IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Koffi Annan yaneguye ingingo yafashwe na Petero NKURUNZIZA

Koffi Annan yaneguye ingingo yafashwe na Petero NKURUNZIZA

dimanche 17 Ndamukiza 2016, par egide

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Kofi Annan, avuga ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA atari akwiye kurondera kurongora ikindi kiringo kigira gatatu mu mwaka uheze w’2015, kuko bitari bihuye n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Mu kiganiro yagiranye na BBC, Kofi Annan yavuze ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ata kimenyetso na kimwe yerekana ko azokwemera ibiganiro vy’ukuri.

JPEG - 61.3 ko
Kofi Annan, yahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Uwo yahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasabiye kandi umugabane wa Afrika imfashanyo y’amafaranga, cane cane igihugu ca Ethiopia cugarijwe n’uruzuba.

Kofi Annan yamenyesheje ko Afrika isa n’iyibagiwe kubera amaso y’amakungu ari kuri Syria n’ahandi.


IGIHE

Messages

  • Kagame Uvuga Iki Muveko Mutama Wacu Petero%

  • Nukuri uvuzukuri Nyakubahwa Kofi Ann,ikiringo cagatatu Nkurunziza nti cari kimukwiye vyukuri. Kumunegura kuvyo ariko arakora, ntawutobinegura, kuko sibo basa nabamaze gucanganikirwa mumutwe.

  • None ko abarundi bashaka gutwarwa na Nyen’Icubahiro Pierre Nkurunziza, uwo wundi amahanga azotugoberarako tukamwemera ninde? Yewe, intambara zo ziracahari.

  • Koffi,uko ni ukuvovota kuko ubaye nka b’abagabo barwanya UBURUNDI kandi ari ubwabo.Ngo IKIRINGO CA 3?UBWANWA BUTAKUBEREYE WA MWANGUSHI WE!!! Ho guhanura n’urateranya gusa;uri IMBURAKIMAZI pe!!!

  • Kugira ibibazo uburundi burimwo murikigihe bitorerwe umuti harakenewe abashingantahe nabapfasoni bimvuga kuri nka anane iyazakuba ariwe agitwara ONU ikibazo cuburundi kiba caratorewe inyishu ureke kimoon arintirumveko yemerako muburundi bicika ariko akabura ingingo iboneka yofota ngwatabare igihugu iconip Anani nkuko yabivuze nkurunziza ntabiganiro ashaka igisigaye nukumurwanya hakoreshejwe ingumvu amakungu na ONU nibareke kuguma badusaba nibadutangarize kovyabananiye kumuzana mubiganiro hama tumukarabe ntabindi

  • Ohooo Raba Uyumunyacubairo Ingene Abereye? Abana Izimububusizaba d d !!

  • Uyo mutama arashaje narekane Kefa (urutare ) ntagire ingorane, ibuye bagaye niryo ryahindutse irigumya imfuruka @

  • Uwo nawe nibiki?we bandanya uba abacangero babazungu ntakindi,wewe usumba sentare yibwirizwa shingiro?wewe usumba EAC? bamwemeje Naho kagame agomba kuvyivangamwo kubera ubwo buzungu?bumuhenda?iyo ni CNARED iguma itarataza kutabivuze kiriya gihe?na Samanta yarananiwe!wewe tekereza ukiri mumabanga wakoziki kuri Buyoya93?ntiyica agakiza?ku gwanda wakoziki94?reka sha Kadafi intwari ya afrika yishwe urihe raba ukuntu abanyagihgu baho ukuntu bamerewe?kandi kare bari bimererewe neza.umva iyo harumutegetsi wa afrika iyo mukurya ivyabazungu ya samye nabo baciramukanwa ntabwenge bigera bagira .Africa niharambe S.H.Onorable et Commendant Supreme President NKURUNZIZA Peter alias*l’Homme Fort*uyundi ni kadafi abo mumateka muri Afrika banse kurya ivyo batamitswe nabazungu!

  • Uwo nawe nibiki?we bandanya uba abacangero babazungu ntakindi,wewe usumba sentare yibwirizwa shingiro?wewe usumba EAC? bamwemeje Naho kagame agomba kuvyivangamwo kubera ubwo buzungu?bumuhenda?iyo ni CNARED iguma itarataza kutabivuze kiriya gihe?na Samanta yarananiwe!wewe tekereza ukiri mumabanga wakoziki kuri Buyoya93?ntiyica agakiza?ku gwanda wakoziki94?reka sha Kadafi intwari ya afrika yishwe urihe raba ukuntu abanyagihgu baho ukuntu bamerewe?kandi kare bari bimererewe neza.umva iyo harumutegetsi wa afrika iyo mukurya ivyabazungu ya samye nabo baciramukanwa ntabwenge bigera bagira .Africa niharambe S.H.Onorable et Commendant Supreme President NKURUNZIZA Peter alias*l’Homme Fort*uyundi ni kadafi abo mumateka muri Afrika banse kurya ivyo batamitswe nabazungu!

