IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kayanza : Abanyagihugu mu ruja n’uruza rwo kurondera ubuzima

Kayanza : Abanyagihugu mu ruja n’uruza rwo kurondera ubuzima

mardi 8 Ndamukiza 2014

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza bakuye amaboko mu mpuzu, mu kwijukira ibindi bikorwa, narirya iyo ntara isanzwe iri mu zambere zifise igitigiri c’abantu benshi.

Mu gihe muri iyi minsi kurima canke ndetse n’isi iguma yaga kubera abantu barwira ku mwanya kumwanya, abagabo, abagore, inkumi n’imisore bose bo mu ntara ya Kayanza, bakaba bijukiye ibindi bikorwa, bishobora kubazanira amafaranga, mu ntumbero yo kuba barabayeho. Ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza, uruja n’uruza rw’abantu, rurerekana ugusiganwa kw’abanyagihugu mu kurondera amafaranga. Yaba abagore canke abagabo, inkumi hamwe n’imisore, bose ubabona bari mu dukorwa tw’ukurondera amafaranga. Bamwe bariko baradandaza utudandazwa dusanzwe, abandi nabo bariko bariruka badandaza ibitandukanye ku miduga irenganye, mu gihe hari n’abandi baba bariko badandariza mu bibanza bizwi, canke bakora imyuga itandukanye.

Clovis Miburo na Terensiyo Nsengiyumva, n’abasore bakora imyuga itandukanye. Umwe akora amapikipiki hamwe n’amakinga, uwundi nawe arashona. Iyo ibintu vyagenze neza, bavuga ko umwe wese ashobora kuronka amafaranga angana n’ibihumbi bibiri. Ayo mafaranga arabatunga hamwe n’imiryango yabo. Abo basore rero, bakaba bavuga ko umwuga mubi ari uw’ubusuma, ari naco gituma bahamagarira abarundi bose, bakibasha kugira ico bahereje amaboko, kuticara, kuko ibihe vyahindutse.

Mukamenya ko iyo ntara ya Kayanza iri mu Buraruko bw’igihugu ku rubibe rw’Uburundi n’Urwanda, uko hari abanyagihugun baja mu bikorwa, ariko hari n’uwundi murwi w’abanyagihugu usanga bateze amaboko, abarengana, abo nabo ugasanga kenshi barwiriyemwo abageze mu zabukuru hamwe n’urwaruka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.