IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’intara ya Kirundo zigiye kuganira n’abanyagihugu bahungiye mu (...)

Intumwa z’intara ya Kirundo zigiye kuganira n’abanyagihugu bahungiye mu Rwanda

mardi 14 Ndamukiza 2015, par Egide N

Intumwa z’intara ya Kirundo zitegekanya kugira urugendo kuri uwu wa kabiri ruzishikana mu gihugu c’Urwanda ahasanzwe hari amakambi y’impunzi z’abarundi zivuga ko zahunze umutekano muke wibonekeza mu Burundi. Izo ntumwa zizoba zijanywe n’ukubandanya gusaba ko abo banyagihugu ko bohunguka.

Ibiharuro dukura mu ntara ya Kirundo bivuga ko abanyagihugu bamaze guhunga bagera mu bihumbi bitatu, bakabandanya kwiyongera, benshi muribo akaba ari abari basanzwe bari mu makambi y’abateshejwe izabo muri Gitobe, Rusarasi, Rutabo, hamwe na Gikurajoro. Muri abo hakaba hiyongera n’abanyagihugu b’i Gaharo na Nyarunazi.

JPEG - 21.4 ko
Reveriyano Nzigamasabo, Buramatari w’intara ya Kirundo

Buramatari w’intara ya Kirundo, Reveriyano Nzigamasabo, amenyesha ko ivyo bitigiri vy’abahunga biriko biragabanuka agereranije n’iminsi iheze, akavuga ko abo bahunga bagabanutse kuva aho batanguriye kubahagarika, bakabasigurira ko umutekano ukwiye, bakabasubiza inyuma. Reveriyano NZIGAMASABO amenyesha ko abandanya amanama yo kubasigurira, bikaba mbere bitegekanijwe ko kuri uwu wa kabiri intumwa z’intara ya Kirundo zisubira kwishikira ahari ayo makambi y’impunzi z’abarundi, kugira babandanye kubasigurira. Izo ntumwa zigendayo mu gihe umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yishikiye aho mu Rwanda kuri uwu wa mbere, agiye kuvugana na mugenzi we w’Urwanda Paul Kagame. Muvyo baganiriye, n’ico kibazo c’impunzi z’abarundi kikaba kitasigaye inyuma.

Abo banyagihugu baramaze kuvuga icokorwa kugira bahunguke

Mu gihe umukuru w’igihugu aheruka gusaba ko mu kwezi kumwe abo banyagihugu boba bahungutse, abo bemeza ko bahunze kubera umutekano wabo babona ari muke bamenyesha ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibeshe, kandi yihuse, mu kuvuga ko mu kwezi kumwe boba batashe. Abo banyagihugu bati : "Yari kubanza gutegeka ko ibirwanisho bivugwa ko biri mu banyagihugu bikurwayo, hakajaho n’umurwi wiga igituma abanyagihugu babandanya guhunga igihugu."

Umunyagihugu mubari mubuhungiro mu Rwanda yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, yagize ati : "Twahunze ubwicanyi bwateguwe, kandi bugaragazwa n’inyifato y’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Ubwo bwicanyi bwateguriwe abatutsi, hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi."
Nk’uko uwo munyagihugu yabishikirije, ikiringo cose ibirwanisho vyahawe Imbonerakure batazoba barabibaka, bongere bake indangamuntu n’uburenganzira bwo gutora vyahaye abanyamahanga, ubutungane busubizwe umutamana, habeho ubutungane atari ubw’Imbonerakure gusa, umukuru w’igihugu aheze yerekane neza uko umutekano w’abanyagihugu bahunze ingene uzoba wubahirijwe, ko ivyo vyose bidakozwe batarota bataha.

Ku bw’uwo munyagihugu, kugira ivyo abahunze basaba bishoboke, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza nahamagara amakungu amufasha gukura ibirwanisho mu rwaruka, aheze arungike umurwi ugizwe na Reta, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, amashirahamwe y’abadaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe na Ekereziya Gaturika, basigurire abo banyagihugu, babahe n’ivyemezo ko umutekano wabo wubahirijwe.
Abo banyagihugu basaba ko Reta y’Uburundi yoreka gufata minenerwe ikibazo cabo, mu kuvuga ko bagiye mu Rwanda guca ingero, canke bahunze inzara. "Batwambura akami ka muntu, ukwo nikwa guhonyanga ibwirizwa nshingiro n’amateka mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu. Ntawohunga igihugu ciwe, akangaza umuryango wiwe atagira akimwirakanye."


