IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muri OLUCOME basaba umuco ku mafaranga akoreshwa ku ndege yagurishijwe

Muri OLUCOME basaba umuco ku mafaranga akoreshwa ku ndege yagurishijwe

jeudi 1er Rusama 2014

Ishirahamwe OLUCOME riratewe amakenga n’amafaranga yama atangwa bikavugwa ko ari ayo gutunganya n’ugukora indege irerura umukuru w’igihugu kandi yaragurishijwe haraheze imyaka itandatu. Muri OLUCOME basaba Reta ko yotanga umuco kuri ayo mafaranga akoreshwa ku ndege yagurishijwe.

Imyaka itandatu iraheze mu mafaranga Reta ikoresha harimwo ayashika imiriyaridi zitatu zirenga ku mwaka ashirwa mu bikorwa vyo gutunganya n’ugukora indege irerura umukuru w’igihugu. Mu gihe indege Falcon 50 yarerura umukuru w’igihugu yagurishijwe haraheze imyaka itandatu, mw’ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de la Lutte contre la Corruption et les Malversations Economique) batangazwa n’ico ayo mafaranga arenga imiriyaridi zitatu ku mwaka akora, bagasaba ko mu biro vy’umukuru w’igihugu botanga umuco. Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME asaba kandi ko mu biro vy’umukuru w’igihugu botomora ku bijanye n’ingene umukuru w’igihugu yiyunguruza iyo agiye mu mahanga.

Muri iryo shirahamwe ryiyemeje kurwanya igiturire n’abanyonyeza amatunga ya Reta basaba umuco ku kungene umukuru w’igihugu yiyunguruza kuko inyuma y’igurishwa rya Falcon 50, bafise amakuru ko haheze umwaka n’igice hari indege bivugwa ko ari iy’umurwizatunga w’umudandaza wo mu gihugu ca Afrika y’epfo irerura umukuru w’igihugu. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avuga ko mu biro vy’umukuru w’igihugu bakwiye gutomora, namba iyo ndege ari ingabire, canke ikoteshwa. Kubwa Gabriel Rufyiri, ntivyumvikana ingene ingendo n’ubuzima bw’umukuru w’igihugu vyoshirwa mu minwe y’umudandaza.


Egide Nduwimana

Messages

  • KUGIRA ABO BOSE BAZOCIBWE IMANZA IGIHUGU KIJE MU NZIRA Y ITERAMBERE NUKO BORIHA IVYO VYOOSE BAYOGEJE NTA HANDI TUZOKURA AMAFRANGA YO GUTEZA IMBERE IGIHUGU NTA HANDI YEMWE....

  • NKURUNZIZA NUKUMUHA IMMUNITE , ARIKO ABANDI BOSE BATUMARIYE AMAHERA ABANA BACU BOKORESHEJE MURI KAZOZA , IL FAUT LES TRADUIRE EN JUSTICE SANS EXCEPTIONS AUCUNES, NONE BAZOHAVA BASIGURA NGO NUMUKURU WIGIHUGU YADUTUMYE KWIBA,
    - JAMAIS ET JAMAIS""NUL NE PEUT INVOQUER SA PROPRE TURPITUDE:NEMO AUDIATUR PROPRIAM TURPTUDIMEN ALLEGANS
    - TOUS LES DOSSIERS DE MALVERSATIONS ECONOMIQUES , DE DETOURNEMENTS DES DENIERS PUBLICS , ET DE CORRUPTIONS A GRANDE ECHELLE SONT BEL ET BIEN CONSERVES EN TOUTE SECURITE
    - WAIT!!!!

  • Mon cher ami Alexis SINDUHIJE, comme je suis membre du parti MSD depuis sa création , j’ai découvert que tu n’étais pas digne d’être le Président de la République du Burundi depuis que tu t’es donné le pouvoir d’insulter les officiers Généraux d’un pays qui tu cherchait àdiriger. Ce qui c’est passé dernièrement découle de ta manque de maturité politique. Mon cher président de notre parti, rappelez la veille du désordre que tu as dirigé àBujumbura je t’ai dis que semer le désordre dans un Pays que nous contons diriger est une mauvaise option , tu m’as répondu avec arrogance que le pouvoir des HUTUS ne doit pas continuer dans la tranquillité. Rappelez vous que un autre compatriote proche de vous vous a dit aussi que la lutte politique ne devrait pas être fondée sur une idéologie de ségrégation ethnique, tu lui a répondu qu’il n’y a pas de HUTU qui peuvent nous élire , et pourtant le Burundi n’est pas pour une seule ethnie des TUTSI.
    Nous qui sommes dans le Pays et qui ne soutiennent le désordre fondé sur la ségrégation ethnique, alors que nous nous souvenons du passé des années 1965,1969,1972,1988,1993,2003 nous nous insurgeons contre la politique divisionniste , nous voulons vivre en harmonie avec nos frères HUTUs, je lance un appel àtous les politiciens burundais de se désolidarisé avec les gens qui cherchent ànous entrainer dans des situations de violence . c’est le moment de développer notre pays , et d’ailleurs la démocratie n’est pas le désordre.

  • Ikibabaje Nuko bakuyeho igihano co gupfa a anti ataco bamariy Imana n’abantu ntakimazi co kubaho kuk twobasaniy Gukizwa ariko nuwa tweteka kwa kijijwe niwe yahindutse kumara a anti binzira katengane.Adahanywe nabantu nkawe azohanywa n’Imana.

  • JEWE SINDI MURI MSD ARIKO UYU MUNTU YIYISE GASEKEBUYE AGIRA ABE NKA CONCILIYA MURI UPRONA DD YABAHEJEJE ABA MSD...HAAA MURABE NEZA NUKO BITANGURA..KO TURI KURI DOSSIER Y A CORRUPTION IVYA MSD UBIZANYE UTI ..PUUU SONZA WIGUMYE CANKE URI UMU DD UTA WA KUBA UBESHA!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.