IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kanyosha : Amabarabara ageze aho umwansi ashaka

Kanyosha : Amabarabara ageze aho umwansi ashaka

mardi 17 Ntwarante 2015

Amabarabara yo mri komine ya Kanyosha ageze aho umwansi ashaka, ivyo bigatuma n’imiduga yunguruza abantu ija muri iyo komine igonanwa.

Ibarabara riva mu kinanira ca Musaga rigaca ku kiraro c’uruzi Kanyosha hamwe n’ayandi mabarabara atandukanye, ageze aho umwansi ashaka. Ibinogo binini mu mabarabara hagati, hamwe n’amazi ahatega mu gihe c’imvura bikaba biraje ishinga abanyagihugu, aho bavuga ko bashobora n’ukwandura indwara zitandukanye nka malariya n’izindi, kubera ibiziba bitega muri ivyo binogo.

Ayo mabarabara mabi rero, akaba atuma bafise imiduga batinya kuyacamwo, abagendesha imiduga nayo yunguruza abantu, bagahitamwo kuja gukorera mu zindi karitiye z’igisagara ca Bujumbura. Umwe mu badereva asanzwe agendesha umuduga wunguruza abantu, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE.bi ko atoshobora gukorera muri komine ya Kanyosha, kubera hari amabarabara mabi, akavuga ko akorera ku Musaga gusa. Yatubwiye ko imiduga ikorera muri komine Kanyosha ipfa ningoga kubera ayo mabarabara mabi.

Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Kanyosha, bagasaba ko nabone bokorerwa amabarabara nk’uko vyabaye mu yandi maratiye, ndetse bakizera ko amatora yotangura, ibikorwa vyo gukora ayo mabarabara navyo vyatanguye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Twebwe tuhaba ntitukivuga, ubwanwa bwarafutse umunwa!!

  • Abantu muherereye kwayomabarabara mukabamukuze kandimugifise utuguvu mushobora kubamwarasamaye canke mwaragize urwangara rwokwitwararika ayomabarabara, abakuze kugiruruhara mukwononekara mukwononekara kwayo mabarabara nuwowese atakwiyarara igishishwa cumuhwi, igitiritori cikigori, ibisigazwa vyibikaju, amashashe mwasumishije, ibishishwa vyibitoke nivyibigori, ibikaritokarito, nibindi. Ivyovyose imvura iguye iravyegeraniriza ahantuhamwe mumufurege wagenewe amazi mazebimaze kubavyishi bikabana muriwanufurege noneho vyabiziba bigacavyironderera iyindinzira iyoyibdinzirarero niyomubina ngahimwibarabara ryinburutse ikindigihe ivyobizuba bizodushavurira vyinjire nomumazuyacu kutubaza icatumye dukomezaguta ibintukwiyarara bigatuma duhungabana? Murumvako mukwiye kuzamurabwirana canke muhimorizanya kwitwararika kudata ibintu kumbuga ikindi nukuza muratora umusi umwe mundwi mukareba kokumayarara atamyanda ihari nomumifirege yagenewe gucamwo ibiziba, ivyobonogobirekamwo amazinavyo mukamamwazanye ivu/ urucekeri mubizibanganya mubonye bibarengeye mukabwira ababaringoye bakabatabariza nkuko uyumwanditsi yabikize kuko ibibibintu ukobibonekana birarengeye abenegihugu babamwiyimicungararo, arikigihe bazokorera iribarabara muzocenwitwararika kwubahiriza ivyonavabwiyevyose muzocamubona itandukaniro ryiguhe mutaribwavyubahirize.

  • mwiriwe ndababajwe Niko a anti bisamburiraho nki mpene ibarabara iyorihari nabantu baribaho ikindi Niki Niko bari bungabunga iyo bataribungabunze murashaka leta ikore iki nuwobaha kaburimbo mwozica uwutunga ahera kuribike

  • Komine kanyosha harico yononeye leta?nibarabe bayigarukireko.ahandi......

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.