IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kamenge : Posita yatewe n’umuriro bitaramenyekana ico wavuyeko

Kamenge : Posita yatewe n’umuriro bitaramenyekana ico wavuyeko

samedi 31 Gitugutu 2015, par egide

Umuriro utaramenyekana ico wavuyeko wateye ahakorera posita (Bureau Postal de Kamenge) mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu. Igiporisi kijejwe gukinga impanuka cihutiye kuzimya.

Inyabwonko imwe, hamwe n’intebe zitaramenyekana uko zingana, nivyo bintu bimaze kumenyekana ko vyononekariye muri uwo muriro watanguye nk’igihe c’isaha zine z’umurango.

Umunyezamu yabonye umwotsi aca atabaza igiporisi kijejwe gukinga impanuka. Ico giporisi nticatevye, ari navyo vyatumye n’ibindi bihande bidafatwa, nk’uko bimenyeshwa na bamwe mu bakozi bo kuri posita yo mu Kamenge.

Tubamenyeshe ko ahahiye ari ahakorera igisata cakira ababitsa «Versement» hamwe n’abarungika amafaranga babicishije mu buhinga bwa Ecocash.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.