IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > MAPROBU ntizorungikwa kugarukana amahoro mu Burundi

MAPROBU ntizorungikwa kugarukana amahoro mu Burundi

dimanche 31 Nzero 2016, par egide

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryamenyesheje ku mugaragaro ko ritazorungika inteko mvamakungu kugarukana amahoro mu Burundi. Muri iryo shirahamwe bavuga ko izo nteko zizorungikwa mu Burundi ari uko gusa Reta y’Uburundi ibisavye, izo nteko zikaronka ubutumire buvuye mu Burundi.

Inama yamaze amasaha agera kuri atanu gushika mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu ntaco yavuyemwo ku guhuza kw’ibihugu vyose mu bijanye n’irungikwa ry’inteko mvamakungu mu Burundi. Bamwe bavuga ko izo nteko zidashobora kurungikwa mu gihugu abarongozi baco bamaze kumenyesha ko batiteguriye kuzakira, abandi bakavuga ko zitarungitswe abanyafrika batazosubira kwizera gukingirwa n’indongozi zabo.

Ku munsi wa mbere w’inama ya 26 y’Abakuru b’ibihugu bagize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, bamwe mu bakuru b’ibihugu bifadikanije na Reta y’Uburundi mu kudashigikira irungikwa ry’izo nteko, aho mukibuka ko Reta y’Uburundi yamaze kumenyesha ko nizarungikwa ku nguvu zizofatwa nk’iziteye Uburundi.
Yahya Jammeh, umukuru w’igihugu ca Gambie yamenyesheje itangazamakuru ko igihugu ciwe kiri mu bidashigikiye ko izo nteko zorungikwa mu Burundi.
« Uburundi sibwo bwonyene budashigikiye ko izo nteko zorungikwa. Ingingo nk’iyo Uburundi budashigikiye ntishobora gufatwa, kuko ari igihugu cikukiye.» , Yahya Jammeh, umukuru w’igihugu ca Gambie akaba ahubwo yibukije uruhara rw’Uburundi mu kugarukana amahoro mu bindi bihugu hamwe n’ukurwanya imirwi y’iterabwoba muri Somaliya n’ahandi.

Ku rundi ruhande, habaka hari abavuga ko mu gihe izo nteko zitorungikwa, bwoba ari ubutumwa bubi burungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bukazofatwa nk’igitutsi ku banyafrika biteze gukingirwa n’abayobozi ba Afrika. Nk’uko vyashikirijwe na Sipho Mthathi, umuyobozi nshingwabikorwa wa Oxfam igisata ca Afrika y’Epfo, kutarungika izo nteko bizokwerekana ko abakuru b’ibihugu vya Afrika batababaye abanyagihugu b’Abarundi, akavuga kandi ko bitangaje kubona Uburundi bwatorewe kuja mu nama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.
Sipho Mthathi ati : «Iyo ngingo y’ukurungika izo nzego igasubizwa inyuma, ivyo bizoca bisigura ko Abanyafrika batazosubira kwizera ko bokingirwa n’indongozi za Afrika. Ivyo navyo bikaba bizoca vyugururira umuryango ihohoterwa rya kiremwa muntu no ku bandi bakuru b’ibihugu.»

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mu karere k’ibiyaga binini, Ibrahima Fall, yamenyesheje ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ritigeze ryiyumvira kurungika abasirikare kugarukana amahoro mu Burundi, mu gihe Uburundi bwoba butabitangiye uruhusha.

Mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika yabereye muri Ethiopie, abakuru b’ibihugu n’abandi bategetsi barananiwe kwumvikana kw’itegeko ryari rikenewe ryo kurungika abasirikare bagera ku bihumbi bitanu boza kugarukana amahoro mu Burundi.

Tubamenyeshe ko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon, yabwiye abakuru b’ibihugu ba Afrika ko ashigikiye iciyumviro co kurungika abasirikare 5000 kugarukana amahoro mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • None Ko Muvuga Ko Ibice Bibi Kuri Bitatu Bohuriza Kuriyongingo Y-abo Bakuru Bibihugu Bari Muyonama Muri Ethiopie Ubundi Hoho Ayo Matora Abaye N-abanyagihugu Bari Hanze Y-igihugu Nukuvuga Bari Mubuhungiro Nabandi Benshi Murabo Ba Candidats Bokwitoje Bamwe Bari Muri Prison Abandi Barahunze Nabonyene Bizoca Bigenda Gute?Ubundi Ho Hazoca Hitoza Abo Mtumugambwe Udwe Gusa Ariwo Wuwo Uri Kubutegetsi?Ahubwo Izo Nteko Mvamakungu Twebwe Impunzi Zahungiye Ahatandukanye Tubona Umengo Zotegerezwa Kuja Muburundi.