  • Ntanumwe yigeze akunda afrika mubategetsi bitwa ko bakomeye,ehe raba nkuyu?wamaziki ukirimumabanga ya onu?na Obama ariko aricuza kumabi yakorewe libiya! arararota ibiziga vyabanye libiya twibaza ngoturatabarutse ngo turonse abanyafrika! wenawe amaraso yo mu burundi 93 nomu gwanda 94 agukore nahandi muri afrika warihe?murajwe ishinga nuburundi ahubwo ja kugwana na BOKO HARAM na ISLAMIC STED twe turatekereje nihubahwe;SE Hon NKURUNZIZA Peter na kadafi abonibo bagabo batagendera kumabwire yubwo buzungu mwirigwa murasega!

  • Uyomutama Arashaje Misiyose Mwama Muriko Mwifatira Mugahanga Nyenicubahiro Nkurunziza Ngo Yarenzamategeko Amasentare Arenga Kura2 Yaraciy Urubanza None Uzawunva Abasangiyimigambi Natwimujeri Na Twisindumuja Ngo Yahonyanze Amasezerano Yarusha Je Ngomba Ndababaze Ikibazo Kimwe Abasoma Kuriyisite Munyishure Nikihe Gihugu Kwisiyose Gitwarigwa Kumasezerano?Uwugitora Asige Inimero Yiwe Nzomuhagashimwe

  • Infashanyoye yagiye mubizungerezibya etiopiska

  • Bumajije gusaza bwabunye etiopiska. Infashanyo buzayikurahehe att

  • None kwatabivuze kare!!! ubwo uyomutama subusaza bumurembeje?

  • Ukuri kuraryana mwa barundi mwe! Uyo nkurumbi murata muzoba muraraba ejobundi uko bizomugendekera mba ndoga umwami! Muhimbira kwica imfungwa n’abanyagihugu badafise kirengera! Harya ngo perezida wanyu azobandanya arima ama avocats!!! Heureusement que ridicule ne tue pas! Murajujuye gusa nta kindi

  • Nokongerako ikindi . Ncira umugAni iyomburakimazi ,ngo ni KOFI ANANA yahohoze arongoye oni. Nti: UBWANWA BUTAVUGA UKURI BWOPFUMA BUSHA.ahubwo namaramarire hirya. ImbwA yumwirabure wimburakimAzi, agicAsAma agA ciribwA mukAnwA nAbAzungu. Uburundi bwArikukiye sha mutamA tuveko. !!!!

  • Urambabaje wamutamawe , Buyoya hiryayejo ahonwabonana ivyonivyo yakubwiye ngo uvuze? Urasubiriye? Mbega ruswa yaguhaye acivurunga kuntebeyubukuru bwigihugu yisubiriza ntugire icumuvuzeko yobayaraye akwongeye iyindi?

  • Nagomba bwire ako kagabo kiyita Kanuraburakeye, Uwo mushingantahe KOfi Annan uriko uratuka arasumba incuro 100/100 uwo Nkurunziza wi ririrwa urahaya.

  • Ba muza murashir aho intah ishiz umunyakab mumufata nk’umunyakab kugir ngo abamur inyuma ntibaz bateshw mu manga,ni nawo muti w’inzir yo kwigaya.

  • do u know well burundian constitution than burundians or than the world? because everybody even the literate ones as u agree burundian state except u; what do u want in burundi? do u wish to advocate burundian peaple? look out because u are mistaken; then burundian peaple has just shown their wish in elections;so,where were u?

  • Abiyita ngo bahagarariye amasezerano nibo bayanka agishirwako umukono. Ubu rero hageze ko bayakunda ariko ntasumba ibwirizwa nshingiro. Mube murototwa natwe twitegurire 2020, muzotsindwa kandi nka kwakundi

  • Izimburakimazi Zose zivuga ayamuhe zisazwa n’ukuri uwu mutama yavuze zimenyeko murizo ushizemwo nuwo shebuja wazo zimenyeko atanumwe murizo ungana n’imbwa yo murupangu rwuyu mwubahwa

  • Enkurunziza,ahanturatahura,abobosibiyandikisha,ngobahaye,bakuvugira,namacarya,nawewitwazuboko,rekakwitwaza,ubuhutu,vugavyowakoze,nayotwebwa,bahutu,warasobanuye,utari,m,dede,ntumerekwa,ahonihovyakunaniriye,nahowosengante,nashetanubu,arakugaya,ntibakureka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.