO ARABONA!SINKUBESHA IVYO AKORA YIMBE YIGERA!!!!!!!
3 Ndamukiza 2015, 12:59, par War man
Hooooo ivyo nibisanzwe kuko nabo batowe buca bahava abari basinye hama bagasaba ikigorwe nibafungwe kuko nabakungu.wemeye democratie utanga amaraso yawe
3 Ndamukiza 2015, 13:04, par rupande
Ahubwo abo baro barasinyuye iyo babanza kubatikura, abasigayebo bagiye rugabo
3 Ndamukiza 2015, 14:06, par minani
ibi ni sawa bizotuma bamenya akazi neza,buriya bariya bacombowe bibabe bararuhuka bazobaha akandi kazi muminsi iza. kuko ntibyumvikana uburyo umuntu asinga ibintu atatohoje neza. reta ni reta si ishyirahamwe.
3 Ndamukiza 2015, 14:21, par kwizera
abo basinyuye ni bampemuke ndamuke babaye ibijora nico gituma babasenyuye burundu niba niryo abasinye mukomere mugize iherezo ryiza naho muntango mwari mwatanguye nabi murabagabo
3 Ndamukiza 2015, 14:39, par rupande
Ewe petero urambabaje so wewe ntubona ko gutwara atari ivyaw iyo utanga igihugu hakiri kare kuko uriko uragerageza gupfundikanya ibidashoboka wewe uriko uvomera murukangaga
3 Ndamukiza 2015, 15:14, par nduwimana
UBWO URUMUSAZI...!URASHOBORA KUVUGA IJAMBO NKIRYO UBWIRA UMUKURU WIGIHUG...SHIRAKO FOTO YAWE TUGUTWENGE.NTASONI KWELI...!!!!!!
3 Ndamukiza 2015, 15:42, par MANISHIMWE Fabrice
Jew ndibaz ari ukubura uko bagira nkabo bagenywe gusubirira abandi ntaco baje gukora nk’uko Minani yabivuz kare, sinarinzi ko politique yohindur abantu ibijuju bigez aharaho. Ni bemer baveko mu mahoro barek gupfundikany utuntu tudafashe.
3 Ndamukiza 2015, 15:47, par kaze
ntscomuvugayamuhe nimurindire ibisokogwa nauahandi muribanyambirakaje nahohazozuwundi mushaka muzoguma murira mujamwibarabara gushika muhwere abobonse mukurikira nimurindire nihagerako bajamubiganiro vyabo umwewese arosaho ashitura ntimuzobimenya muzogiringorane kimwegusa mbabajwe nuwohava ahitanwanintureka mwogira sbandi bakaba ibimuga abandi bagapfugwa kuko uraterakajagari ntumenyukogahera ayari agumavugango arinyumayanyu nawuriko uraborakumubiri beshi baxohura nivyobibazo ngobakeneyimpinduka mutazimpindukaviyariyo haricomiiuvugango rahe rahe ntibazotwarayo abagiye meibarabara bonse bazofata uwabatumye ninacogituma mushamiranye mukicana agapfuye kabazwivu jandabazungubo bskundakajagari katabayeho akazi koba kabaheranye nanabuburundi murabeneza ntimuzirubusa kuberagakuku abojwasinduhije bamqzeyo igihe mukugenda ntiyabasezeye kubera yabonye habavye murabeneza ivyomvuze muzompinyuza kuko ntimuramenya uwuzotsinduwariwe nugukurikiragusa mutanumwanyavwoguhiga ikibabeshaho ayomashirahamwe yonse yabayahakazi abanyagihugu yogabanije ibishomeri mugabo nayonyene nayokurwanyaretaikibazo
3 Ndamukiza 2015, 17:27, par MUNERWA
Nama mpanura abo bagabo ba niryo! CNDD si urutare rutamenwa! Ako kagore Daphrose...! Banza ukanure amaso,ukure ubwo burengeti wambaye...! Ko bagukuye ucupfa, emanga ukuri uteko ukuzirNama mpanura abo bagabo ba niryo! CNDD si urutare rutamenwa! Ako kagore Daphrose...! Banza ukanure amaso,ukure ubwo burengeti wambaye...! Ko bagukuye ucupfa, emanga ukuri uteko ukuzire!