  • mutubwire ko vyanse twabimenye, nubundi vyarimwo amahinyu agaragarira buriwese ceretse abatabona.

  • uburundi burafise ababukunda turetse abashaka ko busubira mubihe nkivyubukoroni mugihe abazungu aribo bategeka bakaganza ubutundi

  • Mujye mutanga amakuru yukuri. Kuri RFI arahari. Icyemezo cyokohereza MAPREBU cyabonewe igisubizo. OyaOya. Ntangabo zizajya i Burundi kuko butekanya. Uwo niwo mwanzuro wafaswhe n’aba presidents ba Africa.

  • Komera Mutama Yaya Jame, naho ureke izo ntumva

  • Kweli Ntamukuru Wigihugu Yokwemera Womuri Afrika KwintekoZojamuburundi, 99%vyabarundi Batazemera. Kiretse Kagame Nabafisivyiyumvira Nkivyiwe Nka Buyoya Basangiyi Ivyako.

  • Hamwe Zitoza Afirika Nitwagwe N’ Amerika Kuko Afirika Nabo Gushigikina Mubgicanyi Gusa

  • Ba badandaza b’imivyimba na jenocide, urudandazwa rugiye guhomba.Ikibabaje ni abo mwasutse ngo hunge hunge none bariko baricwa n’inzara mu gahinga.Muri imburamutima.Muzopfa muyererana imivyimba ya bene wanyu ku mutwe.

  • IMANANIYONKURU, IYONAMAIGAHERA ATAKIVUYEMWO UBWOBUMWENTACOBUZOBABUMAZE NIBAZIRUNGIKE,KUBWABANYAGIHUGU BATOBATO, KUBWARETAUMUTEKANOURIHO NONEUBUKENEBUVAKUKI? ABANYAGIHUGUBATOBATOTURARUSHE,BAMWENTANUBUZI KUDANDAZANAHOVYASEKURIMAVYASE IFUMBEREAKUNA UMWUZURE IYIMURARYAMASOKO, VYOSEUSANGA, BIVAKUBUKENE UMUTEKANOKURIBOSEURAKENEWE ABAVUGANIBAVUGE, BAZOZA

  • Indirimbo yurwanda yitwa genocide kagame nayigumane iwe. Twe abarundi iyo business ntayo dushaka. Ntidukeneye urudandazwa rw’imibyimba

  • Komera Nyakubahwa Président Nkurunziza, ubu niho ngitegera koko ko uri sebarundi. Abadandaza b’imivyimba na jenoside muri ako karere muraberetse ko iyi bisiness nako iryo shano ryoguma mu Rwanda ritohirahira ngo rijabuke Kanyaru.Mugabe ariko kuko ntibata hasi kuko inabi iri muribo yama ibira muribo, bahemuka amaraso asesetse. Mubarereke rero Inabi izotangurire mu mitima no munzu iwabo, iherere mu mitima no munzu iwabo.

    Imana ibaje imbere.

  • Nagomba kwishura innocent ,ubuhungiro burababaza cane ariko amahoro yumuntu ari mumutima wiwe kuko maprobu siyo yogukura mubuhungiro ,ukaba wiyumvira ko uzohunguka ariko maprobu ije muburundi ibagira ivyo kuko ibihugu vyose inteko nvamakungu zinjiyemwo impunzi zaca ziyongera aho guhunguka.

  • Yahaya Jammeh.Ndakwemeye Uri Umugabo Wukuri,utaryumunwa.Muburundi Amahoro Arakwiye Ntanteko Zikenewe.

