Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isanamu y’ururirimbo rwatsindiye "Isanganiro Awards 2014" yasohotse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Amasanamu > Isanamu y’ururirimbo rwatsindiye "Isanganiro Awards 2014" yasohotse

Isanamu y’ururirimbo rwatsindiye "Isanganiro Awards 2014" yasohotse

mardi 9 Kigarama 2014

Isanamu y’ururirimbo rwatsindiye ihiganwa rya Isanganiro Awards 2014 rukaronka amahigwe yo kuba ururirimbo rw’umwaka ku nsamirizi Isanganiro yasohotse. Umuririmvyi N John Melodica siwe abonye isanamu y’ururirimbo igiye ahabona imbere y’uko umwaka uhera.

JPEG - 61.6 ko
Jean Jacques Nyenimigabo, N John Melodica na Vincent Nkeshimana

Hari kw’igenekerezo rya 22 Ruheshi igihe umuririmvyi N John Melodica yatsindira ihiganwa "Isanganiro Awards 2014" kubera ururirimbo "Ndasavy’ijambo". Uwo muririmvyi ntako atakoze kugira umwaka uhere ururirimbo rukorewe isanamu. Iryavuzwe riratashe, isanamu yaraye igiye ku mugaragaro. Isanamu yakozwe n’umuhinyanyuzi asigaye abica bigacika mu gukora amasanamu Fleury Pro inyuma yaho Black Arthur yakwa ico gikorwa kuko yagomba gucereza N John.

Fleury Pro yakoze iyo sanamu arishimira ico gikorwa kuko cakozwe mu mwanya mwiza kandi isanamu isohoka imeze nk’uko nyeneyo (N John) yayipfuza. Ibaye rero isanamu ya mbere y’uwo muririmvyi asanzwe ariko akora cane mu muziki w’Uburundi no mu karere kuko amaze gukorana cane n’abaririmvyi bo mu Rwanda.

Raba aha munsi isanamu y’ururirimbo ry’umwaka wa 2014 ryatowe kuri Radio Isanganiro "Ndasavye Ijambo" rwa N John Melodica


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.