3 Ndamukiza 2015, 17:30, par Ubugaboburihabwa
Cndd-fdd nkuko yama ivyivugira ubu uye haragezaho nayo itera igere ryanyuma ihaye isambagurika nkinkoko! Mbe abo ba buramatare ahaye ahindagura buca igihugu kiramutswa Rwasa afadikanije na Charles azobumushikiranganji wambere aho wumva mudahaye mwigorera ubusa? Asha mubakurf ou bien mureke ico mwomwenya nuko RANAC,Aho bukera izagushayura Ubundi na Alex Sinduhije,Radajabu,Manasse, Pangrasse, na Kadege bose eka najewe buce twihungukira mugihugu cacu camavuka! Ewe peter burya watwangaje turi benshi muga bucumaramara nimbonerakure zawe !urazako urahumc tu wihendayuko tuzokwihanganira ayibambeme.
3 Ndamukiza 2015, 17:50, par Nikuki bonfils
Non ko uwuvuga kukwitoza ubugira 3 kwa nkurunziza bs bahura nibibazo nkurunziza arajaho akarya akaryama ngo namahoro? ikind non CND-FDD karashizingani ite igihuguhu mumanga? ntawundi muntu ifis yo kwitoza?
3 Ndamukiza 2015, 18:35, par zozo
yarahejj kuciyimbira kandi yarapfuy hasigay ikibiribiri gusa ww ubona ivyo akora asa numuntu akiri muzima
3 Ndamukiza 2015, 19:16, par Ubugaboburihabwa
Peter urahumba we nizombonerakurezawe zamaze inzirakarengane buca mushengezwa muri CPI, hama twebwe twese twahunze iyo ntwaro yawe wagahotoro nukuzibiranya abo mugasangiye ivyiyumviro duce twitwahukira mugihugu cacu kuko nakare ntamahoro yumunyavyaha barya ba ma soeurs bishwe mu kamenge ubu Imana iraberekanye.
3 Ndamukiza 2015, 20:08, par jobi
Mwahora muri rimba ngo batera igere ryanyuma kuvyombona namwe mutera igere ryanyuma mucunge ceni gusa ntibafashe kwiba kuko abo bagabo bagiye pe
4 Ndamukiza 2015, 23:08
HAHAAAH!BURUNDI WE,,WARARUSHE PE!PETER RANGIZA NEZA IVYAWE BIRAZWI,MWARAKIGABANYE NIMUGITABAGURE MWABONYE KO MUTABISHOBOYE.ABARUNDI TURANYOTEWE IHINDUKA KW’ITWARO Y’UWO MUNYA MWUMBA
5 Ndamukiza 2015, 06:58, par Patrick
Nivyo ahokuniganwa ijambo worisohora ikiba kikaba,umugabo apfa nkumugabo.ndinyuma yabo baburamatari bakuwe mumabanga kubera kuvugukuri kwabo.natange ahabandi batware,nkaba nshimye kubona RUMONGE yabaye province.
5 Ndamukiza 2015, 12:48, par mukobwajana
Ha nimba yarapfuye nyene kuko nta muntu akunda igihugu ciwe yokora ivyo arimwo ni agahomerabunwa.Ariko ntagire ngo Imana ntimubona
5 Ndamukiza 2015, 20:46, par vuganeza
Uyo yiyita munerwa si umurundi,bica bibonekea naho ugerageza kwandika ikirundi,naho woba uri umurundi nyoko si we kuko nta ndero ufise,je veux dire indero y’ikirundi,hari amajambo adasohoka mu kanwa k’abarundi n’abarundikazi nico gituma twitwa abapfasoni!
18 Ndamukiza 2015, 07:58, par jean claude harerimana
Mbere mwe sinzi uko mwabaye?urutaro ruragosora,mukabandanya muhambira Inkambi ahatagira igisebe?azobatwara,yongere abatware,turamukunda,nubu muze mugatumba mwirabire.cndd-fdd rambaaaa!!inkon ntiyaruzw,kirazira,ndets yaratsimbataye!
9 Myandagaro 2015, 19:53, par jerome
NIVYO NIBAKURWE NABANSI BAMAHORO
21 Gitugutu 2015, 19:36, par NDUWAMUNGU
JEWE ICO NOBIVUGAKO NUKO YESU KRISTU YATWITANGIYE KUMUSARABA KANDI YAVUZE KAGIYE KUDUTEGURIRA AHACU NGAHAZOBA NATWE NIHO TUZOBA MUKUNDANE NKUKO YADUKUNZE YESU ABAHEZAGIRE