  • AMATWI ANSUMIRA NGWABAKURU BIBIHUGU VY’AFRIKA BASHIKA 51 NGOBATOYE OYA NTABASIRIKARE MPUZAMAKUNGU BAKENEWE KURUNGIRWA MU BURUNDI. NGWARIKO TUMWE MUDUSHIRAHAMWE TWOTWO NGO TWARITWISHAKIRA KO IZONTEKO ZIRUNGIKWA BURUNDI.! ARIKOABAKURU BIBIHUGU AHOBAHAKAZE CANKE BICAYE BARIKO BARANGANIRA BASEKA VYAHATARI IYOBAVUZE IVYOKURUNGIKA INTEKO MVAMAKUNGU BURUNDI, BAMWE BACABAVUGANGO NIMBA UBURUNDI BWORUNGIKWAMWO INTEKO MVAMAKUNTU TWESE IBIHUGU VY’AFRICA BOCABAZITURUNGIKIRA MUBIHUGU VYACU NGOKUKO NTAHO INKOZIZIBIBI ZIBUZE ZIKIKA IBIHURU ZIGACA MURYAHUMYE ABAJEJWE UMUTEKANO WIGIHUGU ZIKIHA INKUMBI MUBENEGIHUGU’. ABANDINABO BAKABANDANYA KUVUGANGO SIMURI AFRIKA GUSA INKOZI ZIBIBI ZICAMURYAHUMYE ABAJEJWE UMUTEKANO ZIKICA ABENEGIHUGU ZISUBIRIZA NGOMWOBA MUZAMURUMVIRIZA UKWABENEGIHUGU B’AMERICA BICWA NINKOZIZIBIBI? ABANZI NGO NOMUBU FRANSA, ABANDI NGONIMUBIHUGU VYOSE IKOZIZIBIBI ZIBAHO. UYUNDI NGOGUSA BIRATANGAJE KUBIMAZE IMISIBIKORERWA UBURUNDI NGOMWEBWE NTAKARENGANYO MWABONYEMWO? BACABISHURA NUBURAKARE NGOREKA TUGENDE GUCA URURUBAZA RWUNOMUSI RWORWO NICOGITUMA ABAKURUBIBIHUGU BASHIKA 51 BACIYE BATORA OYA NYABASIRIKARE MPUZAMAKUNGU BAKENEWE BURUNDI IGIHUGU KIRIMWO AMAHORO.

  • congratulation sir yahya jammah kukuntu mwashigikiye uburundi uburundi buratdkanye 99%

  • Inyifato ya Peter ayisangiye n’abandi ba President benshi nako nka bose bo muri Afrika:KWIGUNDIRA KUBUTEGETSI,abanyagihugu babikunda batabikunda Ex:Mugabe,Mu7,Kabila.... so kumushigikira bitwaje Ukwikukira kw’igihugu munyungu za president kugiti ciwe si bishasha,no matter n’ubwo yokwica abarundi boooose,it’s fine.Abarundi ubwabo nibo bazikemurira ivyabo bibazo nka 1994 aho abanyagihugu ubwabobahaguruka bakankira Buyoya n’abiwe maze bakamurwanya amakungu agasanga ikivi abarundi ubwacu twaragikukije.Tur’abarundi kandi si ngombwa ko twese twemera amatiku ya Peter kandi we have right to fight for our motherland,s’ubutaka bwase,we’ve all rights to dicide about our future,we’ve more options yet!!

  • Nibaje mu biganiro kuko mu Burundi haramaze gupfa benshi cane k’ubube gito bwabipfuza kurutwara biciye mu ngwano z’amoko, imigambwe n’intara. Nugusubira Arusha vuba, inyeshamba n’imigambwe yose hamwe bikagira ico bishikirije kuri kazoza k’abanyagihugu b’Uburundi na demokrasi.

  • Niba Bibuka Neza Ko Uburundi Ari Igihugu Cikukiye Gifise Ijambo Rya Nyuma,nibarindire Rero Kugeza Urwo Ruhusha Baruhawe Rwo Kurungika Izo Nteko Canke Babareke Barangize Mandat Kugire Ntihabemwo Ikoreshwa Ry’inguvu Ngo Hoye Kuvyuka Akavuyo Karenze Ako Turimwo .Murakoze.

  • N Intsinzi Ku Burundi. Ababugwanya Nibasabe Imbabazi Batahe bataragira Ingorane. Mbona Bokwishikana Niho Bokworohegwa Ivyo Bari Bizeye Kurusha Vyanse . Ndabonye Abazi Gukina Kurusha Abandi.

  • Urubanza Ruracitse. Abatahuka Nibatahe Kuko Biraheze. Abandi Bishikane Habe Gutanga Ikigongwe Kuko Hari Abahendwa.

