Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inzego zikomeye mu giporisi n’igendereza zahinduwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inzego zikomeye mu giporisi n’igendereza zahinduwe

Inzego zikomeye mu giporisi n’igendereza zahinduwe

jeudi 19 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umuhingamo wo kuri uwu wa gatatu wabaye uwudasanzwe mu nzego z’igihugu c’Uburundi. Mu mwanya muto cane, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahinduye inzego zikomeye mu giporisi no mw’igendereza. N’aho ata nsiguro ziratangwa, amakuru wo kwizerwa amenyesha ko bifitaniye isano n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, aho bamwe muri abo bategetsi bamaze kwerekana ko badashigikiye na gato ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.

Général Major Niyombare Godefroid yari amaze amezi atatu gusa arongoye urwego rw’igendereza, yakombowe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/30, bikaba bivugwa ko ashobora gusubirizwa na Général-Major Moise Pasteur Bucumi, ariko bikaba bitegekanijwe ko mu gihe umukuru w’igihugu yotanga iryo zina, inama nkenguzamateka yobanza kumwemeza. Amakuru y’ukwizerwa ariko ataremezwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, avuga ko Général Major Niyombare Godefroid yoba azize urwandiko yarungikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, amwereka ingaruka zizoterwa n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Général Major Niyombare Godefroid yoba yibwiriye ubwiwe Petero Nkurunziza, ko adashigikiye ikiringo ca gatatu.

Mu rukurikirane rw’ikomborwa ry’abategetsi bakomeye mw’igendereza no mu giporisi, umuyobozi mwishikira mu biro bikuru vy’igendereza (Chef de Cabinet du Service National de Renseignements), Léonard Ngendakumana, yakuwe, asubirizwa na CPP Maurice MBONIMPA, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/31. Uwundi yakuwe mu mabanga ni Sylvestre Ndayizeye umuyobozi ajejwe umutekano wo hagati mu gihugu mu giporisi c’Uburundi (Directeur de la Sécurité intérieure), akaba yasubirijwe na OPC1 Gahungu Bertin, akaba yahora ajejwe igiporisi mu karere k’uburengero.

Amakuru avugwa, n’uko hoba hari n’abandi bategetsi mu giporisi, igendereza n’igisirikare boba bashobora gukurikira, hamwe n’abandi boba bashobora gushingwa amabanga akomeye. Muri abo bavugwa twobabwira nka Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza, akaba yoba agira ashingwe kuba umukuru w’igisikare c’Uburundi (Chef d’Etat Major), hamwe na Général Alain Guillaume Bunyoni yoba agira ashingwe kuba umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, agasubirira André Ndayambaje asanzwe ariwe aramutswa gushika ubu ubwo buyobozi. Naho ayo makuru ataremezwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, ibivugwa n’uko ibiriko birakorwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari mu ntumbero y’ukwitegurira ukuzosubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mezi ane.

Inyuma y’uguhindagura izo nzego, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye afata urugendo rumushikana mu gihugu ca Kenya, bikavugwa ko yagiye aherekejwe n’intwazangabo zibiri, Général Adolphe Nshimirimana na Général Alain Guillaume Bunyoni, bompi bakaba boba bagiye kumufasha gusigurira abomushigikira agasubira kwitoza.


Egide Nduwimana

Messages

  • PEREZIDA WACU NAKOMERE MUGUPANGA AKARERE; KUKO ARICO TWAMUTOREYE. IBIZOMUGORA ARADUHAMAGARA TWEBWE ABANYAGIHUGU TUBIMUFASHE KUKO IVYO TWARABIMWEMEREYE!!!!!!!

  • Ibombora bombora hahh muzomarana entre vous le DD NTIMUMBAZEEEEEEEE NTANARIMWE UMWICANYI ADAHEZA NABI

  • Ibombora bombora hahh muzomarana entre vous le DD NTIMUMBAZEEEEEEEE NTANARIMWE UMWICANYI ADAHEZA NABI

  • Mwebwe mubona iyo signature ya perezida imeze gute ? Harimwo utu uuuuuuuuuuuuuuu twinshi n’ibi OOOOOOOOOOO Vyizingurije vyinshi na P3 bagiriye racine carré .... Mbega yemwe...

  • Mwebwe mubona iyo signature ya perezida imeze gute ? Harimwo utu uuuuuuuuuuuuuuu twinshi n’ibi OOOOOOOOOOO Vyizingurije vyinshi na P3 bagiriye racine carré .... Mbega yemwe...

  • Hahahah, Ewe sha Karenzo uratwenza!! Ba murategura kwisoza kuko ibintu vyaranse. Je suis désolé!! Quant àNiyombare, si réellement il est victime de ce qui se dit. Je lui dis bravo. Il sera promu pas le Tout Puissant, s’il le mérite bien sûr. On n’est plus esclaves. Vive la liberté, vive la paix, vive l’Unité, Vive la Fraternité au Burundi

  • Komera kwibanga nyakubawha ugume wizera icabwenge turinyuma yawe

  • Uyumwanditsinawe ibibintu yadukanye vyogukokeza ashushuruhigi yandika avungango afise amakuru yizewe yokurabanabariya muvyukuri turakeneye komuduha amakuru arikwamakuru yokugereranya mukacamuvugango namakuru yizewe ntabwarivyiza kurimwebwemwavyanditse ntanubwo arivyiza kuritwebwebasomyi ekasinavyiza kugihugucanyunamba nkubu abomwavuze kuribinabiriya ngobakoze barikobarasoma ibimwanditse bifashe kumunwa! Amaterefone arikwaracanacanako rekaturindire twumvicemezo bafata.

