IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > MAC : Ukudahuza imigambwe n’ubwoko ntivyari bikwiye kuba impavu yo (...)

MAC : Ukudahuza imigambwe n’ubwoko ntivyari bikwiye kuba impavu yo gushihana

lundi 5 Rusama 2014

Hokorwa iki kugira indyane zifatiye ku kudasangira ivyiyumviro mu migambwe bihagarikwe? Ico ni kimwe mu bibazo vyabajijwe mu nama yatunganijwe n’ishirahamwe MAC (Ministère Africain de Compassion).

Mu gihe hamaze iminsi hibonekeza hagati mu gihugu ugutana mu mitwe hagati y’urwaruka rudasangiye ivyiyumviro n’imigambwe, ishirahamwe MAC (Ministère Africain de Compassion) ryatunganije inama mu ntumbero yo kwigisha ukungene abarundi bakwiye kubana mu bumwe no mu mahoro.
Iyo nama yatunganijwe n’ishirahamwe MAC ikaba yari yahuje abari mu migambwe itandukanye, abari mu mushirahamwe adaharanira inyungu za poritike, abari mu madini hamwe n’abanyagihugu bavuye mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bijumbura.

Kubwa Hayimana Penta, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe MAC, ukudahuza imigambwe, ivyiyumviro canke ubwoko ntivyari bikwiye gucanishamwo abarundi canke kubatuma bashihana. Abantu bakwiye kumenya ko ukudasangira imigambwe canke ivyiyumviro kanaka ari ubutunzi ku gihugu kandi ko ari n’akaryo ko guhanahana ivyiyumviro vyo kwubaka igihugu.

Ku kibazo cabajijwe c’ivyokorwa kugira indyane zifatiye ku kudasangira ivyiyumviro canke imigambwe kihave, ishirahamwe MAC ryatanze iciyumviro rivuga ko abantu bakwiye guhindura imvugo zicanishamwo, kutihanganira uwo wese azanye indyane mu kibano, bakirinda no kugaragaza agashavu gatuma haba ukurabana irarirari kubo batavuga rumwe.

Abari mu migambwe nabo bakaba basabwe kwiyamiriza abo bose babasaba kugira imyiyerekano igumura abanyagihugu. Ku ruhande rw’amashirahamwe adaharanira inyungu mu vyaporitike, Pacifique Nininahazwe yari muri iyo nama avuga ko abantu bose bakwiye kugira ivyiyumviro bizanira inyungu igihugu, bagashira imbere impuhwe mu kwumviriza impande zose zidasangiye ivyiyumviro, gutyo abacanyemwo baheze bisubireko mu kwubaka igihugu cabibarutse.

Ishirahamwe MAC rikaba ryateye akamo abarundi bose kubana mu bumwe, mu kwubaka igihugu cabibarutse, kugira babeho mu mahoro no mu mwumvikano.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.