Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MINANI Yeremiya azoserukira ihuriro RDB mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > MINANI Yeremiya azoserukira ihuriro RDB mu matora y’umukuru w’igihugu

MINANI Yeremiya azoserukira ihuriro RDB mu matora y’umukuru w’igihugu

mardi 7 Ndamukiza 2015, par Egide N

Ihuriro RDB (Rassemblement des Démocrates Burundais) ryamenyesheje ko rizokwitaba amatora y’abashingamateka mu gutanga amazina y’abazoserukira iryo huriro mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi. Mu matora y’umukuru w’iigihugu, ihuriro RDB rizoserukirwa na MINANI Yeremiya. Icivugo ni "Turi hamwe, Birashoboka (Ensemble, c’est possible)

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, MINANI Yeremiya yamenyesheje ko ihuriro RDB (Rassemblement des Démocrates Burundais) ryiyemeje guhindura ingendo zishaje mu ntwaro y’igihugu, ishimikiye ku vyiyumviro nyamukuru bikurikira : gushiraho ingendo mu ntwaro y’igihugu yubahiriza abantu bose itavanguye, yubahiriza ukwishira n’ukwizana kw’abanyagihugu bose, yubaha ikongera ikubahiriza abatavuga rumwe na Reta

Guhindura itunganywa ry’ubutungane mu gushiraho ubutungane budahengama kandi bwigenga

Guhindura itunganywa ry’ivyerekeye amagara y’abantu, abarundi bose bakavugwa ku buntu

JPEG - 270 ko
MINANI Yeremiya azoserukira ihuriro RDB mu matora y’umukuru w’igihugu

Guhindura itunganywa ry’ivyerekeye indero n’amashure mu Burundi, abarundi bose bakiga ku buntu kuva ku myaka itandatu gushika baheze amashure yisumbuye, ayo nayo akagera mu mwaka w’icumi na kabiri gusa. Mu migambi ya MINANI Yeremiya, ategekanya gukuraho ibibazo vyo mu mashure avuga ko vyashizweho n’intwaro z’agahotoro mu ntumbero zo kubuza abantu bose kwiga, ivyo bikaba ari ikibazo co mu mwaka wa gatandatu, ico mu mwaka w’icumi, hamwe n’ico mu mwaka wa cumi na gatatu

Gushiraho ingendo nshasha y’ikoreshwa ry’ubutunzi bw’igihugu mu kurwanya ruswa n’ikoreshwa "riteye isoni" ry’amafaranga ya Reta mw’ikodeshwa ry’amazu Reta ikoreramwo no gushiraho inzego n’imigambi vyinshi bidakenewe vyashizweho kugira abategeka igihugu babashe kugisahura.

Minani Yeremiya w’imyaka 36, avuka mu ntara ya Kayanza, amenyesha ko yafashe ingingo yo kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2015 nk’uwigenga kugira ahiganirwe kurongora Uburundi, akamenyesha ko imigambi afise ari iyizoshikana igihugu c’Uburundi ku ntwaro ibereye no kw’iterambere kuri bose.


Egide Nduwimana

Messages

  • Emwe, noneho rero turagowe. Gukuraho Ibibazo "Test National, 6 ème, 10ème et 13ème ou 1ère" ko umengo ntakarusho vyotanga mu bijanye n’indero y’uburundi canke mbere no mu makungu? Mbega none abo bantu atakibazo na kimwe bakoze bazoca bahabwa diplôme zitwa ng’iki? Politique iratumara, canke itwicire abana neza neza.

  • YEMWA BASENGANIMUSENGERE IGIHUGU IZO MBONERAKUREZIKEBUKE ZIREKEKWIGIRA NKA SAWURI CANKE BARABA CANKE FARAW0 ZIBUKEKO INYUMAYAKARABAYE IMANA IRAKORA

  • @ Umutoni, ahuryamye hose urota Imbonerakure? Iyinkuru ntahamwe bayishizemwo ivyimbonerakure.

  • Urazi kutazotorwa niho utagira n’imigambi , none ugomba amashure bakureho ikibazo hanyuma bazomenya gute ko ivyobigishije babimenye .

