IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nditije :" Ntiharagera kuvuga ko twatandukanye na Rwasa "

Nditije :" Ntiharagera kuvuga ko twatandukanye na Rwasa "

mardi 28 Mukakaro 2015, par Paterne

Inyuma yaho umushingamateka Rwasa Agathon yitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka kuwa mbere igenekerezo rya 27 Mukakaro,Karori Nditije umwe mu barongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi atitavye ivyo bikorwa avuga ko atawovuga ko bamaze gutandukana na Rwasa Agathon.

Karori Nditije yavuze ko bavuganye na Rwasa Agathon akamubwira ko abanywanyi biwe bamuremereye bamusaba kwitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka,ariko ivyo kuja muri Reta bakavyiga mu nyuma.

Karori Nditije amenyesha ko nimba Rwasa Agathon yararemerewe yoraba inyungu akuramwo cane cane inyungu ku banyagihugu,ku mutekano no ku banywanyi biwe.

Uwo ari mu barongoye Urunani tw’Abigenga Amizero y’Abarundi amenyesha ko mu gihe Rwasa Agathon yovuga ko ashimye ivyavuye mu matora n’inzego zizovamwo kandi zigashingwa,ata nkeka bazovavanura.

Mwomenya abashingamateka 19 kuri 30 bo mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi aribo bitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka.


IGIHE

Messages

  • Ivyomuvuga Vyose Ntimwibagire Ko Haribenewanyu Barimumahanga .Ariko Mwihanivyaha Koko Ntamahoo Yabanyavyaha.

  • Kuramwo Akarenge Nditije Kuko Akaba Yarageze Muminwe Ya Bizimana François Ntanakimwe Mugikiza Kuko Yinjiye Kwa Rwasa Afise Une Mission Precise. Niwashaka Uravyemera.

  • Warasaze Ugira Umusubire? Yaraciyubwenge

  • Imbwa ntizira ibigombako bihora.mbe abobamuremey yarabikorey kumutw? vugishukuri ko yatwaw ninda yiwe.

  • wamugabo?nturamenyakoabarundi turushe? kandi iyomitweyawe ntubonako ushaje? noneivyobiharivyawe vyodushikanahehe? mureke rwasa arisaziye kandicowomenyaco nikimwe twe bge abanyagihugu nitwe tuhahonera nayomwebge mushaka ivyicaro nokwibera abategetse.

  • none kokarori nditije atagiye munama nshingamateka ya mbere hakaba haratowe nabazose kira abandi kandi umushingamateka usumvyimyaka abandi akaba ataje kandi yarikuva murunani rwabigenga amizero y’abarundi wumva we yarashatse kwabanyagihugu bamuyoboka bazoserukirwa ahubwo baribakwiye gutonda unomunsi ivyo navyo vyokuja muntwaro bovyumvikana hanyuma kuko inguvu abanyagihugu bakoresheje mukumuhunda amajwi zoba zipfuye ubusa .

  • ahubwo naw barungik kugira mucunge ibwirizwa nshingiro ntirihindurw hama amator azob muri 2020

  • AHUBWO NAMUSANGEYO EREGA NAWE NYENE TURAMUKENEYE KO ADUSERUKIRA MURI LETA.

  • iryokoti rya nditije narondere abarimutwaza ahandiho baramuhinyuye.nagende kwa,hirinka

  • Uwo mutama niyemere kuja muri nama nshingamateka niho n’abanywanyi tutazoguma dutotezwa.

  • Imana niyo nkuru.mws murihenda.ico yashinz nico kizoranguka.twe,abanyagihg twishakir amahr gs.nimwumvkan mudasiz inyung zany imbr.

  • turabasavye mu komez kuvugana na Rwasa mu kurikiranire hafi umutekano wa banyagihugu bitavy akamo kimyiyerekano nihagire ivyamacakubiri bisubira kugaruka ahubwo mugwaniriz hamw intwaro zikandamij abarundi nti dushaka ko abahutu cank abatutsi bicwa haba muma quartier yose bahereyemwo,hama tugiy kubandanya turi ku mavi dusabire imiryango yacu n’igihugu turonk amahoro kuko iyi n’isaha y’Imana yo gukora

  • Sintahura ingene Rwasa Agathon yogira kubuza abanywanyi biwe kuja mumatora, hanyuma agaca aja gushima ivyvuyemwo. Yari gupfuma yitoza bakamutora hanyuma akareka kuhemurwa n’amajwi y’intica ntikize. Abanywanyi biwe barishwe, barapfungwa, baraheba kwitoza etc none bazokunguka iki mur’iryo ja munzego ry’umukuru wabo.

