IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ku wa mbere intonde z’abiyandikishije ziratangura kumanikwa

Ku wa mbere intonde z’abiyandikishije ziratangura kumanikwa

samedi 14 Ntwarante 2015, par IGIHE

Guhera kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 16 Ntwarante gushika kuwa 20 uku kwezi, niho hategekanijwe imanikwa ry’intonde z’abiyandikishije, nk’uko bishikirizwa na Petero karaveri Ndayicariye umukuru w’umurwi CENI.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI(Commission Eléctorale Nationale Indépendante) watangaje ikindi kirangaminsi gishasha co kumanika intonde z’abiyandishije hamwe no gusubira guha akaryo abatari biyandikishije mw’iyandikwa rya mbere kugira baheze babikore.

Izo ntonde rero zizoba zimanitswe mu bibanza vyabereyemwo iyandikwa rya mbere kuma ‘’centres d’inscriptions’’, nk’uko Petero Karaveri Ndayicariye , aho naho akavuga ko bazohasanga abakozi babiri b’umurwi CENI baje gufasha muri ico gikorwa. Intonde zikazoba zimanitse guhera isaha imwe n’igice z’agatondo gushika isaha cumi n’imwe n’igice z’umurango, guhera kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante uno mwaka.

Guhera naho kw’igenekerezo rya 21 niho hazotangura igikorwa co guha akaryo abatiyandikishije mw’iyandikwa rya mbere, nabo bashobore kuronka uburenganzira bwo gutora. Ico gikorwa kikaba gitegekanywa ko kizomara iminsi itatu nk’uko Petero Karaveri Ndayicariye abandanya abimenyesha.

Ikindi mu murwi CENI bamenyesha, ni uko ibipapuro vyakoreshejwe mw’iyandikwa rya mbere arivyo nyene bizosubira gukoreshwa nka karangamuntu ,urupapuro rw’inzira Passeport n’ibindi vyose vyari vyemewe mw’iyandikwa rya mbere. Mu murwi CENI bakaba bahamagarira abo bose batari biyandikishije kurondera ivyangombwa vyose, ako karyo ntikaze kabacike.


Floxella Karire

Messages

  • muzimanike.mukure abarundi.murujijo haribindi siyamanyangayanyu!

  • Mbe adedembiki weshaa ndayichariye uriko uribisha amatora kuberiyonda yawe nda burundi ukunda wewe ukwiwe nuguchirwa urwogupfa ubonye ingene uriko urakora ubusuma bwamatora nibwinshi umenye abo ba cndd fdd ubusuma bariko bakoresha muma ambassade tumaze kumenya nko muri africa yepfo tumaze kumenya abariko baha abanyarwanda kuzotora.nabanywanyi baba cndd fdd badafitiye uruhusha rwogutora bazotora muri ambassade ipretoria.mugire vyose mumenye ko atawo azopima atore atabifitiye uruhusha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.