Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ry’ibihugu bivuga igifaransa rikurikiranira hafi ibibera mu (...)
Ishirahamwe ry’ibihugu bivuga igifaransa rikurikiranira hafi ibibera mu Burundi
lundi 7 Nyakanga 2015
Intumwa idasanzwe y’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa Pascal Couchepin,ari mu rugendo mu Burundi,kuva kw’igenekerezo rya 6 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga 2015.
Pascal Couchepin yakoze urwo rugendo mu ntumbero yo guherekeza Uburundi mu gikorwa co kurondera inyishu y’ikibazon ca politike kiri mu Burundi,no kubandanya igikorwa yatanguye mu rugendo yagize kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 7 Ruheshi 2015 mu Burundi.
Urwo rugendo yarugize inyuma y’inama y’umurwi wamaho w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa,yabereye I Paris ku murwa mukuru w’Ubufaransa yemeje ko iryo shirahamwe ryokurikiranira hafi ibibera mu Burundi.
Mu gihe urwo rugendo intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa mu karere k’ibiyaga binini irugize hari ukutumvikana muri politike y’Uburundi,iyo ntumwa izobonana n’abategetsi batandukanye,baba abo ku ruhande rwa Reta,abatavuga rumwe nayo,abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,hamwe n’abafasha Uburundi bari mu gihugu.
Bitegekanijwe ko inyuma y’urugendo,Pascal Couchepin azoshikiriza icegeranyo c’uko ibintu vyifashe mu Burundi,umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw ‘igifaransa.Ivyasabwe muri ico cegeranyo bizofasha ishirahamwe gukomeza ibikorwa vyaryo mu Burundi,no gufasha kubandanya ibiganiro vyotuma hagaruka umutekano mu Burundi.
Van Naris Mugisha
Messages
7 Nyakanga 2015, 18:56, par kayanza siti
umutekano niwose kuko amahoro tuyanwesha urwato ahubwo mutuzanire ubwato abaribwo tuyanwesha ariko naze karibu ayage nabo twatoye
8 Nyakanga 2015, 05:24, par kimwehumwehu
non nkaw usa gutyo wofashiki uburundi?
8 Nyakanga 2015, 05:26, par kimwehumwehu
non nkaw usa gutyo wofashiki uburundi?
8 Nyakanga 2015, 05:31, par kayiran
Mbega Abashitsi Bakirwa N’umuntu Yakubise Coup D’etat Amabwirizwa Yose Agenga Igihugu? Mu Burundi Ntabukiriro Twiteze. Duhamagariye Abarundi Bose Tuvire Hasi Rimwe Turwanye Imbwa, Twogorore Tuve Mw’uy’umuriro Udahera. Tugombe Dupfe Dupfuye. Karibu Twikureko Abamenja.
8 Nyakanga 2015, 07:56, par kariyo
tuzobaheba twivugire igishinwa n’ ikirusiya.
8 Nyakanga 2015, 11:08, par mahoro
ntabiganiro dukeneye muburundi ntanimfashanyo yagashinyaguro dukeneye muburundi imana yonyene na nyakwubahwa pierre nkurunziza barazi ukwo tuzobaho kandi abarundi tuzobaho lazima.