  • Burundi.Simbimanga Ntagusubira Mugikoroni Twarikukiye Tribabitumwako Mumakungu Mukugwaanya Itrabwoba

  • Awaaa!Murakoze Banyakwubahwa Ba Presida,izo Ngabo Nizije Somalie Kweli Muburundi Ntakibazo,uretse Abagomba Kubikamisha None Babihombeyemwo.Mbega Mwe Mwahunze Mbabaze?Ko Maprobu Itazoza,muzotaha?Muzokoriki Mudatashe?Muzogwana,kandi Ingabo Zigihigu Zizi Kuvuguta Umuti??Sha Bobahenda Boreka,nimutahe Twubake Igihugu Ahandiho???Muratose Pee

  • Erega Abagabo Bijunja Nijambo Bariho.Abo Babandanya Bashigikira Ko Zorungikwa, Bafise Izindi Ntumbero .Eka Noneho Nibateshwe Bate,ntazo Dukeneye.Ingarukambi Zo Gufata Ingingo Gihutihuti Nizo!None Hako Abo Muserukira Bobatuka Ko Ingingo Mufata Zimeze Nabi Mugihe Boza Tukabivuna Bakanahasiga Amagara Abavyeyi ,abagore ,abana N’incuti Babo Bakama Babasibirira Ntiwotuma Ureka Kwizerwa Ko Utabaserukira?Ndakeje Uwo Mukuru W’igihugu Ca Gambie.N’abasigaye Nibamukureko Akarorero.

  • Awaaa!Murakoze Banyakwubahwa Ba Presida,izo Ngabo Nizije Somalie Kweli Muburundi Ntakibazo,uretse Abagomba Kubikamisha None Babihombeyemwo.Mbega Mwe Mwahunze Mbabaze?Ko Maprobu Itazoza,muzotaha?Muzokoriki Mudatashe?Muzogwana,kandi Ingabo Zigihigu Zizi Kuvuguta Umuti??Sha Bobahenda Boreka,nimutahe Twubake Igihugu Ahandiho???Muratose Pee

  • Amahanga aratereranya ngabarundi bakomeze bicwe,ariko bamenye yuko atamvura idahita,niyo kuri noa yarahise.barundi,nimuze tuvane amaso ku mahanga,duhange amaso Uwiteka Imana yaremye isi n’ijuru,niho gutabarwa kwacyu kuzava murakoze.

  • turashimy’icemezo cafashwe , kuko hari hagiye kub’intambara y’isi yose

  • I personally please all burundians and especially tutsi from musaga,ngagara,cibitoke,..please please God has show me that Nkurunziza will bring prosperity you never see in burundi.
    Give him chance please ,God is real and very real ,one night before general adolf dying ,at 3pm God show me how he save nkurunziza not for him but for burundi .God love you .Now is not a time to play politic.
    He loves us all of us and leave the emenie who divide us.since 1960 we are not moving.
    God show me that now if there is not faith of nkurunziza our country will be VERY VERY BAD FOR ALL ETHNIES
    We love you brouthers let share small that we have and discuss what is not right in peace.
    Please again

    aime nahimana
    nairobi

  • ntagitangaje kuko nabo nyene bakeneye kubandanya nuko bose batavuze ivyabo, afrika izopfa uko. reka mwimaramaze mwisenyurirako gusa.

  • Hari Sindumuja ukunda kwandikwa witwa MPOZAMARIRA ELLIAS. None nkuyu muntu ubu amarira ntiyamushizemo ko MAPROBU yapfuye itaravuka. Izina niryo muntu abatutsi bigira nk’abana (amarira, amaganya, kubeshya,...) nyamara bagombye kuvana amaboko mumpuzu iyo miteto bakayashyira kuruhande.

  • kagame astinzwe muri Chan hamwe na Maprobu naturure uburundi burimwo abagabo

  • Abakuru b’ibihugu vya Afrika baravye basanga mu Burundi nta ntambara ihari yotuma barungika abasoda, ubwicanyi bwo abo ba perezida bo muri Afrika abenshi barabukoze abandi nubu barabukora. Mandat bamwe vageze kuri zine abandi zitanu...
    Igisigaye ni uguhaguruka abarundi bakirwanira, kandi amakungu yama abivuga ati abarundi nibo bazokwitorera umuti. Maprobu biranse,ibiganiro biranse,ubu nta gisigaye atari urusoro gusa hazosigara uwo imana yizigamiye gusa

