Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntiharagera ko bishura ku vyavuzwe na (...)
Mu biro vy’umukuru w’igihugu ntiharagera ko bishura ku vyavuzwe na Rufyiri
jeudi 16 Gitugutu 2014
Inyuma y’aho umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel RUFYIRI, yagirije ibiro vy’umukuru w’igihugu ko biriko birahisha ahavuye indege nshasha iherutse guhabwa Uburundi, ko kandi bifitaniye isano n’icukurwa rya Nickel ryimirije i Musongati, mu biro vy’umukuru w’igihugu ntaco bashima kubivugako.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana, arondewe kw’i telefone ngendanwa y’iwe, yishuye ikinyamakuru IGIHE ko hataragera ko bagira ico bashikirije kuvyaraye bitangajwe n’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ba kaboko n’abanyuruza amatungo ya Reta.
Mukibuka ko Gabriel Rufyiri yari yabariye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 15 Gitugutu ko indege nshasha igiye kurerura umukuru w’igihugu Umuvugizi wa Reta aherutse kuvuga ko yatanzwe n’abagenzi b’Uburundi atarivyo na gato. Kubw’Umukuru w’igihugu, iyo ndege yatanzwe n’abagiye gucukura Nickel n’ubundi butare buri i Musongati mu Ntara ya Rutana. Nkako, yamenyesheje ko itamgwa ry’isoko ryo gucukura ubwo butare ryatanzwe ata higanwa rihabaye, mbere ngo bikaba bihishije ibinyegezwa vyinshi. Akaba yasavye ko Umukuru w’igihugu yotomorera neza abarundi ingene yaronse iyo ndege.
Gabriel Rufyiri yemeza ko iyo ndege yoba yaje nk’igiturire kugira ubutare bwa Nickel bw’i Musongati buze bw’imbwe atamasoko ahiganywe, nk’uko hari umuduga wigeze guhabwa Fondation Buntu isanzwe irongowe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu. Uwo muduga wari ufise agaciro k’umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi (Fbu 1.000.000.000 ), uwo nawo ukaba wari watanzwe n’ishirahamwe SAMANCOR naryo ryari ryaje kwiga ivyo kwimba ubutare bw’i Musongati (exploration) mu mwaka w’i 2008.
Gabriel Rufyiri rero akaba asaba ko abantu bafise ububasha bwo gusigura ahavuye iyo ndege, ko bobivuga kugira abarundi n’amakungu bamenye izo ncuti z’Uburundi izo arizo. Agasaba nyabuna umuvugizi wa Reta n’uw’umukuru w’igihugu gutanga umuco uhagije.
Aristide Nizigire
Messages
16 Gitugutu 2014, 11:41, par john
Burya na wanka akeza nibamureke Peter siwe yohahera .Umwanya arikubutegetsi
16 Gitugutu 2014, 12:15, par irakoze fiacre
turindir ico bazovuga!
16 Gitugutu 2014, 12:58, par Emery
Nibavuge bareke kubura ivyobavuga kukobarabifise bareke kwitoza utunyoni kuko barazi iyobayikuye
16 Gitugutu 2014, 19:52, par Nahigombeye
Ruhuka mutama amagogwa wabonye uri i buga ntayo bazi,nico gituma bavuga ivyo bashatse kuko imyaka ni myishi barimumwidegemvyo,ico nobahanura botekereza kuko ntakuganza kutava kumana!nibarindire ntiharagera.
16 Gitugutu 2014, 21:05, par willy
none bazokivuga ryari !
16 Gitugutu 2014, 22:30, par Nininahazw P Ephraim
Umugore n’umugbabo murugo gwabo baja inama! umugore azanye ikintu araheza akabwira umugabo wiwe ati nakirose muburyo ubu n’ubu!numugabo nawe akabigenzuko! gutyo ugasangu rugo rurisawa.nayahandi umugore agiye arasumira inda yiwe n’umugabo agasumira inda yiwe,urwo rugo ntaterambere riharangwa!! ndibaza ico nshatse kuvuga muracumva!
17 Gitugutu 2014, 19:43, par hakizumukama Dieudonné
nabo bavuga nabo uwo bashira kubutegetsi ntibobura uwubanegura aha n,uko badaherutse urusasu
18 Gitugutu 2014, 06:41, par masabo
None iyo ndege ni iya Peter canke ni iya reta?Niyaba ari I ya Peter navyisigureko naho niyaba ari I ya leta ntakurinda kwisigura kuko nuwo abibaza hamwe yogira ayo mahigwe yoyijamwo.