Accueil > Amakuru > u Burundi > Nepomuscene Kezamahoro azofubwa kuri uno wa kane
Nepomuscene Kezamahoro azofubwa kuri uno wa kane
mercredi 29 Ndamukiza 2015, par
Maragarita Barankitse ariyamiriza abana bariko baricwa muri ino myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu. Atanga akarorero ka Nepomuscene Kezamahoro yarashwe n’igipolisi.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Igihe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, Maragarita Barankitse arongoye ikigo Shalom, asanzwe yitaho ineza y’abana, avuga ko bibabaje kubona abana bagwa mu mporera , bicwa ataco bazira ,aha atanga akarorero ka Yohani Nepomuscene Kezamahoro wo ku Mutakura, afise imyaka 16 y’amavuka, yishwe n’igipolisi kandi yari yashize amaboko hejuru yerekana ko atari mu myiyerekano. Ati:’’ndazi ko nabo arabavyeyi bafise ibibondo ati ico bomenya n’uko igihe cose umwana yitavye Imana isi nzima iba ibuze.

Ikindi Maragarita Barankitse avuga ko ababajwe n’icika ry’uburyo bwo gutumatumanako bumwe bumwe, ivyo rero bica bituma abavyeyi n’abana bataronka uko bavugana na cane cane muri bino bihe bigoye. Yabandanije amenyesha ko ikigo Shalom kizofasha mw’ifuba ry’ico kibondo cishwe ataco kizira ,amaziko akazoba kuri uno wa 30 Ndamukiza, imisa ikazobera kw’isengero Saint Joseph , gusezera ubwa nyuma ico kibondo akaba ari ku bitaro vy’umwami Khaled igihe c’isaha zibiri za Gatondo.
Floxella Karire
Messages
29 Ndamukiza 2015, 16:08, par venant
Imana imwakire ...agiye akiri muto Ewe B dd murakarwa muri WC ayo muri kudukorera mwe ni mureke gusa na Buyoya yabasumba Akanyaro yara pojege natwe ntiduhagarara Adolphe na Bunyoni nA Piter badatashe
29 Ndamukiza 2015, 16:14, par Jean N.
Komera muvyeyi w’urwaruka, Imana iguhezagire!
29 Ndamukiza 2015, 16:39, par minani
RIP,gusa abarigupfa ubutegetsi nibicare baganire igihugu gisubire kumurongo kuko ibiri kuhangirikira nibyinshi, ubu bose ntanumwe twoshima nagato kuko tumaze kuhahombera vyinshi.
29 Ndamukiza 2015, 16:40, par Uwubizi
Imana imwakire. Imana izoguhemba muvyeyi Maggy
29 Ndamukiza 2015, 17:45, par ERIC
ABAFISE UMUTIMA WOGUFASHA MUKOMEZE MUFASHE IMANA IZOBAHEMBA UREKE IVYO BINWA MARASO IHEREZO RYABO RIRIMBERE TURONGEYE KUBASABA MUKOMEZE KUTU TOHOREZA IBIJIMBERE KUMIRYANGO YACU
29 Ndamukiza 2015, 20:37, par n
Urya mwana n’abandi bari kugatwe k’abamwishe aribo ba police hamwe n’abajana abanamu myirekano.Bimaze kuboneka ko abana bariko barakoreshwa mu myiyerekano.Uyo mu mama avugira abana yagomvye no kwiyabiriza abo bariko bararoha abana muri politique
29 Ndamukiza 2015, 21:06, par jack
Abategetsi barihenda can,ko kwica kuzana amahoro ahubwo kuzana urwanko rurengej.bibuk neza ko ubu bari kubutegetsi ariko batazi itanguriro ry,uburundi kandi batazi niherezo ryabwo,babusanzeho kandi bazobusiga.ayo maraso bazoyabazwa.mbe mobutu yiyita imana ya zaire ari he?ubu burundi ntabwo bazorya bamar,nabo bazobusiga.
29 Ndamukiza 2015, 21:49, par Iragiryagahuturemi
Wamuvyeyiwe nyabunwka rekaguhendwa ukuze ngontiyapfiriye mumyiyerekano nyabumeka nambukundabanavyukuri warikwiyamiriza abobantu barimunyiyerekano bakareka kuroga abobana babasuka mwibarabara, nambugirandaguhenda jewe uyundikondavuga ndafise ipfoto nafatushije isimu yanje umwana wimyaka 15 yamavuka arikwaratera amabuye aba polisi ndafise naka videwo kerekana abana barikobarakwega amashami yibiti barikumwe nabantubakuze bayatwara kuyazibiza mumabarabara. Ibintuvyikogihe ababikoravyose bavyitondere kuko akantugakozwekose karabikwa kandikarafatwa muburyobwose bushoboka ejohobukera ntanahamwe uzoduca nguhakane ivyuzoburiko uragirizwa avec tuzobadufise ivyemozovyose bishoboka.