  • Ewe Nditije Murama Munama Rimwe Na Rwasa Mwibuk’aho Muri Nivy’abanwanyi Banyu Bariko Barakorerwa,rwasa Nawe Yibuke Ryajambo Ko Ahakub’Imbwa Wob’imva,nditije Nawe Urabe Kosiria Ntatwar’ibibanza Vyawe Kuk Abacunze Kukagohe Ngwasimbire Kuvy’atarose.@

  • NYAKUBAHWA,AGATO NDAGUKEJE UBUSA,BUSUMBA,AKAMARAMAZA MUREKE,NDITIJE,IVYO,YARIY SIBIK!!AHOBAGUHENDEY ABOBATUTS,NIKERA BIKUREKO!!!

  • Rwasa na nditije nabagabo bakarorero muburundi bwose abahutu nabatutsi nabatwa tutari aba extremists turabahaye salute . nukorero in babitahure kumwe niyonzira yo gushayura uburundi isigaye batandukanye kuruhande rumwe hariho uwuzicuza

  • Urazi Ubwengesha Ugomba Asokore Ucu Hasimbira Nkuko Mwabigenjeje Mri2010 Ubuho Yarikanuye Yabahinyuye

  • Maramarira hiyo, Rwasa yaraguhinyuye sha!

  • uwushobora gushikira Nditije ndamutumvye amumbwiririre ati Ivyo wibaruzi kandi wari witez ko bishikir igihugu kubera ya mandat yawe ,Imana yo hejuru yavyanse kandi ivuye hasi ihindukiriye abayisunzr mu kugumura abene gihugu uti nimb urimw uti ngwaho mandat y’imana baragucakira.kandi muti habavye ushaka woshira amaboko hejuru ntawagutumye ngumuserukire ahandi atar mu nama nshingalateka.uti wewe watumwe nande

  • Burya Kumenya Ikiri Mumutima W,umuntu Biragoye,hamw Gwasa Yoba Yemeye Kuja Hamwe Na Pita,yoba Amaramaj Abanywanyi Biw Bapfuy,ubwo Yibagiy Ko Yagira Apfakare Mumisi Iheze?Haha Inda Nimbi

  • Burya Kumenya Ikiri Mumutima W,umuntu Biragoye,hamw Gwasa Yoba Yemeye Kuja Hamwe Na Pita,yoba Amaramaj Abanywanyi Biw Bapfuy,ubwo Yibagiy Ko Yagira Apfakare Mumisi Iheze?Haha Inda Nimbi

  • Muntabare mubwire Nditije
    - Muti mbega iyo mariya yanse kurongorwa na Yohani.Hama umunsi umwe akinamura akagenda akarongorwa na Yohani akanavyara.Mugenzi wa Mariya yitwa chariya azovuga ati ni sawa Mariya yaragiye kurongorwa kwa Yohani yaranavyaye kubera ineza y imiryango mugabo akazohirahira akemera ko ari umugore wa yohani aho tuzoca tubuca...bisa nivyo kwa Rwasa.Ko yinjiye mu nama Nshingamateka bisgiura ko yemeye amatora.Nawe umaze gutanga ico kiganiro gisigura ko mwemwye amatora.Mubwire kandi ko aho tugeze tubanegura.Abo ba Nditije bameze nkivyana bitarezwe .Akazi kabo ni kugumuka gusa.Mbega yemwe abo bantu ba Nditije ntakuntu bobajana bakabafasha kutenza imbere utwo tucabarets twabo..Agafi kiwe accompagne par ubugari ni uzokwame umpa...Burya bagabo umuntu azi ubwenge aharanira ivyo azi gukora neza.Ba Nditije nibarekere abazi Politique batware igihugu maze muri 2020 umurundi wese azobe ateye imbere atatugumuko
    Nditije numa...Politique si iyabose

  • igihe cose umuntu abisabwe n’abamukunda ategerezwa kuvyubahiriza kuko akagayo ntaho gashikana. None yohava agata mu rugmdubi abamutoye kandi bamwizeye ? courage Agathon uyoboke abakwizeye.

