IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Liliane Ploumen yemeye kuvugira u Burundi mu gihugu ciwe

Liliane Ploumen yemeye kuvugira u Burundi mu gihugu ciwe

vendredi 8 Ruhuhuma 2013

Uwo mushikiranganji w’igisata c’ubutunzi mu makungu wo mubu Hollande yarangije urugendo rwiwe mu Burundi.

Mu rugendo rwiwe yaramaze I Bujumbura,yarahuye na bamwe mubarongoye igihugu, aho twovuga nk’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Ambassadeur Laurent Kavakure,umushikiranganji wo kwivuna abansi n’umushikiranganji w’umutekano mu gihugu.

Murugendo rwiwe,uwurongoye kuvugira u Burundi neza "diplomatie" mu gifaransa yamenyesheje abanditsi n’abamenyeshamakuru ko u Burundi bwipfuza ko ubu
Hollande bwoshiramwo gukinga no kugwanya impanuka mu mugambi yayo yo gufasha uburundi.

Barasavye kandi umushikiranganji wubu Hollande gufasha uburundi mu bijanye no gusanura isoko nkuru ya Bujumbura.Aca avuga ko agiye gushikiriza mu gihugu ciwe ibibazo u Burundi bufise, mugufasha kurondera inyishu y’ibibazo vyankenerwa nomu ntonde z’iterambere.

Ubu Hollande busazwe bufasha u Burundi mu gisata c’iterambere,co kwivuna abansi nic’umutekano eka no murutonde rw’irondoka rijanye n,amagara meza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.