Accueil > Amakuru > u Burundi > Mutakura na Cibitoki imyiyerekano yabandanije
Mutakura na Cibitoki imyiyerekano yabandanije
jeudi 7 Rusama 2015
Abanyagihugu biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bo mu makomine ya Buterere na Cibitoki bitavye imyiyerekano mu gatondo kokuri uno wa kane igenekerezo rya 7 rusama.
Kuva nk’igihe c’isaha zibiri z’igitondo,ibarabara rigabura Cibitoki na Mutakura ryari rimaze kwugarwa n’abari mu myiyerekano.Imodoka z’igisirikare n’izigipolisi nizo zonyene zarengana muri iryo barabara.
Kuva kw’ibarabara rya 2 gushika kw’ibarabara rya 14 rya Mutakura,utuzu two kudandarizamwo,amabuye,ibiti n’ivyuma bitandukanye harimwo mbere nivyo umuntu atokwiyumvira ko vyoterurwa nk’ikontenri vyari vyugaye iryo barabara.
Kw’ibarabara rya 14 rya Mutakura,abari mu myiyerekano bari banditse mw’ibarabara ngo «Pierre kinjura»,ahandi naho ngo «3 eme Non».
Nk’igihe c’isaha zitanu n’igice abavuye muri Komine ya Buterere bari bashitse,batangura kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu,hamwe n’izindi bavuga ngo «Politike zirarutana».Igisirikare n’igipolisi babankiye ko babandanya ngo bajabuke ikiraro kigabura Komine Ngagara na Komine Cibitoki,baca badugana ibarabara rya 15 rya Cibitoki bagana ibarabara ryitiriwe Kanyoni.
Icibonekeza n’uko kw’ibarabara rigabura Cibitoki na Mutakura amazu badandarizamwo menshi yari yugaye,abari mu myiyerekano bakaba bahayagiza abasirikare bavuga ngo «Ingabo» mu gihe imodoka irimwo abasirikare yaba barenganye.
Uyu munsi ugize uwa 9 imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu itanguye mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura.
Messages
7 Rusama 2015, 18:40, par komando
bandanya muterere agacumu k’ubumwe azoteba akinjure canke akinjuzwe ku nguvu z’abanyagihugu
7 Rusama 2015, 21:02, par BENJAMIN NIMUBONA
UKURI IMBERE < NANYUMA YAZERO IRAKORA>
7 Rusama 2015, 21:48, par Mvuyekure isaac
uyomugabo nakinjure ntagutwara abanyagihugu batagomba.
7 Rusama 2015, 22:33, par NTIHARIRIZWA BERNARD
NAREKERERE ABANDI BATWARE HAMA NABO TURABE IVYABO NABONYE NIBATAKORA UKO ABANYAGIHUGU BASHAKA BAZOBIYAMIRIZE
7 Rusama 2015, 22:59, par humble
Ndashimye ukuntu iyimyiyerekano yagenze neza nuvyiza kuba atamuntu yapfuye canke ngwakomereke nkanyakabiga ivyobagize sivyo kwica sivyodushaka dushaka amahoro numutekano muburundi.
8 Rusama 2015, 07:08, par sezibera
biteye agahinda nisoni kubona uwurongoye igihugu akaba numukozi w imana yubahuka agatanga igiturire ngo sentare ikore ivyo ashaka barundi barundikazi muzoperereze imana akorera iyo ariyo
8 Rusama 2015, 09:24, par wibabara odette
Mbega bokugiririra icizere kuko waba warakoze iki?
8 Rusama 2015, 17:02, par tonny
nakuze numv ngo wasw nabantu utwara niyo ntango yokutemegw nimber yuhoraho.non Iman kwiguh intama nguziragire zikwumvire zikunaniy ntuh uwund mwunger akarab naw k zimukundira???natange
9 Rusama 2015, 18:50, par MUHARE ZAZI
NUKURI NIDUKOMEZE NO MUGIHUGU HOSE EKA NO MUMAKUNGU BADUFASHE KUKO BIRATEYE ISONI KU BAGOMBA KWIGA TWESE CANKE GUKURIRA MUGIHUGU
13 Rusama 2015, 08:19, par Nduwimana Marcel
Ariko Se Ko Bamw Bavuga Ngo "3eme Non!" Abandi Nabo Ngo " Oui!" Banyarucar Bakahaboner Ayo Yaboney Kumugezi. Uburundi Bwacu Buravah Bukaja He?
24 Rusama 2015, 21:25, par Nzisabira Claude
Mbeg Umus Imana Yabajij Amaras Yasestse Uwuzomanik Urutok Azoband Muburundi?Mbajij Beshi
29 Rusama 2015, 21:44, par MISAG
NIBAREKE PEREZIDA YITOZE KUKO SIWE YISHIZEHO YATOWE NABANYAGIHUGU OK