Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Burundi Farmers isaba Reta guhagarika urudandazwa rwa Stevia (...)
Burundi Farmers isaba Reta guhagarika urudandazwa rwa Stevia mw’ibarabara
vendredi 14 Myandagaro 2015
Ishirahamwe ry’abarimyi b’igiterwa ca Stevia Burundi Farmers basaba Reta n’abajejwe umutekano,guhagarika urudandazwa rw’ico giterwa mw’ibarabara.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa kane igenekerezo rya 13 Myandagaro 2015,Lucie Nzorijana arongoye ishirahamwe Burundi Farmers amenyesha ko,abariko barayidandaza ubu bagize ubwoba kuko Epitace Bayaganakandi yari yemeye kuyibagurira yitavye Imana.
Lucie Nzorijana ariko,araremesha abarik barayidandaza ubu ko batogira ubwoba kuko amasoko ahari.
Mu gihe ishirahamwe Burundi Farmers rifise uruhusha nfatakibanza rwo kurima no kudandaza igiterwa ca Stevia,basaba Reta kubaha uruhusha ntabanduka rwo kurima no kudandaza ico giterwa mu gukinga isanganya ryoba ku magara y’abantu.
Lucie Nzorijana arangiza asaba abayigura kubangira,kuko Stevia iriko iragurishwa ubu idakwije amategeko,kandi hari n’abavuga ko ariyo bariko baradandaza ariko bakayicanga n’ayandi mababi.
Van Naris Mugisha
Messages
14 Myandagaro 2015, 08:38, par Br
@Burundi Farmers: muzane mu Rwanda, STEVIALIFE Ltd iyibagurire canke mufashanye ariko ntibonone abo bagiye kugurisha mubarabara
14 Myandagaro 2015, 12:43, par DEGRATIAS
Shikara mudodora muronke uruhusha,natwe mugabo tuze dushikirwe ntidutahire kuyirima tutayihereza.
14 Myandagaro 2015, 12:45, par DEGRATIAS
Shikara mudodora muronke uruhusha,natwe mugabo tuze dushikirwe ntidutahire kuyirima tutayihereza.
14 Myandagaro 2015, 12:46, par DEGRATIAS
Shikara mudodora muronke uruhusha,natwe mugabo tuze dushikirwe ntidutahire kuyirima tutayihereza.
14 Myandagaro 2015, 13:02, par DEGRATIAS
Nibashishikare kudodora uruhusha ruboneke mwongere mu supervisez urworudandanzwa,mugabo tuzoshikirwe ntiturime ivyo natwe tutihereza.Ntamucumvyi yabwiyimye.
14 Myandagaro 2015, 13:05, par DEGRATIAS
Nibashishikare kudodora uruhusha ruboneke mwongere mu supervisez urworudandanzwa,mugabo tuzoshikirwe ntiturime ivyo natwe tutihereza.Ntamucumvyi yabwiyimye.
14 Myandagaro 2015, 16:00
RWASA Pierre
15 Myandagaro 2015, 20:12, par Etienne
ni mutungany inama mu ntara ihuza abarima stevia mubabwire kwabagurisha bahomba mubereke namwe ko muticaye mugabishe abagurisha kuko amaradiyo si beshi bayumviriza n’abayumviriza haraho babitahura nabi mubaremeshe, mugume musaburuhusha basi musabe leta ibahe uruhusha gwo kugura umwimbumaze kuboneka .
17 Myandagaro 2015, 19:26, par Dieudonne Nge Mkmba-kibago
Reta Nireke Ico Giterw Ca Stevia Gikwire Mugihugu Cose Natwe Dushikirwe Canke Bakibuze Hose