IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe AMOTABU ntirishima inyifato ya bamwe mu bagendesha (...)

Ishirahamwe AMOTABU ntirishima inyifato ya bamwe mu bagendesha amapikipiki

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe AMOTABU riratera ivyatsi ivyakozwe n’abaporisi, aho bahohotera bamwe mu bagendesha amapikipiki, ndetse bakakwa n’amafaranga.

Ivyo vyabaye igihe abo bagendesha amapikipiki bariko bashikiriza akababakiye insamirizi n’imboneshakure Renaissance. Abo bagendesha amapikipiki mu gisagara ca Bujumbura barabazwa n’ukungene bamwe mu baporisi babarihisha amahadabu ariko ntibabahe ibitansi. Uwutayanze nawe agafatirwa ipikipiki. Bamenyesha ko badashobora kuyatanga, kuko bataba bazi neza nimba ashika iyo yagenewe kuja canke naho ko aja mu mifuko y’abaporisi. Mur’iyo mishamirano yo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Ndamukiza, hakaba harafashwe amwe mu mapikipiki yar’aho.

Uwutwara ishirahamwe AMOTABU (Association des Motards du Burundi), Fidèle Nsengumukiza ku vyaraye bibaye. Yatumenyesheje ko babazwa n’ivyaraye bibaye. Ku bwiwe abo bagendesha amapikipiki baratwawe n’agashavu. Avuga ko ico kibazo cari kubanza gushikirizwa mw’ishirahamwe imbere y’uko kija mu bimenyeshamakuru, bakacigako hamwe n’abo biraba bose kugira gitorerwe umuti.

N’ubwo bir’uko arashima muri rusangi ingene basanzwe bakorana n’inzego z’igiporisi. Ku vyerekeye ico kibazo naco, avuga ko bagiye kubivugana n’inzego z’igiporisi gurtyo kibone kuva mu nzira. Kuvyerekeye amapikipiki yafashwe yamenyesheje ko ata gitigiri cayo aramenya neza kandi ko aza kumenya ivyayo mu masaha ari imbere.


Isabelle Simbarakiye

Messages

  • ABA MOTARDS BARADUFASHA DEPLACEMENTS MUGABO NI BAGIRE ISUKU N UBUMENYI N UBWITONZI///....NUGUKWIZA IVYA NGOMBWA..AMA CASQUES ISUKU SVP KUKO BAMWE BATEYE ISONI ...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.