Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Apple imwe mu materefone yaguzwe cane uyu mwaka
Apple imwe mu materefone yaguzwe cane uyu mwaka
lundi 4 Rusama 2015
Uruganda rukora ubwoko bw’amaterefone yo mu bwokobwa Apple ruratangazwa ni’ivyabaye mu ntango z’uyumwaka hagati y’ukwezi ka Nzero na Ntwarante, aho amafaranga menshi yinjiye, haguzwe amwe mu materefone.
Uruganda rukuru rujejwe ubudandaji kwisi rw’amaterefone y’ubwoko bwa Apple rwagurishije imiriyoni 61,17, mu mezi atatu gusa. Ku cegeranyo Apple isohora uko amezi atatu ahera, mu mwaka ivuga ko imiriyaridi 58 z’amadolari y’Abanyamerica ariyo yinjiye ni inyungu y’imiliyaridi 13,57. Ivyo biharuro bikaba vyatangaje abantu benshi kuko ari ubwa mbere, mu mezi ya mbere y’umwaka baronse ibice mirongo ine kw’ijana, vy’amahera bahora badandaza mu mwaka wose.
Twobamenyesha ko iryo gurwa ry’ayo materefone ya Apple, ryatumwe cane cane na Iphone 6 yakunzwe cane gusumba izindi terefone zose.
Bill Nkurunziza
Messages
5 Rusama 2015, 19:53, par Jean
NAHO MWAMAMAZA IYO TLFN SI NZIZA NA GATO NI AYABIBONE GUSA, ISHIGIKIYE ABAGABO BARONGORANA,NTIYEMERA APPS NYINSHI NKA ANDROID(KUBERA AMATEGEKO, NO KWIBONA). KUKI IGURUSHA NYINSHI KURUSHA ABANDI? IGIRA PUBLICITE IKOMEYE ABANTU BAKAZIFUZA BATARAZIKORA!!!Abakristu benshi bazigura batabizi,abantu bayikunda nka lux