IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi: Hahimbarijwe umunsi mukuru w’abakozi ku rwego rw’igihugu

Ngozi: Hahimbarijwe umunsi mukuru w’abakozi ku rwego rw’igihugu

jeudi 2 Rusama 2013

Mu gihe kw’isi yose bariko bahimbaza umusi mukuru mpuzamakungu w’abakozi n’akazi, umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yawuhimbarije mu ntara ya ngozi, ku kibuga co Kumuremera.

Ivyo birori vyari vyitabwe n’abandi banyecubahiro, abashikiranganji, abashingamateka n’abakenguzamateka. Abakozi bo mu bisata bitandukanye, amashirahamwe y’abarimyi n’aborozi, abacuruza, n’abandi banyagihugu benshi.

JPEG - 33.3 ko

Abashikirije amajambo bose bagarutse ku civugo c’uyu mwaka catowe kivuga giti: « Dushire hamwe, twijukire ibikorwa vyo soko ry’iterambere rirama. Duhinduke tumemenye ko iterambere ridukomokako rikatugarukako ».

Inyuma y’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na buramatari w’intara ya Ngozi, Bernard Selemani arongoye ishirahamwe ry’abakozi yamenyesheje ko abarundi bose bakuye amaboko mu mpuzu bagakora, nta kibuza Uburundi bwotera imbere.

Hakurikiye ijambo ry’umukuru wa Cosybu(Conféderation de Syndicats du Burundi), aho yatanze muri make icegeranyo c’ivyaranguwe, aranakebura ubushikiranganji bumwe bumwe budakora neza. Uwo musi mukuru w’abakozi n’akazi uhimbajwe mu mwanya hari ukutumvikana hagati ya Leta n’abamenyeshamakuru. Ku bwiwe, itegeko rigenga abamenyeshamakuru kuritora vyoba ari uguhonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu mu kumenya neza inkuru nyazo.

Mw’ijambo nyamukuru ry’uwo musi, umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yagarutse cane ku nsiguro ko akazi keza n’ibikorwa vyose bishingiye ku mahoro n’umutekano.

Yagarutse kandi ku ngaruka mbi za kahise k’igihugu, ari nayo mpamvu abarundi bose bakwiye kumenya iyo bavuye bakagereranya naho bageze ubu, hama bakibona mw’iterambere kandi bagakoresha neza umutwe, umutima n’amaboko yabo kuko arivyo mushinge wo kwiteza imbere.

Mukurangiza, yaboneyeho akaryo ko gushimira ababaye akarorero mu bikorwa muri uyu mwaka uheze ugereranije n’uyu munsi mukuru. Intara ya Ngozi yahawe agashimwe ko kuba yarashoboye kwiyubakira ibiro bikomeye. N’amakomine yarushije ayandi mu bikorwa vy’iterambere yarahawe agashimwe, kumwe n’abakinyi bamwe bamwe baserukiye Uburundi mu nkino zitandukanye. Aho twobabwira nka Francine, umunonotsi na Odette wo muri Judo bamaze gutahukana imidari myinshi mu mahiganya mpuzamakungu.

JPEG - 59.9 ko
JPEG - 48.5 ko

Joel sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.