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibabahumurize bagarukuke ntamuntu numwe yokwipfuriza uwundi kuba impunzi gusa nkabo bibers mumakambi yimpunzi mugohugu cabo nkumbure ataco bari bagifasha birumvikana ko baca baja kuronders aho babitaho kurusha. Ndatangazwa na reta yacu imaze imyaka indwi atantambara iri mugihugu bakemera ko haguma hari amakambi yitwa ngo nayabateshejwe izabo mumyaka mirongo nicogituma bizobagora kuko nimwewabirereyeko mbega abari bahungiye muri tanzania congo nahandi ko batashe bagashikira mumatongo nuko batava amarsso nkabandi futa ayo makambi mugihugu abarundi babe mungo kandi mukuru ubwubujuju bwimboneta kure buj buvuga ivyo butosigurz buteta ubwoba abantu abarundi biberr amahoro .

  • Arikooo,barabemberezwa!Nibabagumizeyo quelques années,mbega ako kazi kose bashaka guha perezida nuko ari umuhutu?Umuhutu ico umututsi avuze ni ganzasabwa naho yoba agwaye amavunja!!Abakozi ba ONU barabonye ko bama baje igihe cose bavugije amaruru,ubu ho rero ni twebwe tuja kuyibazanira!Bariko baducafuza mu makungu et il faut leur remercier!Vraiment,abo la majorité abagabo babo bari aba sans echecs ibigwanisho nibo babifise,mbega barihe abagabo babo,?bibazako tutabona,ariko ntibihende twarabahinyuye !Mbegako twebwe batwomora,tugahunga duhumye,dusize imivyimba inyuma yacu ko ata mutegetsi numwe w’umututsi yigeze aza kuturaba iyo tugorewe?baje naho bazanwa n’akandi!
    HOOOOO!!!bandekere twebwe twarahunga abakomagu batumaze ,twagaruka bakadutwenga ngo turi amafuku,nukuri uturirimbo twabo ngo turi bake turi bez,turi abaziraguhunga,turi abo kwa ntaganya,sinzopfa ndatwibagiye,kandi nkumva nivyo.
    Mbega abanyamurenge batumariye imyaka mu gihugugu,baratumariye muri congo ,bo ko bataja kwa benewabo mu Rwanda,abarundi nibo baharonkera ihumure kurushabo,icinyegeje muri ivyo bintu kiriho muragaba,bari baramenyereye ivya PAM na HCR!Agatoki kamenyereye gukomba kama gahese!Nta mbonerakure zabatoteteje,uwabagishije uyo mugambi bazoteba babone ko yabahenze,abo ni bamwe badashaka amatora,ngo za transitions,nibo babahenze ,irementanya turaziko ari votre spécialité!!

  • uyu yiyita vuganeza nareke gucafuza abahutu ! abahutu nibeza ntihagire uwibaza kuyo muntu yobavuze ivyo ngo nugukunda ubwoko bw’abahutu nagato ! ahubwo arimuri babakozi ba Rusifeli kandi abo nabo bari mumokoyose n’mahanga yose n’abana ba wamubi(satani)kurizo mpunzi nosaba ko boreka kuzicurira mbere sinzi n’ico bazishakira kuko n’abandi barimubuhungiro nibagende babahungure bahereye kuri Alexis Leonard Pangras Rajabu Manase Ndindi na ba Onésimu nandi benshi bace babaha abasoda ba UA n’andi babacungerere umutekano babone guhumurizwa bitaruko n’abandi barinda kuyanyaga

  • Boshaka bogaruka kuko ntaco bahunga, mbega ko amaradio amwe amwe yahereye mu 2013 abesha ngo imbonerakure bariko baraziha ibirwanisho, ari ukubesha, ko ico gihe ho hatari bwahunge abantu bangana gutyo? uwuriko arabatuma azotinda ahinyuke, ariko le mensonge a de courtes pattes nukuri!
    Kuki hagenda abavuye mu ma kambi y’abadeplacés? nuko bafise uwo birukira!! reka baje kurima ibigori n’imiceri, baje guca ingero uko bagiye niko bazogaruka!! Aho rero bariko bagomba kwereka amakungu ngo mu burundi ntamutekano uhari,bahimvye amahoro none bagomba gusubira kuzana imvururu mu gihugu,, maze berekane ko amatora atoba hameze uko babibesha iyo bagiye? burira nti bishika ku mpeshi!!! ikibajanye kizomenyekana .Nayo kwitwaza imbonerakure, aho bakabaniye uno musi niho bicika? ikindi kandi, mbega ko umugambwe uru kubutegetsi urimwo amoko yose, abo rero bariko barahunga nibo bafise ubututsi kurusha abandi? barahumba,bazotinda bagaruka, kandi amatora azoba ukuri kwamye, ntawuvuma uwo Imana yihereye imigisha ayo twaciyemwo ntitwoyibagira ngo hari uwushaka gusesa amaraso!!!! Ako kabi ntikakabe, abagashaka nabo nibigarure hakiri kare

