Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lolilo yasohoye ururirimbo rusa n’inyishu ya "Niko sawa" rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lolilo > indirimbo > Lolilo yasohoye ururirimbo rusa n’inyishu ya "Niko sawa" rwa (...)

Lolilo yasohoye ururirimbo rusa n’inyishu ya "Niko sawa" rwa Fariouz

lundi 19 Nzero 2015

Lolilo yashize ahabona ururirimbo yise "Sana tu", Lolilo avuga ahanini ibijanye n’ubuzima bwiwe nk’umuririmvyi, bikumvikana ko ashaka kwerekana ko intambwe agezeko ihagije naho hari abatabishima. Abishimira abakunzi biwe n’Imana.

Lolilo ati:"Sana Tu"

"Sana tu", Lolilo aririmba avuga ko naho yamaze gufata inzira yiwe nk’umuririmvyi, ko ibendera y’umuziki yamaze kurishira mu minwe ko kandi atagiye kurirekura naho abansi bakaka. Aririmba avuga kandi ko imigisha Imana yamuhaye yamaze kuyugururira imiryango yinjire.

Fizzo ati:"Niko sawa"

Ururirimbo rurafitaniye isano n’ururirimbo " Niko sawa" rwa Fariouz. Muri izo ndirimbo zompi, haravugwamwo cane Imana. Lolilo ati :"Imana yaremye urukundo, urwanko rwitamwo", Fariouz nawe ati : " Ubuzima butangwa n’Imana reka nirire ivyavuye mu cuya canje". Ikindi bahurizako ni akajambo "Baswahili" benshi bavuga ko katanguye kuririmbwa na Fariouz. Umwe "Sana tu", uwundi ati:"Niko sawa". Lolilo ashaka kuvuga nk’uwushima kandi na Fariouz nawe nyene avuga ko ashima ati :"meze neza". Ahandi bahuriza ni gushimira abakunzi babo.

Aba baririmvyi rero bimaze kuboneka ko baririmba indirimbo kenshi zishaka gusa, aho womenga ni kwishurana. Hari aho vyagiye bitera kutabihuriza, bakagirizanya kwibana amajambo.

JPEG - 25.3 ko
Member ariko ahanura Fizzo na Lolilo

Reka tubumvishe izo ndirimbo uko ari zibiri hanyuma namwe mugire ico muzivuzeko

1) Umviriza "Sana tu" ya Lolilo

2) Umviriza "Niko swa" ya Fariouz


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.