  • La redaction du Journal Isanganiro dit etre en possession du fameux rapport du SNR que Godefroid a remis au President. Pourriez vous nous le mettre en ligne, SVP?

  • NKURUNZIZA YACANGANIKIWE IGIHUGU GITANDUKANYE CANE NITONGO RYUMU NTU NIMBA AKURA ABA NABARIYA KUNEZA YIWE ATARINYUNGU YABANYAGIHUGU NIGIHUGU NAREKE KK VYARATAYIGIHE.

  • abahindure cankareke gusubira gutwara uburundi kwiwe kwarangiye mbega abobagabo babiri yishimikije nibobazomuterekaho nateswate twarambiwe nintwaroyiwe abandi batembagajwe kubutegetsi bararonka iyobahungi mbega nkurunziza azohungira kwande ? ilah???.

  • Yoooo! Ivyavuzwe bigiye gutaha,mube maso! Petoro nkurunziza,Adolphe naw Bunyoni ntimuhendwe na Petoro nkurunzi, ubundibwo ngo intwerume mugupfa irakoba. Umanika agatu wicaye mukukamanura ugahaguruka,mweho muzogendesha inyo zanyu, ibinyabare vyose Imana yabikurako amabnko bagahbwa imbwa nibisiga bikabirya.
    Something begun half done!

  • jewe nibaza yuko petero nkurunziza yoreka kwitoza kubera hashobora kwaduka intambara

  • Gukura abantu nokubahindagura nkikarata kubamenyereye urukino rw,amakarata baca babona ivyo nshatse kuvuga gucanaga cane ikarata siko gukina neza kandi mumategeko yikarata ntibisigurako uwucanze ikarata abariwe atsinda mucangayi ashobora guterwa ico bita kappa
    Nyakubahwa kucubahiro cawe turagusavye uhava uruha utarakina urukino kandi kanatsinda ntanurukino usigaranye shira ikarata hasi abandi bacange

  • Gukura abantu nokubahindagura nkikarata kubamenyereye urukino rw,amakarata baca babona ivyo nshatse kuvuga gucanaga cane ikarata siko gukina neza kandi mumategeko yikarata ntibisigurako uwucanze ikarata abariwe atsinda mucangayi ashobora guterwa ico bita kappa
    Nyakubahwa kucubahiro cawe turagusavye uhava uruha utarakina urukino kandi kanatsinda ntanurukino usigaranye shira ikarata hasi abandi bacange nkaryoherwa nabategetsi biburundi iyo bategura amategeko yogukura abo badashaka nokwigena no kugena abo bashaka nabobocako mugukora inyungu zabo baca basoma ibwirizwa nshingira bakwerekako rikomeye kandi ritorengwa ariko hageze ingingo zibafata bagaca baba abantu bize ibifaransa vyinsi bakagendana na zakazinduzi noneko ayo mategeko yibwizwa akura abo nabariya akagena abandi natwereke irimurekurira kubandanya yitoza adashizeko insiguro.Twibaze none mwibwirizwa nshingiro ikosa bashizwmwo abaritoye nuko harimwribuza nkurunziza kwitoza?

  • Niyombare numugabo cane kandi numuntu yiyumvira araba akabona nukuri muntu ushigikiye peter
    Ngo niyitoze ntago ukunda igihugu kuko ahobora kuzoba ibibazo numugambwe ukazimangana kandi burya na icc irabarindiriye ntubone batinya rero ntumumushigikire mumafuti mumuta murudubi ngo ihende ryosha amavyi bitajana.

  • Uragahora kunghoma Muvyeyi biragaragara kukeneye kwabandi babaho aho hambere abenshi ntibavyibuka uwubaye umutegetsi yasubirigwa nuko apfuye Fanya kazi muzee watabaki na labuda. Iyo mituragharo yaba bagabo ntachivuze watasema watachoka Uragahora kunghoma Muvyeyi biragaragara kukeneye kwabandi babaho aho hambere abenshi ntibavyibuka uwubaye umutegetsi yasubirigwa nuko apfuye Fanya kazi muzee watabaki na labuda. Iyo mituragharo yaba bagabo ntachivuze watasema watachoka Uragahora kunghoma Muvyeyi biragaragara kukeneye kwabandi babaho aho hambere abenshi ntibavyibuka uwubaye umutegetsi yasubirigwa nuko apfuye Fanya kazi muzee watabaki na labuda. Iyo mituragharo yaba bagabo ntachivuze watasema watachoka Uragahora kunghoma Muvyeyi biragaragara kukeneye kwabandi babaho aho hambere abenshi ntibavyibuka uwubaye umutegetsi yasubirigwa nuko apfuye Fanya kazi muzee watabaki na labuda. Iyo mituragharo yaba bagabo ntachivuze watasema watachoka .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.