Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jean Baptiste Baribonekeza:" Iyo abana bafashwe amategeko arakurikizwa" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Baptiste Baribonekeza:" Iyo abana bafashwe amategeko arakurikizwa"

Jean Baptiste Baribonekeza:" Iyo abana bafashwe amategeko arakurikizwa"

dimanche 6 Nyakanga 2015

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH Jean Baptiste Baribonekeza amenyesha ko iyo abana bafashwe n’inzego z’umutekano amategeko akurikizwa.

Inyuma y’iminsi iheze hari abana bafatwa kubera bagiye mu myiyerekano,abandi bagafatwa bagiye kwinjira mu mirwi irwana,umukuru wa CNIDH amenyesha ko abana 51 aribo bapfungiwe mw’ibohero rya Rumonge.

Jean Baptiste Baribonekeza amenyesha ko naho hari abana bagipfunzwe,hari ikigo cashinzwe co kwakira abana kiri mu Ruyigi,muri ico kigo harimwo kandi abana bafatiwe muri iyo ntara bari bagiye kwinjira mu mirwi irwana.

Umukuru w’umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu arangiza ko uwogomba kubitura amarembo yuguruye,aho bakorera mu ntara za Gitega,Makamba na Ngozi canke agaterefona ku buntu ku cicaro kiri mu gisagara ca Bujumbura muri zone ya Rohero ku nimero 22277121.


van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.