  • none burya abashingamateka bose bategerezwa kuba bangana gute ?

  • iyava yatumwe n imana sabanyagihugu bamutumye.mbe basha uyumutama yabayiki?yariyi mbombo

  • Mbe Ko Bivugisha Ayamuhe 2015 niho bakanuye gusumba 2010? emwe baramenyereye kurya ivyo rwasa azize,aho bashaka kumugira nko muri 2010.

  • komera kumuheto mutama,icadutwaye mwishamba ni kurwanira abanamarimwe,nitwagiye kurwanira abatusti,nibareke kudukoresha nkabana twaraciye ubwenge twe abanamatimwe.bacumugani ngo igiti nikidukora kabiri mujisho.

  • komera mutama naho uzosigara urumwe uzokwemere upfe ariko uharanire ineza y,igihugu nayo rwasa twamukuyeko amaboko kuko uwishoye mubirara ntakundi.

  • UBUNAHO BASUY KWIBAMATORA HOOO HARIKERA AHOMWAMUHENDA YARABAHINYUY IGITI 2 NEVA NEVA YUUUUUUU!

  • UBUNAHO BASUY KWIBAMATORA HOOO HARIKERA AHOMWAMUHENDA YARABAHINYUY IGITI 2 NEVA NEVA YUUUUUUU!

  • emma
    nditije maramarira kumusozi gwasa yaguciyemwo ubu ari muri reta nawe urekuza ubwirabure namagoti atakubereye shaa uriko urerekanako abatutsi muri abagome mugabo ntaco muzoshikako kandi ntimuze muritwaza OBAMA na amerika yiwe amerika siyo idutwa.

  • Yezu Niwe Mutabazi.Nabarundi Azodutabara!

  • Sinababwiye ko uburundi ntamurongozi bwigeze bugira nyuma ya bagaza usivye leta ya domitien na kadege akunda igihugu bose ninda,
    1.Buyoya yazamuye benewabo ba bururi na makamba bamukeza gusa
    2. Ntibantunganya yari bwoba
    3. CNDD murayibona yageze naho ishira interahamwe mugipolisi kugirango bice abanyagihu
    4. Opposition ngo Agathon yinjiye leta kandi ejo bundi yaratera akamo
    5.Sinduhije ariko arikubitira imireti nifiriti mububiligi abamuri inyuma baheze mugihome
    NB: None barundi hasigaye nde wumwizerwa?

  • NDUMIWE NTACOKUVÛGA NRONKA

  • Rwasa urahemukiye abarundi nibutse abarundi bakuguye inyuma shaa biza kubura wikuye mukibiri ngo ugiye kugira amizero yabarundi muga ico womenya turagukuyeko amaboko

  • nditije narwe hariya rwasa komera genda uduserukire kuvaho baguhendeye bihoze bagomba kurya bonyene genda namahoro meza userukire abagutoye ntiwiserukire gusa naba we

  • @ a.kaminuza
    Abo wadondaguye bimwe nivyo,kuri twebwe abahutu,aba cnddfdd urababesheye bakora neza,bagaza yakoresheje abahutu na ya terme yiwe ngo vyose bizova mu maboko yanyu bije mu mifuko yacu,ntiba ntaco mvuze niyibwire ,buyoya yabaye pire nka micombero,domitien yubatse udu kiosque nuko yibutse abanya kayanza
    bari baranizwe,sinduhije we none aje gukoriki hano,ntiyigeze atwara kandi ntazopfa atwaye urya mu bandit wo mu kamenge,kadege ,mbega nomuvuga ko iki?Muri assemblee nationale yo muri 94 yaricishije aba deputés b’abahutu,nta wavuga,yaca ababwirango Murafyina ahafyikiye basha,ça voulait dire ce que ça voulait dire àl’époque ,rero tous sont des abrutis sauf aba dd.

