Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba : Abanyagihugu bihereje amabarabara biyamiriza ingingo za (...)
Makamba : Abanyagihugu bihereje amabarabara biyamiriza ingingo za CNTB
mercredi 25 Ruhuhuma 2015, par
Abanyagihugu bo ku mitumba ya Buheka na Kiderege yo muri komine ya Nyanza Lac intara ya Makamba bagize imyiyerekano kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, gushika isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu. Biyamiriza ingingo z’umurwi CNTB.
Abo banyagihugu bihereje amabarabara biyamiriza ingingo z’umurwi CNTB, aho wari wagiye gushira mu ngiro zimwe mu manza zerekeye imiryango irenga ibihumbi bine yo kuri iyo mitumba. Abo bavuga ko badashima ingingo z’umurwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga, bari bazibiye ibarabara Muheza - Vugizo, bitwaje amabuye, imipanga, amahiri, n’amashami y’ibiti bibisi. Izo ngingo biyamiriza, ni iziheruka gufatwa n’umukuru w’umurwi CNTB ku rwego rw’igihugu Musenyeri Serapiyo Bambonaniye, aho aheruka guhagarika ingingo zari zafashwe na Patiri Astere Kana yahoze arongoye uwo murwi akaba aheruka kwitaba Imana.
Abaporisi baragerageje guhagarika iyo migumuko, bararondera n’ugufata umwe muri abo banyagihugu bari mu myiyerekano, ariko biranka, mu nyuma barasa hejuru kubera abo banyagihugu batwawe n’ishavu bari batanguye kubatera amabuye.
Abo banyagihugu bamenyesha ko bazokora ibishoboka vyose kugira banke ingingo z’umurwi CNTB bagiriza ko ucanishamwo abahungutse hamwe n’abasangwa.
Egide Nduwimana
Messages
25 Ruhuhuma 2015, 17:32, par manzi
uwo mugesera bucajana na shebuja kandi ntimuze musubire kumwita musenyeri aratukisha aba Catholic bamumwita ntukamazina
26 Ruhuhuma 2015, 12:17, par Ntacontemanga!
Wewe wiyita manzi,nubwo ntazi ivyabo banyagihugu,menya neza ko iyo ukuri gukwirikijwe, abakwiyamiriza baba benshi!kandi muburundi haracariho abatemera ukuri kubera ubwoko bw’uwuba agushize mungiro canke akuvuze!kandi benshi barakunda amanyanga kugirango babeho neza, nubwo biba igihushane!
26 Ruhuhuma 2015, 15:40, par @…
ivyo mwama mwiha ama tongo yabandi mukitwaza ngo muri intamenwa hasigaye igih gito ivyo mwanyaze bikasubizwa benevyo. CNTB ntisubiza hamw iraryanish bene burundi
26 Ruhuhuma 2015, 19:51, par Iragiryagahuturemi
Oyamwabantumwe, gusubiza utwabo benetwo ivyomukaramukanavyo muvuise ibibi bikorwa na DD nagasagacane abarindi barabakurikirana yaba uwutigeze anyarwa utwiwe aranezerezwa nukoyumvise uwariyaranyazwe utwiwe adusubijwe.