Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe AJETADEBU ryiyemeje gufasha urwaruka gutegura kazoza (...)
Ishirahamwe AJETADEBU ryiyemeje gufasha urwaruka gutegura kazoza keza
jeudi 22 Myandagaro 2013
Mu bihugu 179 vyo kw’isi, Uburundi buharurwa mu bihugu bitatu vya mbere bikenye. Intambara iri muvyatumye igihugu kidatera imbere. zimwe mu nkurikizi zaciye zikurikira, hari ubukene muri rusangi hamwe n’ubushomeri vyerekanwa n’uruja n’uruza rw’abantu batagira ico bakora cane cane mu gisagara ca bujumbura. Abenshi muribo ni urwaruka rwahejeje amashure ariko rutagira akazi.
Mu ntumbero yo gufasha urwaruka rufise ubuzima bugoye, ishirahamwe ry’imyuga rijejwe gufasha urwaruka gutegura kazoza keza, AJETADEBU (Association des Jeunes Techniciens Artistes pour le Développement du Burundi) mu gifaransa, ryiyemeje gushigikira Leta mu kugarukira urwaruka ku bijanye no kwiyungunganya, n’abo bose bipfuza gutera intambwe mu buzima bwayo.
Ishiramwe AJETADEBU, n’ishirahamwe ataho ryagamiye mu vya politike, rirondera inyungu y’abanyagihugu n’iterambere ryabo. Rikora ibikorwa bitandukanye vyo mu buzima bwa minsi yose. Hari ibijanye no gusudira, guhingura amarangi, kwigisha ibijanye no kwakira neza abantu mu mahoteri, ibijanye no gucapa, ibijanye no gukora umuyagankuba, kwigisha icongereza n’ivy’ubuhinga bwa none, gufotora, gukora ivyapa, n’ibindi bitari bike.
AJITADEBU iteguye kwigisha urwaruka rutagira ico rukora kugira ivyo ruzokwigishwa bize bibafashe kwiyungunganya muri kazoza kabo. Muti none ni bande bagenewe kuzoronka izo nyigisho ?
Ngendakumana Théogene, icegera c’umukuru w’ishirahamwe AJETADEBU yamenyesheje ko haza umuntu avyipfuza wese, abize n’abatize batagira akazi, yaba uwukuze, yaba umwana canke n’uwugeze muza bukuru agifise ububasha bwo gukora, bose barahamagawe. Ni inyigisho zerekeye imyuga itandukanye, ku buryo umuntu wese azohitamwo ico yipfuza gukurikirana.
- Ngendakumana Théogene, icegera c’umukuru w’ishirahamwe AJETADEBU
Ku bijanye naho n’ikiringo bazokwiga ingene kingana, Ngendakumana yavuze, ko bizovana n’ivyo umuntu azoba yahisemwo kwiga. Nk’abazokwiga ibijanye n’ivyo mu mahoteri, bazokwiga ikiringo c’amezi atandatu, bace bimenyereza (stage) ikiringo c’amezi abiri. Inyuma y’inyigisho, bazoheza baronke impapuro z’umutsindo zerekana imyuga bakurikiranye.
Bitegekanijwe ko izo nyigisho zizotangura mu kwezi kugiye kuza kwa Nyakanga, hagati y’igenekerezo rya 10 na 15 umwaka w’2013.
Théogene Ngendakumana yamenyesheje kandi ko mu minsi iza, bagiye gutanguza ishure rizofasha abo badashobora kuronka amafaranga y’ishure mu ntumbero yo kubarinda guca baja mu bintazi no mubiyayuramutwe bibicira kazoza keza.
Kubashaka naho kumenya aho iryo shirahamwe rikorera bipfuza nk’ukwiyandikisha mubazoronka inyigisho, rikorera mu gisagara ca Bujumbura, muma komine ya Cibitoke, Musaga na Kigobe.
Ngendakumana yasavye Leta kurushirizaho kubafata mu mugongo, no kubandanya bahimiriza urwaruka kwitaho ibikorwa vyo kwiteza imbere. Abavyeyi n’abo, boza baregera abana babo, bakabitaho gusumba kugira babarinde kuja mu bitagira ikimazi.
Urwaruka rwokwirinda ibihendamaso, rukiyumvira kuri kazoza karwo, bongere bateze n’imbere igihugu c’abibarutse.
Mariella Bukuru