IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiciro c’imiti kigiye gukurikiranirwa hagufi

Igiciro c’imiti kigiye gukurikiranirwa hagufi

lundi 26 Nzero 2015

Mu nama nshikiranganji yamaze iminsi ibiri irongowe n’umukuru w’igihugu, ibitari bike vyarizwe ngingo nk’ibijanye n’igisata c’amagara y’abantu, abava mu gihugu binjira mu kindi n’abaza kumara iminsi mu Burundi.

Muri iyo nama yo kuri uyu wa 21 na 22 Nzero uwu mwaka, umushikiranganji Sabina Ntakarutimana arongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, akaba yashikirije ko mu cirwa cakozwe mu mwaka w’2013 kukungebne imiti ishikira abayikeneye, cerekanye ko imiti igurwa amafaranga menshi, iyo ikaba intambamyi kubayikeneye bose. Akavuga ko imiti uko itangwa mu bitaro vya Reta atariko igaruka ngo itangwe mu bigenga. Hakaba haciye humvikanwa ko hotunganywa inama kubo vyega bose, kugira hashikwe ku ngingo ihumuriza bose, muri ico gisata c’amagara y’abantu. Mukamenya ko haheruka ndetse n’ugusohoka itegeko ry’umukuru w’igihugu rigena Fidele Ntunzwenimana kugira abe ariwe arongora ishirahamwe CAMEBU rijejwe kugura imiti yinjira mu gihugu.

Nayo ku bijanye n’abava mu Burundi binjira mu bindi bihugu bitandukanye, inama nshikiranganji ikaba yashimye gushiraho poritike y’igihugu ijejwe kuraba abinjira n’abasohoka. Uwo mugambi w’igihugu ukaba washikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard Nduwimana. Avuga ko uwo mugambi ari ngirakamaro mu kuraba abinjira n’abasohoka mu gihugu, ku bw’umutekano w’abarundi hamwe n’abanyamahanga bose bipfuza kumara igihe mu gihugu, bakurikije amategeko. Uwo mugambi ukaba waciye wemezwa n’inama nshikiranganji.


Aristide Nizigire

Messages

  • IMITI NI AKAMARAMAZA !!!RABA RUGURU MU MAVURIRO MATO HARI IRUHANDE UDU PHARMACIES DUKORANA NA CENTRE DE SANTE TUKAGURA IMITI YOOSE IJE HAGASIGARA UTWO GUHENDA ABANA , ABAGORE ARIKO NI IBARA ,,NA COMITES NTACO ZIFASHA ..NONE BIZOGENDA GUTE ::::__??NONE NGO PETER AMAGARA Y ABANTU NI KWA GUSA...YEMWE SINZI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.