Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Maragarita BARANKITSE muri bane bahiganirwa agashimwe ka Aurora Prize for (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Maragarita BARANKITSE muri bane bahiganirwa agashimwe ka Aurora Prize for (...)

Maragarita BARANKITSE muri bane bahiganirwa agashimwe ka Aurora Prize for Awakening Humanity

mercredi 16 Ntwarante 2016, par egide

Abantu bane bitanga cane kurusha abandi mu kurondera gukiza benshi (Les humanitaires d’exception) nibo batowe kugira bahiganirwe ikibanza ca mbere c’ihiganwa rya Aurora Prize for Awakening Humanity. Uwuzotsindira ako gashimwe akaba azohabwa agashirukabute k’umuriyoni w’amadorare.

Urwego rujejwe guhitamwo bane bahiganwa mu gice ca nyuma rwakoranye, rutora Marguerite Barankitse arongoye Maison Shalom hamwe n’ibitaro REMA vyo mu Burundi, Docteur Tom Catena arongoye ’Hôpital Mother of Mercy vyo muri Sudani, Syeda Ghulam Fatima umunyamabanga mukuru wa Bonded Labor Liberation Front yo muri Pakistan, hamwe na Bernard Kinvi umusaseredoti wo muri Ekereziya Gaturika muri Bossemptélé mu gihugu ca Centrafrika.

JPEG - 54.7 ko
Marguerite Barankitse, arongoye Maison Shalom hamwe n’ibitaro REMA

Agashimwe gashasha ka Aurora Prize for Awakening Humanity ni mpuzamakungu kazohora gatangwa ku mwaka ku mwaka, kakazohabwa abantu bemeye kwitanga kugira abandi bashobore kubaho, mu bikorwa barangura vy’ugukungira ubuzima bw’abandi, barengeye intambamyi n’ingaruka ziri muvyo bariko barakora.

Muri benshi bashaka ico kibanza, abatowe uko ari bane kugira bahiganirwe ikibanza ca nyuma bashimwe kubera ubutwari berekanye mu kurwanya akarenganyo, n’ihohoterwa rikorerwa abanyagihugu babangamiwe kurusha abandi.

Uwatsindiye ako gashimwe azomenyekana mu birori bizobera i Erevan muri Arménie, kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2016.


IGIHE

Messages

  • Ntakoboha Maggy yarubahutse akabwira umukuru wigihugu cu Burundi ngo numusazi nawentu ngonuko mwenivyobintu bihabwa abasumvyabandi gukora ivyaha binyegeje uwowewe vyaramunaniye kwinyegeza ntanumwe atabizi canke atavyumvise ndasavye ababishoboye mwinomisi muvugecane ivyuyu Maggy.

  • Amahirwe Nay’Umurundi, Bamutwaye Ibitaro Vyiwe REMA Ababwira Kazoronka Ibindi,rindire Murabe 1.650.000.000 FBU

  • Emwe Nabamaraya Bagir Umugisha Uyu Numwe Mukiganiro Invoninvano Nanyamitwe Yatubarirako Yavyayubwoko Bwose?Kuko Yavyaranye Numututsi Umutwa Umuganwa Hamwe Numuhutu.Emwe Warakund Ibintupe!

  • Bamujeri Muguma Muronka Amahera Yokugura Inkoho Ariko Ntantambwe Muzoduterana Kuko Mwebwe Muricayi

  • Nakomere cane uwomuvyeyi ureke abirirwa baramuremeka inteba ishushe Umwasi agucira icobo Imana ikagucira icanzo ntamisi isigaye nivyo yanyazwe vyose nabambuzi atabisubijwe iconikimenyetso Yuko akazi katari mukugundira ubutegetsi gusa ariko umuntu ashobora kukishakira kandi akabaho atamenye amaraso y’abenewabo

  • Turashima ibikorwa vyiza uwomuvyeyi akora .
    Nomukurwanya ubuja mû Burundi .
    Akongera agaharanira agateka kazinamuntu ahari hose..

  • Mbega who tiwamwita umusazi erega ivyo akora tamukuru wigihugu numwe wabikora umukuruwi wigihugu ubesha abarundi ngo arasenge hama akagandagura abo ashizwe gukigira Mbega amaraso aseseka buri musi tavyo areba ahubwo Marigarita Barankitse imana izamurinde aba DD turagusengera burimusi imana izakugarure mugihugu amahoro kandi twiteguye yuko imana igushubusha icogihebo

  • mbanje kumuramutsa ngiranti sangwamahoro y,imanana ndabakeje cane sangwintsinzi kuk ivyukora ntawutobishima urumukenyezi wijunja nijambo arajwishinga nugufashabatishoboye impumyi,impfumvyi nabandi besh cane mukura mubushomeri mukubaha ubuzi butandukanye nukuri nosaba nciye bugufi na leta y,uburundi ko yobareka mukabandanya mukora iryo terambere ryakataraboneka rituma muronka n,agashimwe imana ikabatora mubandi mukaba abambere jewe ndahereje icogisabisho canje imana kugirango ikibanza cambere kibe icanyu nimuhoranumukama

  • Jew karorero iki kinyamakuru ndacagiriza gukorana nabarwanya ubutegetsi kuko twebwe tuyishigikiy ibyipfuzo byogukoma munkokora izo nkozi zikibi nka marigaita maggy na pacifique na louis michel tubyandits ntibishirwaho ariko iyimbwa ngo ni tari na moridekayi batyoza reta babishirako batitangiriye itama nukubaraba neza.

  • Maggy nabe arakuyeyo amaso kuko impunzi iguma ari impunzi namba atavyo azi. Bazomuha ubusigisigi bwo kuba buramufasha mu buhungiro ariko uwo muriyoni w’amadorare sigwiwe!

  • Nibakomeze bafasha abandi nimana izobashumbusha nabo mwijuru bazoronka ikibanza ciza

  • Congratulation our international mother

  • abo bagutuka ntibakuzi mama w’umukondo jew nk’um nyaruyigi ndakuziko vyinshi sinkeka ko ako gashimwe ugiy kugatahukana ukomere kw’ibangz

  • kubwanje Margalte Barankitse ndamusabira ku mana ku bikorwa ngomeza mwumvana ko ako gashimwe ko yogatahana mu burundi ka gakomeza gufasha.

  • Uyu mugore ko akora discours z’aba extremistes icyo gihembo mbona ari ntacyo amerita kuko ntaho ataniye na wa mugandaguzi w’ibiyeri (kiramvu)

  • Imana izo mujimbere mwi ryo higanwa azotahukane ako gashimwe, kuko ivyakora bikorika. ababizi ni mvukira zomuruyigi batazopfa bamwibagiye kubikorwa ya bakoreye na bugingo nubu akibandanya, nahabasi bivyiza bamwaka urunuka. burya ngo agati gateretswe ni Mana ntamuyaga ugahenura, we azobandanya gukorivyiza ababandanya gukoribibi bandanye gukoribibi kuko ntawabaye nyabwa abanyakaaaa.

  • wewe wiyita karorero wagiriza abakoze vyiza mû gihugu ntubonako imana izobiguhanira?vinyuma yabaguhenda wandika ibitagira umutwe na maguru.Harumusi uzorira ngo iyo menya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.