IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe mu burongozi bwa CNTB

Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe mu burongozi bwa CNTB

lundi 20 Ndamukiza 2015

Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe mu mabanga yiwe yo kurongora umurwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo CNTB (Commission Nationales des Terres et autres Biens)

Musenyeri Serapiyo Bambonanire yahora arongoye CNTB

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru IGIHE abivuga, Serapiyo Bambonanire yakuwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu 100/99 ryo ku wa 18 Ndamukiza umwaka w’2015, uwamusubiriye, akaba ari Tharcisse Nkunzimana. Musenyeri Serapiyo Bambonanire rero, akaba yanaheruka kwiyamirizwa na bamwe mu bashingamateka batowe mu ntara z’Ubumanuko bw’igihugu, hamwe n’abanyagihugu, aho umurwi arongoye wagirijwe ko ucanishamwo abahungutse n’abasangwa, ndetse ukagirwa n’ibiturire.

Eka mbere, tukabibutsa ko Musenyeri Serapiyo Bambonanire yari yanageze aho yifatira mu gahanga bamwe mu bategetsi b’intara nka buramatari w’intara ya Makamba, hamwe n’abashingamateka batowe muri iyo ntara, ko bitwaza ibura ry’amajwi kubera umurwi arongoye. Ibijanye n’uwagenywe muri ayo mabanga, tukaba tugiye kubandanya tubibaronderera.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nakugwe nakare ntamuntu wimana yisuka muvya politique!

  • Bari bamutebeje,kuko yari umugabo adatamikwa ijambo!

  • Ahubwo nuko ngira afise ubudahangarwa yarakwiye gufungwa.

  • GUKURWA NIBISANZWE.NABANZE ARUHUKE AGENDEVGUFASHA KIRIZIYA GUHANGANA NABAYITEZA URUBWA BITWA KO BAYIRONGOYE.

  • Bari baratevye kuko asize yononye vyishi .bace bamuduga ahubwo kumusaga

  • ego nakugwe mugabo Abarundi tuzokweramerako yakuwe tubonyeko babanya Omani bashubijwe inzu yabo mu Rumonge ! Nyakabeto Justin babarundi isinzi yangaza nibabagzrukane hanyuma atabwe munvuto yishure ingaruka zashikiye ababuze abanababo muri Ngagara nahandi aho twovyera bidakozwe gutyi bizobazwa leta

  • nagende yamara ivyo yahurunganije ntibigaruka

  • nagende yamara ivyo yahurunganije ntibigaruka

  • @Ntacontemanga
    "Bari bamutebeje,kuko yari umugabo adatamikwa ijambo !"
    Womenga abadashaka kuniganwa ijambo bagiye kugera ku mushiro!

  • gukurwa nikimw ayagumaho nahonikindi non uwusubiriy azoheza asubizutwabo abatwatswe na bambonanir reka nawtuzorabe gishasha azozana

  • tuvyizere kuyo amusubiriye azotorera umuti amatati y’amatongo ari mu ntara zo mubumanuko asubize umwumvikano hagati yobo

  • Abasoda b’uburundi nako imbonerakure ngo zahereye muri somalia, al shabab yabarashe ijoro ryose harokotse bakeyi cane. Abamenyeshamakuru bakaba babujijwe kuvuga ibitigiri vyahatikiriye. Imana ihoze abasigaye

  • Aaaaaaaah!!!!! Serapiyo nyakugirimana igire amarembe twari turushe bihagije!reka twizere ko bigiye guhinduka.....

  • Reka twizere ko ibintu bigiye gusubira mu buryo!!!!!!!!!!!!!!

  • mbega aho baduhenda ngo bamukuye yemwe barundi barabonye ko turi impunyi kweri niho bigira nkinda iri mubushambara abantu bakicwa ntihagire uwuvuga abantu bagakererwa nkimpene, iyo nimigambi yabamushizeho bariko barondera ingene botorwa babahe amajwi hama nimwabatora yemwe azogaruka aho nyene muzoba mubibona .

  • uwugukuye arihaye akamenyo,aridigadiga ariko ntatwenga,tuzogusabira mutama akazi yariyagushinze wariwakaranguye bishimishije aho wosanga uzize ikiringo ca gatatu.

  • Nzomwibukira kukuvuga nabi ahubuka, abomoka nk’imanga zo mu Nyaruhongoka mukwa5. Jewe bisigaye bincanga pe!! Basubire muma program yigishwa mumashuri basubizmwo za Philosophie, Sociology, abantu basubire kugira ubymuntu na IDEES na canecane abaturongoye. Ubwoko buragwira pee!!!!!!!

  • Ariko jewe abantu murantangaza! None mubonyagiyehe? None hariho amakosha banditse ngaha bavuga yakoze? Bamuciriye umunyororo uganagute? Yaciwe ihadabu ingana gute? Niyaba murivyovyo atanakimwe kimuraba nimumuhe amahoro mureke guconganisha mubijana mwayangeso yogukokeza. Jewe ndaziko ngaha mu Burundi hariho abantubeshi bigeze gukorera igihugu bakagerigihe bagahagarikwa ariko nunomusi turabubaha ekambere harinahosanga bahawe ibindibikorwa bakora, nimurubwoburyo uyomuvyeyi musenyeri ejo azobayahawe ayandimabanga kukontakabi kameagira mugihugu ciwe cu Burundi.

