Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itegeko rizokingira abahohotewe hamwe n’ivyabona rigiye kujaho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rizokingira abahohotewe hamwe n’ivyabona rigiye kujaho

Itegeko rizokingira abahohotewe hamwe n’ivyabona rigiye kujaho

jeudi 10 Ntwarante 2016, par egide

Umurwi CVR (Commission Vérité et Réconciliation) umenyesha ko itegeko rikingira abahohotewe hamwe n’amasura ryamaze kwemezwa n’inama nshikiranganji, ko ryarungikiwe inama nshingamateka, mu nyuma umukuru w’igihugu azoce ariterako umukono. Muri uwo murwi bavuga ko iryo tegeko rimaze kujaho bazoca batangura kuvugana n’abahohotewe, bikaba bitegekanijwe ko bazotangura kwumvirizwa muri Rusama.

Clotilde NIRAGIRA, umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane ko igikorwa c’uwo murwi kizoraba amabi n’ivyaha vyakozwe kuva Uburundi buronse intsinzi y’ukwikukira mu mwaka w’1962 gushika mu 2008. Ku bijanye n’amabi n’ubwicanyi vyakozwe mu yindi myaka, cane cane mu ntureka n’ubwicanyi vyakozwe kuva muri Ndamukiza 2015, umunyamabanga mukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi amenyesha ko abahohotewe inyuma y’umwaka 2008 bazokwitura ubutungane, canke naho abatwara Uburundi nibabona bikenewe bakazoshiraho uwundi murwi wiga ivyabaye inyuma y’2008.

JPEG - 27.5 ko
Clotilde NIRAGIRA, umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi

Clotilde NIRAGIRA aremera ko muri uwo murwi bafise ibibazo vy’uburyo bazokoresha mu bikorwa bashinzwe, akavuga ko bariko bakoresha uburyo Reta yatanze, ariko akavuga ko bariko bategura ingene bokoranya abasanzwe bafasha Uburundi kugira babasabe batange uburyo kugira uwo murwi uzoshobore gushika kw’ihangiro wihaye.


IGIHE

Messages

  • n’ahomuzokubitamumutwendibazako atakurikuzovamw’izo ntumvazandandende

  • mushikiranganji,nimusabe,imfashanyoyogushumbusha.abahohotewe, nkabatujijwenigiporisinimbonerakurekuba,bamenyekanyebahejejekwibacankekwica. uwomuryangonubutunganebugatohoza,kandibaritwayebakabura,ikibatunganiriza,bagahakwakwicwakugirabazimangany’ibibibababakoreye.uwomurangokoko,abobazofatwa?kotuzibenshik’arabasuma.!yemwerekandambendabebatampitanyendimubahohotewe

  • ntimuturyoherezekugiraduhungukecanketunyegurukemucemuryoza.tuvyemeratubonye,ivyo,umushikirizamanza,atwerekokokubutunganebukora.Tubibonerekuribamwebarayebishenaretakandibarimuminweyareta

  • banza mugarure amahoro n’umutekano kuko arivyo bikekenewe kurusha.
    mbega abakoze amabi ko aribo bari imbere ninde azobaakorako?
    ndabona bitoroshe!

  • Iyi CVR irindiye imyaka 15 kujaho kandi yari mu vya mbere Leta yategerezwa gushiraho nk’uko biri muri Arusha ubu Peter yihaye ikiringo aciye kubiri na Arusha nibwo agomba kuyishiraho? Canke yarabonye ko azokwezwa kuko abayikorera ni abakorera ubutegetsi mu kwaha. Ibicwa ubu bo barimwo kuko bisa n’ivyahitiye ahubwo ivyo vy’ihonya bwoko arivyo bibandanya?
    Nta gouvernement de consensus ihari. Iyihari iriko irica ituza abasaba ko hoba amatora arimwo bose none iyo CVR n’i’iyimbonerakure, Peter n’akarwi kica abantu kakangaza abandi? Ibi tubona ko ari kwongera ikibi nta ciza kiri muri uwo murwi kuko umwanya si mwiza, abawugize si beza vyunvikana ko n’ibizovamwo vyega abo bahashizwe n’uwabahashize

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.