Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lord Jack Mc Connell ariteguriye kuvugira Uburundi mu mugambi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Lord Jack Mc Connell ariteguriye kuvugira Uburundi mu mugambi (...)

Lord Jack Mc Connell ariteguriye kuvugira Uburundi mu mugambi CSLP2

vendredi 12 Mukakaro 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye ku kirimba iwe Lord Jack Mc Connell umukuru w’umurwi w’abashingamateka bo mu Bwongereza witaho ibihugu vyo muri Afrika biri mu karere k’ibiyaga binini, bakaba bayaze ku bitari bike, mu bijanye n’ugufashanya hagati y’ivyo bihugu.

Uyo mutegetsi wo mu Bwongereza ngo si irya mbere agendera Uburundi, kuko ubu bugize ubwa kabiri. Ubu akaba yari yitavye inama y’akarere y’abakenyezi, amahoro umutekano n’iterambere mu karere k’ibiyaga bininiyari yateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryifatikanije n’inama mpuzamakungu iraba akarere k’ibiyaga binini.

Abo bategetsi bompi rero kuri uyu wa 12 Mukakaro, bakaba bayaze ku bucuti ibihugu vyabo bifitaniye ndetse harimwo n’ugufashanya. Uburundi bukaba bufise uwubuserukira mu gihugu c’Ubwongereza, ndetse bukaba bwipfuza ko n’Ubwongereza bwoheza bukagira nk’ukwo nyene, bukarungika uwubuserukira mu Burundi. Umukuru w’igihugu rero akaba ashimishwa n’intererano z’igihugu c’Ubwongereza ku Burundi ndetse no mu karere k’ibiyaga binini. Ikindi naco, umukuru w’igihugu yavuze ko intererano z’Ubwongereza zishimwa cane, na rirya ico gihugu gifasha mu gutsimbataza amahoro mu gihugu ca Somaliya na cane cane ko hariyo basirikare b’abarundi bahurikiye mu rwego rwa AMISOM.

Ikindi kandi n’ukwo Uburundi bwarungitse abasirikare mu bindi bihugu biri mu ntambara ndetse hakaba hitezwe ko Uburundi bushobora kuzorungika abasirikare mu gihugu ca Mali. Lord Jack Mc Connell akaba nawe ashima ibikorwa vyaranguwe na republika y’Uburundi muri iyi myaka iheze, ndetse yavuze ko agiye kuzovugira Uburundi kugira imfashanyo ziboneke, iterambere na ryo riheze risasagare, co kimwe n’intwaro ibereye ku gira Uburundi bugume bugira uruhara ruboneka mw’iterambere ry’akarere buherereyemwo. Akaba kandi yabandanije amenyesha ko agiye kuvugira Uburundi mu gihugu c’Ubwongereza, ngo ubukene butuzwe ndetse baze bafashe mu mugambi w’ukurwanya ubukene wiswe CSLP2.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.