  • Vyari ibintu bitumvikana kurungika ingabo muburundi kuko akazikabo bokoraho ntikaboneka neza. Harigihe muburundi hapfa umuntu kandi anyurujwe none izoteko zotaye gute. Haboneka abasoda ba Africa baguma kuri buri muntuntu umurango nijoro, mumisozi no kuma centre yose y’uburundi.ahohubwo igikenewe abarundi baje hamwe bayage ibibatandukanya hanyuma batore inyishu yiyongorane yabo.abasirikare babarundi nigipolici baravanze amoko yose. Genocide ninde yoyikora ayikorera nde. Ntihagire uwubahenda fatana Munda gusa ntakindi gikenewe amahoro azoca aboneka ntanico turinze kwivunisha atari ikiyago

  • WEWE WIYITA MUZINGA URIKIJUJU NTANTEKO DUKENEYE MUBURUNDI AMAHORO ARIHO NIBAJE MURI SOMARIYA HATARANGWAMAHORO INGABO ZUBURUNDI NIZO ZIKOMEYE MUMAKUNGU MUKUGARUKANAMAHORO UWARATEGEYE GUSOMERA IVYATABIRIYAKUYA NAMARAMARE UBURUNDI BWARIKUKIYE ABABIRIGI TWARABAHINYUYE NTACO BATUMARIYE ATARUKUDUCANISHAMWO GUSA

  • Basindumuja na nyangoma na pacific alias munoho ndababwiye nti subiza amero mwisaho kuko indugwe irabamenekeye munda muzopfa nkifu yimijirano mugomba guhonya abahutu Imana iratuziko tuyumbaha nakizigenza wacu nkurunzinza akaba ayubaha rero guma murwanda niho hamenyereye kugirwa genoside twebwe iburundi ntayizopfa ihahonyoje ikirenge Imana yomwijuru niyo cabona amen.

  • ndakeje abo bakuru bibihugu kungingo bafashe, abategetsi bafrika barataguye kubonako ABAZUNGA aribabi bifuza gusambura ibihugu vyafrika.....basindimuja ubu niho bagiye kuba abaja babazungu nezaneza!!!! pore sana

  • Reka tubamese neza rero kubera n’abakuru b’ibihugu barabatugabije. Aha tugira tubahonnye kamwe kamwe. Gushika tubamaze kubera ubu barabaduhaye neza caneeee, muzongera kuvuga ibiki ko twaraye dutsinze urugamba.

  • Komera burundi uri gihugu ataragahugu.twaramenye ubucucu bwabatutsi bwabahamburuka kagame yashaka abasirikare mvamakungu binjira mu gihugu cuburundi kugira ngo azoronke plan yokuza arungika abasirikare be muburundi nki Mari ariko vyabatekurukanya.reka Dukeza mutama yahoze arongoye ishirahamwe yubumwe BWAFRICA na bagenzi be.

  • Abarundi mufatane munda kuko umwanzi ubu agiye guhindura amayeri gusa arabeshya mumugeze habi ( kuri politique, Kurugamba,...) mbabazwa n’abarundi bashutswe bakajyenda banitse amazuru bajya
    Mu Rwanda mumakambi baririmba indirimbo y’igihugu cy’urwanda GENOCIDE (imari ikaba n’ubukungu bw’urwanda). Gusa ntibazatinda kubona ko bibeshye kuko ayo makambi bazayaborerama. Ubuhungiro buraryana ntiburyoha. Naho abagifite ibirwanisho (sindumuja) bo ntaho banyura ni ukubeshya nta rebellion bashobora kuko ntamumunyagihugu ubari inyuma.

  • Wowe Jishoryamusazi abo iyobatagyamu rwanda ubu baba bari muri byabyobo, urunva ariyo nama ubagira, abapfuye se mubajugunya mubyobo nibo ushima?

  • hari umunyagwanda yabivuze kwijwi ry’amerika muramutwenga yitwa Sebarenzi none dore birabaye, ubu abarundi bari bakwiriye gushira hamwe bakubaka igihugu cabo aho kwirirwa bariruka mumakungu kuko buraboneka ko ayomakungu abahenda nabo bakemera. abanyagwanda babarusha ubwenge n’umutima ukunda igihugu cabo niyompamvu mwese ariho mwirukira, namwe nimusgire hamwe mukore mutezimbere uburundi bwanyu 4ans zisigaye kuri mandat zegutuma mumarana ngo musambure ivyanyu, kereka niba munwa urumogi mutari bazima mumutwe.