  • wamuntu wiyise umutoni bars kwiye kukujana indera canoe kwarojanti ubwo nihehe wasomye ivyimbonerakure muriyinkuru iyo mubonye abashikirije imigambi yabo murabura ICO muvuga kuko mwebwe imigambi yanyu umengo nukuzoba mugihugu kitari mwimbonerakure kuvyiyumvira biroroshe ariko kubishira mungiro is ploblem

  • Uburundi burarengeye ingendo yo gutera intambwe busubira inyuma. Nyabuna harageze ko abarundi bamenya ko igihugu kitugurutse ngo gifate inzira isi igezemwo uyu musi kazoza kubo turiko tuvyara ntako. Duhaguruke nyabuna duteze imbere indero, abana bacu bakure bazi ko bategerezwa guhiganwa n’abo muyandi makungu, ivyo navyo ntibishoka indero niyatituka. Gukora ikibazo ni inzira yo gusuzuma aho umuntu (mbere n’igihugu) ageza gutahura ivyo yize, hamwe n’ico yoshobora gukora yikorera canke akorera igihugu mbese n’isi. Banyagihugu muritonde mushishoze neza mu guhitamwo imigambi mubwirwa.

  • "Mu migambi ya MINANI Yeremiya, ategekanya gukuraho ibibazo vyo mu mashure avuga ko vyashizweho n’intwaro z’agahotoro mu ntumbero zo kubuza abantu bose kwiga, ivyo bikaba ari ikibazo co mu mwaka wa gatandatu, ico mu mwaka w’icumi, hamwe n’ico mu mwaka wa cumi na gatatu"
    Ivyo bibazo Minani avuga birinda kuba ari za concours. Navyo ibibazo vyo mu mashure bikabandanya. No mu bindi bihugu vyifise n’uko babigenza! Iciyumviro nti cari kibi.
    Mugabo iyo aba azi ingene azobigenza yari kubivuga! Bigasigura ko ari akarimi gusa nk’ako tumenyereye! Ni ka kamwe ka Mporona!
    Iki gihe abana ntibaronka ibibanza bikwiye mu mashure! Ibikoresho vyo ntibivuzwe! Abarimu bahembwa intica ntikize! None we amahera y’ukubikora azoyakura he? Nkeka azoyacurisha!

  • Emwe umuntu afise ivyiyumviro nkivyo nuwo kukera ibigugu . Je nibaza ko ataragera guhiganirwa ikibanza nkico arabanza yitoze i wabo kugatumba arabe ko bamuzi. Ikindi ukwo ndamuzi nta yo myaka afise urumva ko atanguye kubesha harakantu uwo muha poste ntitwomukira.

  • Emwe ni mumuhe nawe yigeragereze, turabe ingene azovuza abantu bose kuri gusa! Basha, aritonda abaze no muri Amerika barariha nkeswe mu Burundi? Mbegaiyo budget wewe yoba yayikuyehe?

  • @Minani: Uti uzokuraho concours ya 6eme, na 10eme, na 13eme? Ok. Uraca ukuraho na examens trimestriels, devoirs a domicile, etc. Uce uha ama licences, Masters na Ph.D. tous les i....Uwuramvye arabona!

  • @Uwera None wewe ko vyose bavuga kubijanye n’imbonerakure uca umengo ucumiswe icumu murubavu, wewe uri Imbonerakure?? Jewe ndibaza ico ivyiyumviro vyawe bimariye uburundi n’abakibamwo nkakibura. Mbega aho ntasoni bigutera kubaho umunwa wawe wuguruye buri munota?? Ushaka kwigira ko ariwe utahura Cndd n’ivyayo vyose kurusha abandi. Gahanga wishwe niki!

  • Jewe umuntu amuzi neza uyu mugabo antabare ampe amateka yiwe. None yarize canke nyene vyagiye biramunanire ibibazo vya reta! Ahubwo adufashe hajemwo transparence mu gukosora ivyo bibazo. Nta nahamwe kw’isi badakora examen kugira bungurzwe ku ntambwe ikurikira.

