IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Marina Barampama: "Urupfu rwa Patrice Gahungu rufise imvo za (...)

Marina Barampama: "Urupfu rwa Patrice Gahungu rufise imvo za politike"

mercredi 9 Nyakanga 2015

Inyuma y’urupfu rw’umuvugizi w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA Patrice Gahungu kuwa mbere igenekerezo rya 8 Nyakanga 2015,umunyamabanga mukuru wawo Marina Barampama amenyesha ko urwo rupfu rufise imvo za politike.

Kubwa Marina Barampama,iyicwa rya Patrice Gahungu ryabaye mu ntumbero yo kubandanya umugambi wo gutera ubwoba abanywanyi b’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA.

Umunyamabanga w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA asaba abategetsi b’Uburundi guhagarika ubwicanyi,akamenyesha ko ubutungane aribwo butegerezwa kwerekana abaica abanywanyi b’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA.

Marina Barampama avuga ko ubwicanyi buhitana abanywanyi b’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA bwoba buva kuko bakoze cane mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Mwomenya ko Patrice Gahungu,abaye uwa kabiri mu barongozi b’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA agandaguwe,inyuma ya Zedi Feruzi yari arongoye uwo mugamwe,yishwe kw’igenekerezo rya 23 Rusama 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uko Niko Bunyoni Ariko Aragarukana Umutekano Mugihugu. Mundwi Zitatu Abatemera 3ème Mandat Azoba Yacmaze.We Niko Avyumva.

  • Barabivuze kotuzorankifuyimijira.

  • abaturiy imbonekur mu nyakabiga ko ataco mubavugako kubwanyu bakoz i gikogwa ciza. inkuba ikubise ntimara abansi gusa...

  • @Kariyo,

    Basha nagerageze ntavyo azoshobora! N’interahamwe mu gihugu kibanyi zari zagerageje ariko raba ubu abatutsi n’abahutu baruzuye mu gihugu , amatwi ansumira umengo abanyarwanda ni 12 million

  • reka babamese namwe mubone kobadakina.niho namwe mwagora oco mwibwiriza.apana kwamira mumagambo.

  • None muracakoriki hiyo?jew nahunze kera, marina udahunz nawewe barakwica! Ingo dufate ibirwanisho turwane !qui veux la paix prepare la geurre

  • Bamureka Gushirako Ifoto Umuntu Ariko Aratwenga Kandi Tuzi Ko Ababaye. Amafoto Yakera Muyareke Kuko Turazi Ko Hari Igihe Umuntu Yigeze Kunezerwa

  • Umva, igihecose muzobamutaramenyako uwica abanyu kwarumwansi wabakunziba prezida wuburundi namwebwenyene muracapfuye! Umvakandi icabakunzi bankurunzizabakeneye ubu nukwiyegereza uwowese atabiyumvamwo kugira amakungu aboneko ibintuburundi bimezeneza, ariko abobansi buburundi ivyontibashaka kobibaho nicogituma bacabasimba bakica abantu noneho amashavu acakomeza ariyo yiganza mubarundi nkuko uyumukenyezi abivuze yerekanako uwapfuye yazizeko yiyamirije ukwitoza kwa Nkurunziza haryawamwasi navuga wanyimwempi niconyene yashaka cokugira muboneko arabakunzi ba Nkurunziza babica. Iconobasaba nimuce ubwenge mufatikanirizehamwe nkabarundi murwanye umwansi kubikorarero ntangumvunyishi bikeneye nukuvugako umwansiwanyu atari Nkurunziza nabakunzibiwe atahubwo hokubumwasiwacu turaje dufatikanye turwanye uwurimwo aratwicira abenegihugu ahomuzoheza mutsinde umwansi bitarinzekubasaba ingumvunyishi.

  • Imana izohorera abagwanira ukuri! arangije urugendo gwiwe neza kuko azize ubushingantahe. Abamugandaguye nabo bamenye ko ibinogo vyabo vyasamye bibarindiriye hamwe nurubanza imbere yi Mana!!

  • Imana ibaharire ntibazi ico bakora!

  • Imana ibaharire ntibazi ico bakora!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.