  • yew ni babareke. ntakundi reta yari kuvuga. hari amakuru naronse avuga umuryango wa nduwimana mu rwanda kuri aeroport hari samedi ou dimanche passé sinameny iyo ariko arerekeza mugabo ngo agiye kurondera ubuhungiro hama agaruke gutamba agaramy kubarundi. nibitaraza bizoza.tubandany dusenga imana isumba systeme DD.

  • Mbega mwebwe muriko mucira imanza izo mpunzi zibatwaye iki ko ari uburenganzira bwabo!!!!. Icishe abantu nuko baja kwinjira mubitabaraba. Haruwo bahitanye ngo abaherekeze? Hanyuma ahubwo uwo munyagihugu yavuze ndamwemeye abanyagihugu baraciye ubwenge. Mbega kobavuze igituma bahunze icambere perezida yari gukora kwari kubabwira ngo abahe ukwezi batahe canke yari kubanza gukemura ikibazo cabatumye bahunga. Mbega abo banyagihugu 3000 bose nibijuju bahunze ubusa? Mugabo manyina ikimuraje ishinga si ubuzima bwabo banyagihugu bazokwicwa buhongo atakibatabara wewe arajwe ishinga n intebe yiwe yugutwara igihugu.

  • Amakuru twahawe n’umuntu yari yinyegeje inyuma y’idirisha mu gihe abo batama bompi bagirana umubonano, yatubwiyeko

    1) KAGAME yumvirije isaha yose irenga NKURUNZIZA amusaba ikigongwe kukuba yarizigiye KIKWETE agasa nk’aho ahevye Kagame kandi ariwe yamufashije kumenyekana mu makungu.

    2) Petero yabajije kagame ico yokora ngo abarundi basubire bamushigikire, Kagame ati irukana Adolphe na bunyoni ukure INTERAHAMWE zivanze n’IMBONERAKURE. Aha peter yaciye AJUGUMIRA kuko ataraziko mugenzi wiwe azi ayo makuru

    3) Petero yaciye ashoka amubaza i banki mpuzamakungu yokwimuriramwo ivyo yasahuye u burundi ariko KAGAME ngo yanka kumuha inyushu itomoye kubugirankana kuko peter yasa nkuwataye umutwe kubera ibibazo bimurindiriye imbere

    4) icanyuma nuko PETER ngo yerekanye KUBURA UBUKEREBUTSI muvya diplomatie aho ngo yacishamwo akarya inzara zo ku ntoki canke ngo akikora mu zuru uko umutima uteye

  • Ega sha babe baretse gutahuka amatora y’umukuru w’igihugu abanze ahere. naho ivya amatora bazotorere i Rwanda kuri Ambassade y’ uburundi canke ambassade ibasange mumakambi batore kuko ni droit yabo. si non les imbonera ziri i Burundi ni Danger (zimeze nk’ interahamwe neza neza). Imana irinde uburundi n’abarundi

  • Mbega abo bategetsi b’abrundi basigaye umengo ntibakimenya ko abarundi bazi ubwenge! kO ICATUMYE BAHUNGA ARI ITERABWOBA RY’IMBNERAKURE , Ubu ko bariko barasesagura amahera y’igihugu yokoze ibindi ngo bajabutse i Rwanda gucura impunzi ? IMBONERAKURE ZATUMYE ZIRARAMIYE AHO ATAWUZIKOMAKOMA ivyo bintu bimeze gute? Politique y’aba CNDD FDD abarundi baramaze kuyihinyura ko ishingiye mu kwica , kwiba no gutwaza umukazo ivyo navyo ntawoba akibisabirako mu Burudi

  • Impunzi nta burenganzira ifise bwo gutora,aho babasanga mu makambi mwibazako ambassade zitagira ibindi zikora?