  • Vyiza nuko Nditije yovavanura vuba na Rwasa kuko ariko aramutesha umwanya. Nta mugambwe basangiye, bose ni aba indépendants, rero nibareke izo nsaku ataco zimaze. Aile dure ya Uprona wogira yaravumwe nukuri. Basambuye Uprona, ubu hageze ko basambura n’Amizero y’abarundi. Umengo mu mitwe yabo hama eruption kurya kwa volcan.

  • Mbe muri 2010 Rwasa avuye mu matora yungutse iki atari guhunga no gutakaza umugambwe? Mureke aje mu nzego ninaho azoshobora kuvugira abarundi barenganywa. Uwutabishima ni akore ico yifuza ariko areke kwiheka kuri Rwasa. Urukino rwose rukinirwa mu kibiga, si inyuma yikibuga. Ndabarahiye ko hazohinduka vyinshi, nayo kuvuga ngo buca bamwica, ivyo ntibizigera biba. Haraho mwigeze kubona ubutegetsi babugemurira umuntu mu giseke? Ntanahamwe. Uwibaza ko bazobumurekera akabutora nkuwutora amafaranga mw’ibarabara arihenda kuko ntibizigera bishika.Rwasa yerekanye ubugabo bwo kurengera intambamyi zose agashira imbere inyungu z’abanyagihugu. Umunyapolitike wese yanka amatora amenye ko ataho ashobora gushika. Raba uwitwa Kiza Besigye muri Uganda, amaze kurushwa kangahe? Ariko ntaheba kuko azi neza atahandi ubutegetsi buva atari mu matora. Mu Burundi rero hariho abo igiti kimaze gukubita mu maso kabiri, nimba amaso atarameneka, ntibaze basubire kwemera ko kibakora mu maso ubugira gatatu muri 2020.

  • Rwasa siryo ryambere,ahemukira,abantu,abamufashije mwishamba,batahiye,ibikomere,abandi nubu barimumpimba,mumureke,harigihe,mumyaka,iza nicokibanza cakabiri,atokironka.

  • Iyo ni mchezo wa ndani

  • Ndamushimiye,,munyakubahwa,gwasa,,kuba,,yaremeye,akajamurireta,imanaimujinbe

  • Alerte: Rwasa Agathon élu vice-président du bureau de l’Assemblée Natioanle!!!

  • EREGA RWASA MU BISANZWE YARI YASAZE....GUHEBA AMATORA!!!!!!

  • rekatubirabe kugira tuzoronke story tuzohora tubwira abana bacu kuvuga ibihemu vyamyeho kuva muri21 na iprona yarahemutse iyijira murireta kandi yari mukibiri kuka nyuma ibonyinyungu ica irinkunkumura nawe gwasa asigara atamariwe none ubu niwabonetse karikihemu?

  • Abavuga ngo Rwasa yarahemutse muri abaswa cyane!!! Yahemutse iki ? Mwagiraga ngo akomeze akorane n’inyangaburundi nka
    Pacifique, Vital, Sinduhije ... zitwika abarundi n’imipine. Mugabo abamuserereza ni aba Sans Echec bo muri MSD hamwe n’intagondwa zo kwa Nditije. Gusa bamenye ko Rwasa afite abayoboke biwe bo muri FNL bamwemera. Ese abo bavuga ko yabahemukiye kandi bari muri arya mashyaka atagira abantu aho si ishyari bamufitiye. Nibamaramare kuko Rwasa atabo akeneye mumugambwe wiwe abo bicanyi.

  • iconobwira gwasa agatho yinjiye munama nshingamateka ntiyibutse ko ari politique bamukinye ariko yahemutse cane kandi yahemukiye ingabo ziwe kimwe narindire azobibona iconzi ntamisi izohera adakuwe kimwe arabe inyungu agiye guha abanyagihu ningene umutekano uzobaho mugihugu.kimwe attation mutama!

  • Rwasa numugabo kuntumbero yafashe,turamushigikiye

  • NDITIJE ARAHUMBA TWARAGIYE MU NTAGISIVYA!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.