IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kongo-Brazzaville n’Uburundi bagiye kunagura ibisata vy’ugufashanya

Kongo-Brazzaville n’Uburundi bagiye kunagura ibisata vy’ugufashanya

dimanche 28 Mukakaro 2013

Inyuma y’aho igihigu c’Uburundi n’ica Kongo bigenzuriye ukwo imigenderanire yabo yifashe mu bisata nka vyose, bakabona aho hari ivyagumye ku ntambwe nziza ndetse n’ahandi bitagenze neza, ivyo bihugu vyose ukwo ari bibiri bikaba vyiyemeje gusubira kuvyura iyo migenderanire na cana cane mu bisata bikurikira :

-Gutanga ubwisanzure bw’ibintu n’abantu: Kuva mu kwezi kwa Gitugutu kw’uyu mwaka hazotangura gukora indege izoza irava i Bujumbura ija i Brazzaville, nk’uko vyizwe n’abari muri iyo nama. Abahinga mu vy’indege n’ugutwara abantu n’ibintu bakaba bazotangura kwiga vuba, ivya nkenerwa kugira ivyo bishirwe mu ngiro. Ikindi kandi, ni ukwo hagiye kuzirwa uburyo hoba haratangwa za murekarengane, mu gihe ivyo bihugu vyose ukwo ari bibiri bitoba birugurura inyubakwa z’ababiserukira.

Mu gisata c’uguhanahana ibidandazwa naho, ivyo bihugu vyose vyarumvikanye ko kuva mu mwaka w’2014, hazokoranira inama i Brazzaville iziga ivyo bohanahana ndetse kugira n’intambamyi zohava zihaba zivanweho. Iyo nama ikazohuza ubushikiranganji bw’ubudandaji n’ingenzi n’abahinga mu vy’ubutunzin b’ivyo bihugu vyose ukwo ari bibiri.

Mu gisata c’uburimyi n’ubworozi naho, ibihugu vyose vyaremeranije gushigikira igisata c’uburimyi n’ubworozi mu guhamagarira abanyamitahe muri ico gisata, mu kukironso cane cane abahinga. Iguhugu c’Uburundi co abanyagihugu bashika ku bice mirongo icenda kw’ijana (90%) batunzwe n’ico gisata c’uburimyi n’ubworozi, bakaba bariyemeje gusangira ubuhinga mu gisata c’uburimyi n’igihugu ca Kongo.

Muri iyo nama rero abarundi n’abakongomani bakaba bariyemeje gufashanya no mu bisata vy’ubutare n’agataka, mu gisata c’amahoro n’umutekano, ugufashanya mu gisata c’intwaramiheto aho hoza haraba inyigisho z’uguhanahana ubumenyi muri ico gisata, n’ugufashanya mu vy’umutekano uraba akarere, n’ibindi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.