  • Ce prelat a dit depuis longtemps a Nkurunziza que s,il l,embete, il remettra le tablier et se presentera comme candidat aux presidentielles contre lui. Ca serait interessant de l’avoir dans la course .... contre Radjabu.

  • Nyakubahwa Imana yakumpaye ikunzigamire!genda amahoro ariko abuhitanye bobo urabahitanye ubu bari mwibarabara!Ha!muzokwicwa nihwa.

  • Imvo nyakuri yo guhagarika imyimenyerezo nuko abanyamerika bategetswe ku nguvu kwinziza imbonerakure muri nya myimenyerezo hama UMUZUNGU ASUBIZA ADOLPHE KO ATAZANWE NO KWIGISHA IMIHIMBIRI IGISODA. Baca bafunga imizigo yabo buno nyene, eka amakuru yasakaye ku mudubugu avugako ibimodoka vyari vyazanye imbonerakure vyaciye bisubira inyuma mu bucagucagu bwo kuri uno wa gatanu w’indwi iheze

  • Arakagenda arakitwara arakameneka uwo munyamacakubiri yararembeje abenegihugu ...Yakora uko asa

  • NAGENDE ARUHUKE POLITIKE.ARIKO NAHO BIRI UKO,NUMUKOZI PE.NAGENDE AFASHE UMURYANGO WA EKLEZIYA WAMURUNGITSE.

  • nagende iyo scorpion ahubwo narinzi ngo azahumira ibintu yakora narinziko azokwamaho internellement !!ngo ni mon Seigneur!!! Imana yokuri 21 em siècle yaragowe ndabarahiye!

  • Ntibitangaje,ahubwo bari baratevye kumusitura.Naje gusoma misa nimbe akivyibuka!

  • Izina rikwiye uyo musenyeri ni SCORPION BAMBONERAKURE kuko yuzuye ugwanko na macakubiri,yemwe yanka izina Mututsi muburyo burengeye ubgenge,mugabo ntawokurenganya c’est ton droit absolu.

  • AAshhhhiiiiii , temba temba Serapiyo abarundi baruhuke ubukozi bwikibi bwawe , wa mugesera we wumwicanyi....

  • uri umusazi vena,ivyo usaba ntibishoboka,bari baranyaze amazu y’abahutu ayabasohoramwo,ntashobora gupfungwa pour ça,nibamuhe ayandi mabanga akora neza!erega ni mba bamukuye ce n’est pas pour vous faire plaisir!

  • Natembe aratemba nka mwaka, iryo shano ryabunzwe n’amacakuburi. Nagende gusanga ses deux femmes yasambanya akabavyarako agaça abata

  • It’s amazed!i don’t undersand how u ’re ignoring a good man as bambonanire serapius mgr!even if u’re being choosed to be at the head of this commission,u can miss how judge it clearly!u must firstly be a man who haven’t feary coz it’s so difficult to put inside a family somebody who spent 40 year old in same house!also the one who is rejected out can’t glorifie i that u practise a good thing on him!whoever replace him must accept to be spoken badly except when he’ll do his work badly!

  • Niyumvira ko iyo mivumo mumushirako izoheza ikabagarukako kuko Imana niyo yonyene izi ko yakoze neza canke nabi mu bikorwa yarajejwe.

  • @Butigu

    Hewe ga Butigu, uraraba neza ko utari mwishwa wa Micombero yamariye abahutu b’abarundi kw’icumu abahora uko bavutse, abandi arangaza, ukamenga we ntiyopfuye canke ngo yangazwe. Serapiyo nimumurekere amahoro yiwe, kuko ata muntu numwe gushika uyu munsi aragandagura amuhora izuru yavukanye. Muramenya kandi ko ata bubisha busumba kwica umuntu waheza ukamunyaga ivyiwe vyose ataco agusumvya. Nimutuke ababahenze, bakabaha ibitari gwabo kugira mugume muri abaja babo kandi kuba umuja murazi ko ata bukiriro burimwo.

  • Monsieur Serapion,umve uyumugani: Ntugaseke amakuba yamuka so utazi ayishe nyoko. "bisigura ko ivyo wakoreye abarundi bamwebamwe mudasangiye ubwoko canke umugambwe mukubangaza no mukubakura muvyabo,mugutwara abana buburundi mumpimba yamusaga kuko bariko barakoma induru kwuriko urabanyaga ,ubangaza,ubakura mutwo base babarondereye,nokwibutsa irijambo rivuga ngo: "Imana ntishinyagurizwa".Hama igihe Kayini yica mwene wabo Abeli Imana yamubwiy ngo: amaraso yamwene wanyu ariko arantakambira. naw amaraso yabo wanyaze utwo birondereye namarira yabo baguye kumusaga kubera akarenganyo kaw,nayone ariko aratakambira Imana.rindira gato biracaza...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.