    Buyoya yarakoze cane yatumye concours ija ahabona abanyeshuri bakabona impapuro, jewe vyaranfashije kuko natoye concours yambere bazanye impapuro.
    Nakomereze aho rero Jeremie ma8t!

  • Minani Yeremiya ? mwoba muzi background yiwe ? cest quoi sa personnalite? si nzi uwuvuze ati atanguye kubesha kare!!! un autre aventurier de derniere heure !Uburundi aho bugeze ntibukeneye gutwarwa n abandi ba aventuriers batagira vision n imigambi itomoye. turarushe dukeneye uwudutwara abona iyo atujana adufitiye intumbero zibona zumvikana zitari indoto .Nta Minani Yeremiya ngaho il est loin d etre un homme qu il faut ! peut etre en 2100!

  • Jewe nibaza ko kurondera kwitoza ari uburenganzira bwawe Mushingantahe. Ivyiyumviro vyawe mbona ari ivyipfuzo kurusha. Wodufasha twebwe tugukurikira ukatubwira ku buryo buramvuye icabuze kugira ivyo bibe, ico vyomarira abarundi n,uburundi? Nk’uko nama, nohanura ko hageze ko abanyapolitiki bamenya ko abarundi bakanura bihweza kandi bategura. Ntibakibeshwa! ari naco gituma mubona ko hari abatanguye kwiyumvira ko ivyipfuzo vyabo bobishikako gusa ari uko babicishije mu gutera ubwoba abanyagihugu!!!! Ni akamaramaza! Ushaka kuzamura Uburundi, vuga ibishoboka kandi ubona ko hari aho biri bushikane Uburundi n’abarundi. Bibaye vyinshi werekane uko vyoja birashirwa mu ngiro buke buke mu mwanya uyu canke uriya. Ugire intabo y’imigambi ushaka gushikiriza abarundi. Kwiga udakora ikibazo binteye amakenga, Mushingatahe. Kuvuza abarundi bose ku buntu, ntavyo woshobora uravye aho Uburundi bugeze ntitubeshanye, noneho n’ivyariho vyarahuhuse niwaba ukurikirana neza aho Uburundi ugomba gutwara bugeze. Tohoza imbere yo gushikiriza imigambi hanyuma utange ivyiyumviro birashe werekane na "Faisabilité yavyo". Ndakwipfurije umugisha n’umuco mu bwenge ahandi ho woba uriko wiyerekana ko ataho uri budushikane. Ni agace ndaguciriye ndagacira n’abandi. Murakoze!

  • Jewe sindamuzi mugabo umuntu akinisha ibintu bijanye n’indero n’intango yuko ashobora kuba adatomoye; ariko naho biruko, ni mureke kuja muratuka abubahutse kugira kumbure n’abandi baze hashobora kuvamwo abogirira akamaro igihugu. Erega uwuje ntaba azanywe n’ugutsinda; ashobora kuronka amajwi asanzwe akaja mu nzego gufasha kubaka igihugu. Kuko ndavye ivyiyumviro, hariho uwubonye uwugiye mu bitoza umengo aje gusubirira uwo mu mugambwe wiwe. Tugerageze kugabanya ibishobisho kugira ivyiyumviro bibane, igitsinze ikindi kigire imigambi;
    Erega aho muriruhisha ivyo bishobisho vyanyu nta histoire y’igihugu bihindura.
    Ukubaho n’uguhinduka kw’igihugu ni programme y’Imana; tugisanzeho; tuzogisigaho;abandi babandanirize aho tugejeje;biri uko mubishaka mutabishaka muje muravuga umutima uri hamwe benewacu dusangiye igihugu Imana yaduhaye.

    Muhinduke mu mitwe yanyu!!!!!!!!!!!

  • Reka kuduhenda turazi ubwenge

  • Igifise intango kigira niherezo. komera mutama burya ntawugira ico akoze atagira vision, imigambi yanyu iratomoye igihambaye nuko mwotangura kuyisigurira abene gihugu. Nayo abo batukana nikudatahura neza ivyo basama bakaca bibagira nugusaba umuco yivyo basonye, urumva bo kwari ugutukana. ntibibace intege kuko ukuru kuzokwama gutsinda ukuru, hama abarundi isinzi turabashigiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.