  • @kabongo. Ntuvuge nabi Jishoryamukuru. Abagiye murwanda babahe amasambu bahinge niba babishoboye. Hano murwanda tubaho kumitwe kuko buri wese iyo akurebye ahita atekereza icyo yakuryaho. Urumva niyo wazana twa miliyoni 5 tw’amarundi ukwezi kumwe tuba turangiye. Ni ukubwira bene wanyu bagataha naho nibishinga leta yacu y’u Rwanda bazamera nkaba banyamurenge . Ubuzima buzabakubita inkambi bazitoroka batahe. Tegereza gato gusa.

  • En droit international, le respect du principe souveraineté est vidé de son sens au cas où il est utilisé pour protéger un pouvoir qui tue son propre peuple et qui bafoue manifestement d’autres obligations du droit international tell que le pouvoir qui est actuellement en place au Burundi.
    Avant d’abandonner la décision d’envoyer les forces de maintien de la paix au Burundi, l’OUA devrait premièrement aussi se rappeler que l’interdiction du génocide et crime contre l’humanité est une norme impérative du droit international qui s’impose a tous les Etats même en l’absence d’aucune obligation découlant d’une convention quelle conque.

  • I Burundi si ngombwa ko twese abarundi tuba CNDD-FDD kandi mwa ba FDLR n’interahamwe mwitondere ivy’abarundi birarura guys!!Munyarka kwibagira sha,muribagiye ayo Rwasa yabakoreye muri FNL?Abarundi turazi neeeeza Ibibazo vyacu,bivemwo n’ica Buyoya twaracikemuriye nkeswe Peter!!Aba ba DD b’abanywarumogi n’itabi hama ngo ni Gihahe,Ndakugarika.....abahutu n’abandi barundi ntitwemera Peter twese kandi tuzobibereka mubibone by your eyes,DD ntitwarasanye rimwe kandi nabo barazi ko abarundi atari imikoma,n’abagabo!!

  • Mbe ko CNDD yirigwa iratumunwa ngo urwanda nirwo rufasha abatera uburundi, iyo CNDD ko nayikoreye imyaka myinshi ugira tweho ntitwatera leta ya Buyoya duturutse mubindi bihugu???

    Ugira twatera tuva mwijuru??

    Ibihugo vyose twavamwo ko Buyoya atigeze abivuzako induru nkizo nkurunziza yirigwa aravuza ku rwanda???

    Ugira Buyoya ntiyarazi neza ko tumutera duturuka mumashamba ya congo na tanzania ni Fdlr yo murwanda nyene???

    Iyo ivyo bihugu bindi bitadafasha Cndd, ugira harico yari gushikako??

    Umwanyumwe ngo nububiligi, uwundi mwanya ngo n’urwanda....

    None tuzomenya dufatiki turekiki??

    Cndd narayikoreye ariko niyemere ko gutwara vyayinaniye iveko ntabindi

  • Hama abataha bakicwa bo urababwiriki? Bakomeze batahe bapfe? Ahokwicwa nimbonerakure nokwaicwa ninzara @mututsimwiza

  • rambaaaaaaa! oya uri inkona pe!

  • ikibazo cuburundi ntikizokemugwa n’amakungu kuk nic’uhoraho umuremy wijuru n’isi.niyompamvu ivyo guterana amajambo mwobihagarika ncuti zanje

  • Imbere Yukwo Mufata Ingingo.Banza Musenge Imana Ibayobore Muvyipfuzo Vyanyu Kuko Ariy Mushobora Vyose Ahandiho Twebw Abana B’abantu Ntacotwokwishoboza.Murakoz

  • Ahubwo abakuru b’ibihugu bagwanije iciyumviro co kuvogera igihugu cikukiye ni abagabo kandi barahabona.

  • NTANTEKODUKENEYENTAKIROBERIGIHARI KIRIKOKIRATERAUBURUNDI

  • emw urwanda nirwo rubigra ako ntaco abarundi caratuvuny ntakugugumwa

  • Ntanteko mvamakungu ndushaka kuko abadutera natwebwe tuzobagwanya kandi tuzobatsinda.

  • Ntanteko dushaka koziza mugihungu cacu kk natwe tuzirungika mubindi bihugu.azishaka turabazi nibamwe bokur le13.5.2016.abonabo ahobari turahazi nibaza tuzobarwanya kandi tubatsinde nakare twarabatsinze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.