  • Biteye isoni ko abahunze basaba icokorwa uwundi pirato ngo ni kunguvu!!Bari impunzi ntaco batazi ni mubareke kuko interahamwe mbonerakure zarabagabishije.Bahe occasion yo gutora barabe ko atacohinduka

  • ,ABAVUGA KO VYARI KUBA SAMEDI ,,NI ABADUSAMAZA KUBERA GUHARANIRA AGATEKA KAWE NTIBIRINDA UMUSI UBA UFISE UMWANYA,,,,UWUGUHOHOTERA ARARINDIRA SAMEDI URI LIBRE NTAGUKANDAMIRIZA AHO ASHATSE,,,NYIMBA ABARUNDI REELLEMENT TUBABAYE EJO NI MWIBARABARA,,,ABAVUGA NABO SAMEDI NIHO BABA BADAFISE AKAZI,,,MWEHO NI UKO MUGAFISE,,HARI IGIHE MWANSE KUGWANIRA AGATEKA KANYU NAKO KAZI MUZOBURA AHO MWOGAKORERA

    rero ,,,,,AKA KAMO TUZOKITABA AHO TURI HOOOSE TWIKURE IGITUGU CAKO KAGWI KAGIZWE NABANTU BATARENGA 10 BAPFUKAMYE IGIHUGU MUNDA BIGIRA IBIKOKO UKAMENGA NIBO BARUNDI BONYENE;;;;MES CHERS AMIS,, ON N’ A PAS DROIT A L’ECHEC,,,NOUS SOMMES MEMES PRETS A MOURIR POUR LA CAUSE DE LA DEMOCRATIE ,,, NTA WUPFA KABIRI,,, HAKUBA IMBWA OU UMUJA WOBA IMVA,,,,, EJO INCUNGU ZACU NDANDAYE NA RWAGASORE AKANYAMUNEZA KAZOBASYA,,,, BABONYE KO ABARUNDI IRAGI BADUSIGARANYE NAGUERE TUKIRIGWANIRA,,,,,,CERTES , ILS SONT MORTS PHYSIQUEMENT MAIS MORALEMENT ET IDEOLOGIQUEMENT ILS SONT IMMORTELS ,,,,,,NITEKA NTANGERE KANDI KUBONA ABAHUTU ,ABATUTSI TWESE TUVYUMVA KUMWE ,,,NIBAZE KO NABATWA EJO BAZOSIDUKANA NIYONKA,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,SINZOPFA NEMEYE KWITWA UMUJA

  • @mukobwajana
    Zari impunzi ,effectivement barazi ko kurya ivya HCR vyoroshe ,gusumba kuja kurima,ni bantu de nature basanzwe ari ibinebwe,en plus ntibacibuka gukora no kurya ivyo babiriye akuya,ubu baronse ugwitwazo ngo basubire mu makambi,narwo ni Imbonerakure interahamwe,le mot qui peut les aider àattirer la sympthie de leur hote,ariko twamaze kumenyako ari aba sans echecs babandanya akazi kabo ko mu myaka iheze,nibabarekezeyo;ikambi y’inyuma y’igihugu niyo mu gihugu biratandukanye,bandekere bumve ivyo twabayemwo ku ntwaro z’abahima;ewe Peter sha aho uja kubarondera ushaka iki,bareke,uriko uradukorera nabi,Imana iriko irumva nos pleurs,abatutsi b’abarundi inyuma y’umupaka,HIHIHiiiiiiiiiiiii,mana ha iruhuko ridashira abavyeyi bacu,incuti,abagenzi bishwe urubozo abandi bagahambwa babona nabo bahunze,mana bandanya uberekeko ataribo mana!!!!!

  • Mbe ko tuzi neza ko n’uwo Nzigamasabo Reverien , Buramatari wa kurundo nawe nyene yaje kubutegetsi avuye mubuhungiro, ninde yigeze amutangira ngo ntahunge?? None nawe igihe yahunga yari yahunze inzara?? Aka kanya aravyibagiye?? Canke yahenzwe na karya gatebe k’amapine yirwa yicayeko????

