IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe AJAP ririyamiriza ubwicanyi bwahitanye Gen Adolphe (...)

Ishirahamwe AJAP ririyamiriza ubwicanyi bwahitanye Gen Adolphe Nshimirimana

mardi 11 Myandagaro 2015

Ishirahamwe AJAP rimenyesha ko ryakiranye umubabaro kandi riteye ivyatsi ubwicanyi bwahitanye Lt Gen Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye igendereza mu Burundi.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe AJAP Eric Nsengimana kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Myandagaro,iryo shirahamwe rimenyesha ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’inyankaburundi zishaka gusubiza igihugu mu ntambara.

AJAP rimenyesha ko risangiye umubabaro n’umuryango wa Lt Gen Adolphe Nshimirimana,igisirikare c’igihugu yakorera hamwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu,aho yarasanzwe akorera imirimo ya minsi yose,rigatera ivyatsi kandi n’iraswa ryakorewe Petero Karaveri Mbonimpa arongoye APRODH.

Kubera ubwo bwicanyi biboneka ko bufise imvo za politike,mw’ishirahamwe AJAP basaba abnyagihugu kuguma bafatanye mu nda bakareka kwihorana,Reta nayo igatanguza amatohoza kugira abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane kandi barengutswe imbere y’ubutungane.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Wiyamiriza wareka wantozo we,ikinywamaraso adolph yaramaze gushika yo,kumwe yica abandi ntitwari tuzi ko azova kwisi.

  • Mwebwe ndabashigikiye kandi jewe namwe nabarundi isinzi twariyemeje gufatanamunda kandi bizotangaza beshi!

  • Hora wa ntozo we,twebwe tubuteye amashurwe ubwo bwicanyi.

  • Nishura Falconi.Mbe Ko Utukana Ngo Abantu Ni Ntozo Uwita Intozo Uwundi Niwe Aba Ariyo Rero We Urumwicanyi Kuko Ushigikira Abishe Gusa Twarabahinyuye.

  • Ndababazwa N’ Umwana Nk’ Uyo Kweli. Kazoza K’ Urwaruka Gwacu, Ntawukazi

  • Mbega yemwe falcon mumuhora iki,mwari mwiteze iki mu kanwa k’umututsi,niko barezwe,imitima yaboze,ahabona baratwenga ,mutari kumwe bose ni ba falcon,falcon bandanya ubambwirire ngira boheba bagaca akenge,bakuzeyeko langage udashoboye kuko uko warezwe nuko wavuze nibareke kugusaba ivyo udashoboye,hihihiiiiii.Imitima yabatutsi yuzuyemwo ugwiri ruruta urwo mu mirima ,hahahahaaaa,

  • Aho iyi mbonerakunya"FIDELITE"yitwengesha ayo namarira,haraho mwari bwabone umuvyeyi apfa abana bagatwenga?kumbe nimbonerakunya zirazi ko ADOLPH yari inkozi yikibi.mugabo imbonerakunya nimwihumurize murahomvye peee!none se ca gisirikare canyu yahora yigisha bizogenda gute?ninde azomusubirira?ko RUTWE yahaze amavoka atavyo yoshobora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.