30 Ndamukiza 2015, 08:46, par mpozenzi
Nagira mbwire abarundi banyumva insiguro ya Alshabab gisigura jeune pour dire k abo bana nibaguma mwibarabara bashobora kuvamwo ivyihebe nka Alshabab arico gituma nohamagarira leta gufata ingingo zose ruhasha kugira ivyo bintu bihagarare vyihuta.hanyuma umuswahili niwe yavuze ati mtoto akilia jeshi muache ajioneye mwenyewe sawa,nama nkunda kubacira umugani ko (INYENZI YISEMA YIKWEZE KU MURUNDI W’ISAKE)
30 Ndamukiza 2015, 10:28, par nkurunziza
Iyo n’incungu ya demokarasi niyigire amahoro.Gusa umukuru wigihugu amenye ko ayo maraso azoyabazwa kuko ari kugatwe kiwe. Abarundi babe maso,kubera mabi yakozwe nubwo butegetsi,haramaze kubamwo ivyihebe: pierre nkurunziza,adolphe,bunyoni,kazungu,ayubu,ndakugarika,..................baraziko amaherezo yabo ari irahe. Mudatangazwa nuko ataco bibabwira nubwo amaraso ameneka.Ico nsaba,nuko inyuma yaruno rugamba rwa demokarasi,dusaba ko igipolisi coca gifutwa kigasubirirwa nurundi rwegc.Hanyuma abivye igihugu,abishe,abatoteje abandi bakaja imbere yintahe,tugatangura uburundi bushasha bufise vision nka Malaisia,Singapour nizindi tutagitwarwa na ba genocidaire
30 Ndamukiza 2015, 10:41, par Kana
Turiyamirije abashira abana mumigumuko iriko ibera mu Burundi.
Umwana n’uwo kuja kw’ishule si uwo kuja muri politique.
Umwana ushobora no kubaza uti mandat ni igiki akakubwira ngo ni Perezida uwundi akakubwira ngo ni Umupolisi uwundi ngo ni Pacifique uwundi akakubwira ko ni ukuja kwiyereka mw’ibarabara. Iki gifata nzoka mukirenganiriza iki mukugishira muri ayo manyembwa y’Abana ?
Kuki mutokora ivyanyu mukareka abana b’Uburundi bakaja kumashure ?
Turiyamirije ikoreshwa ry’abana mu vya politique.
30 Ndamukiza 2015, 17:07, par nduwimana
ni nkabo bantu bashira abana babo mu migumuko nabandi bazoharwa mugihe babura kuja kwiga bakishinga kuja mu migumuko.
30 Ndamukiza 2015, 17:20, par NDUWIMANA
EEWE VENANT WEWE URI IKIJUJU URUMVA INGENE UTUKANA.....WAREREWE HEHE!NTUZOSUBIRE KWANDIKA IBINTU NKIBI WA MPENE WE.
1er Rusama 2015, 00:52, par Kamiko Kitoko
Ico bita Inkona ninzara zayo arizo Mbonerakure,Bunyoni,Dorofu,nyabenda hamwe nizindi mpehensa zitegerezwa kuranduranwa nugutuzwa mugihugu cacu. Tuzobarwanya gushira bashikirijwe ubucamanza,bakishura abo baciye imitwe,ubutunzi banyuruje nibindi.
1er Rusama 2015, 12:47, par eric
aba bene wacu bari gupfa nibyo biraro abanye politic bambukiraho bajya mubyicaro byabo urwaruka twagomvye kubatahura tukabima amatwi,ubuse uyu umuryango we hari n’uzajya awuha 1kg z’isukari nagera munteko nshinga mateka??!!!!!!!?????
1er Rusama 2015, 12:47, par eric
aba bene wacu bari gupfa nibyo biraro abanye politic bambukiraho bajya mubyicaro byabo urwaruka twagomvye kubatahura tukabima amatwi,ubuse uyu umuryango we hari n’uzajya awuha 1kg z’isukari nagera munteko nshinga mateka??!!!!!!!?????
1er Rusama 2015, 12:47, par eric
aba bene wacu bari gupfa nibyo biraro abanye politic bambukiraho bajya mubyicaro byabo urwaruka twagomvye kubatahura tukabima amatwi,ubuse uyu umuryango we hari n’uzajya awuha 1kg z’isukari nagera munteko nshinga mateka??!!!!!!!?????