  • @nyamitwe wiyita ngaha vuganeza :nyamitwe reka kwigisha amacakubiri mbega abo batutsi ko ubanka urahera kuri nyoko?numugore,wawe?? Aho uzoce ugaruka kurubuga utubwire amacakubiri ?imihimbiri nkawe ituzwe nuguteranya mbabajwe nanyoko wawe yagotse amazi 9 hakaca hasokoroka urutwe rungana nkugo bivuga ko akanyoko ubu kangana nurutwe nguwiyita@vuganeza nabiriye maman

  • @nwari
    Uri ikiroofa,aha turi muri guerre des idées rondera izindi arguments pour convaincre les lecteurs,ivyanje birimwo amacakubiri que j’assume,toi ivyo wanditse wiyerekana ko no kwabira atavyo ushoboye,ça m’éronnerait ko woba ufise igikoresho kibishoboye,ni akarimi gusa!

  • IBARARIRAGUYE!!! ARIKO MWEBWE MUSHINZWE GUKURUKIRANA ABANDIKA KWURU RUHOME RWIKI KINYAMAKURU IGIHE BI, MUBONA MUTARIKO MURADUKORERA NABI KUGUMA MUREKERA ABANTU BAKANDIKA IBINTU NKIBIVYANDIKWA NA NWARI!? NDABABAZE UBIBITUTSI NWARI AVUGA MUBONA HARIHO ICOBIGIYE KUZOKWUNGURA ABARUNDI DUSOMA KWURURUHOME? EREGA HARAHO NWARI ATARIWE BIHARURWAKO AHUBWO BIHARURWA KURIBENE IKINYAMAKURU KANDI NIVYO.

  • @nyamitwe vuganeza : reka ndakubarire tomora neza ureke kubesha ko utavuga uwo uriwe ko uri nyamitwe ///////////???????////////wamacakubiri wewe waru zi ko atawuzogutora kuba umaze imisi wigisha amacakubiri ngaha kurubuga uhinda gura amazina ubu naho uhinduyen izina rya question kugira usabe ikinyamakuru ko cokuraho ivyanje ok kuktukana nukkwigisha amacakubiri kuri wewe niki kibi (Nyamitwe ) reka ndakubarire uri sumirinda kandi wewe ntabahutu ushubora kubesha ngo bakukwirikire ndakurahiye nyoko umviriza ingene bibaza iyo uriko arandika ngaha kubera uhivye ntaco yimena mbega vyukuri abatutsi kuri wewe mwe na Nkuruziza kubere iki mutohera kuri banyoko ko nabo arabatutsi hanyuma mumaze kubagaramika m????????? muce muza mutubwire muti tagara namwe

  • Uyo Muntu Aratukana Pe!Ntawubura Aho Aba Uwa Mbere .Ivyo Yarabinonosoye.

  • @nwari
    Nimba ari ugutukana,tukana,ariko utarinze kwirandura imishatsi, bukebuke usohore ivyiyumviro vyawe.We nwari ntibikworoheye,ubwo mvuze ko ndi uwo ushakako mba,vyohindura iki,Wewe nturi capable yo gukora ikintu nakimwe ,raba neza mu vyo wandika mu mutwe amagorori yarivanze,rero umeze uko,ntawe ushobora gukanga,nta migambi ushoboye .
    jewe sinshobora gusaba ko ivyo wanditse bifutwa car ni icigwa ku basoma,il faut que abantu bamenya ibintu bimwebimwe nk’uko nanje amacakubiri yanje ndayemanga,sintinya ko asomwa,wewe rero nimba ubabazwa nivyo nandika utegerezwa kuba uri mu batumariye abantu bashakako vyibagiranwa,uyo question aho ari aritwengera,singeza kureka kubivuga kuko ntakindi namenye mu myaka yanje yose nabayeho atari ikibi umututsi yanyeretse,kuva ndi umwana gushika ubu,rero abahutu babaja inyuma ndabisubiyemwo sinshakako abana banje bazobaho ubuzima nabayemwo kubera bo,botuma bapfa tukabaheba!!!Ivyo biyutsi vyawe vyerekana ta faiblesse,ntaco bitanga mu vyo twandika hano,certes ivyanje ni amacakubiri,ariko turaziko ahari ntaco yica,comme tu l’as dit ndigisha!

  • Ni Batahe Barindirire Hamwe N’abandi

  • Guhunga Ni Uburenganzira Bwumuntu Wese Igihe Abona Atamutekano Afise Aho Abaye.Kubwanje Numva Bobihoza

  • Guhunga Ni Uburenganzira Bwumuntu Wese Igihe Abona Atamutekano Afise Aho Abaye.Kubwanje Numva Bobihoza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.