IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngagara : Imodoka zibiri hamwe n’ipikipiki vyaturiwe

Ngagara : Imodoka zibiri hamwe n’ipikipiki vyaturiwe

mardi 12 Rusama 2015

Imodoka imwe yo mu bwoko bwa Coaster iri mu zunguruza abantu, imodoka ya Reta (double cabine), hamwe n’ipikipiki nivyo vyaturiwe n’abari mu myiyerekano kw’ibarabara ryitiriwe umunyagihugu w’umurundi, hafi y’ibiro bikuru vy’igiporisi kijejwe kugenzura imbibe PAFE.

Amakuru dukesha bamwe mu bari hafi yabo amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zitanu kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Rusama, igihe izo modoka zaturirwa, abari muri zo nta numwe yapfuye canke ngo akomereke, kuko baciye babareka baragenda.

Abagira imyiyerekano batubwiye ko bashatse kwereka Reta y’Uburundi ko urugamba barimwo ruraba bose, rero ko ata muntu yoja ku mirimo mu gihe abandi bariko bararondera ineza y’igihugu.

Kubera izo modoka zari zihejeje guturirwa, bamwe mu banyagihugu bo muri komine ya Kamenge bivugwa ko ari imbonerakure ,baciye biyegeraniriza ku gituro c’imodoka ziduga hagati mu gihugu aho benshi bazi nko kuri Gare du Nord, batangura guterana amabuye n’abari ku ruhande rwo mu Ngagara.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yahavuye ahashika aca asaba ko abajejwe umutekano bofata ico kibazo mu minwe,nabo baca basubiza inyuma abavuye mu Ngagara,abavuye mu Kamenge nabo basubira mw’ikomine iwabo.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yaciye amenyeshako bagiye gutanga ijambo ry’ihumure,aca asaba abari mu myiyerekano ko batosubira guturira imodoka canke amazu kuko biboneka inyuma y’inguvu nyinshi z’imiryango.

Yasavye ko abanyagihugu boguma bafatanye munda kuko inyuma y’imyiyerekano,bazosubira kubana.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nivyo! niberekan akababaro kabo aho gahagaze

  • aba bategetsi bo bahorana amajambo gusa twategereje ibikorwa twarahevye!!! ubuse ko igihugu gisambutse barebera!

  • Iyo n’impanuro, nziza,warutanze nuko,tutumva ibintu, kumwe

  • Twihweje neza imvo n’imvano y’ibihaye biraba mu Burundi bwacu dukunda, hari ibibazo vyinshi vyo kwibaza bitagira inyishu. Muri kahise katari akakera cane, abarundi baraganiriye bashika ku masezerano. Niba nibuka neza, abatutsi bayashize ko igikumu badashaka, bituma haba ama rsrve mnshi. Twihweje ibiriko biba ubu, biragaragara ko ibic bigwiriye mwo abatutsi ko ari vyo biri plus mobilise que jamais. No mu ntara hagati uravye ahabera imyiyerekano, wovyibwira. Ehe raba, Matana, Tora, za musaga n’ayo yandi yose. Si mpakanye ko hari mwo abahutu ariko a plus grande echelle abatutsi nibo benshi. Kubera iki?? Ndavye ba Rukindikiza, bemeye kugurisha uwo bari bacunze, ubu ukaraba ingene bari aba mobilisateur ba mbere b’iyo myiyerekano, bintera amakenga. Mon Constat:
    Ikiringo ca 3 ca Pierre Nkurunziza, nivyo ntigikwirikije amategeko ariko cabaye imbarutso y’ivyari binyegeye mu batutsi bitaramenyekana neza. Ehe raba:
    Kwiyamiriza ikiringo ca 3 bifitaniye isano irihe no guturira imodoka z’abisuma mwo? Ipikipiki z’uwuriko arondeera umukate w’abana? Igihe kizotweereka vyinshi turindire.

  • Kuk Abobaja Gukoresha Imiduga Yabo Bibza Yuko Abobari Mumyiyerekano Ko Bdafise Ico Bakora Nibabafshe Kuk Nikbzo Kirba Bose Nibareke Kwikra Mubndi Uwo Mutma Nawe Narek Kwitza Abnt Barke Gupfa Murkze.

  • Ndabashimiye Nimubereke Yuko Ivyomurondera Bikeneye Abarundibose Nosaba Nkubuzibwareta Kobwohagarara Tukabanza Tukarondera Amahon, Umutekano Nakarengo Ntawusomera Basemerera Kandi Abarimwibarabara Suguta Umwanya

  • ivyo ni bibe bibaye hageze.igituma ivyo biba kirazwi abategetsi b’uburundi na canecane uwatumye iyi myiyerekano iba(umukuru w’igihugu) arakwiye gutanga ijambo ry’ihumure vuba bwango ubundi bwo ibintu bija kuhayogerera.dusaba n’ejo ko yovuga ko ahevye ikiringo ca 3 maze barabe ko umutekano udasubira kuba nk’uko vyahora.ewe burundi wari agahugu keza none ugira uhungabane uhungabanijwe n’abogukijije!mana garukira uburundi.

  • Dusavye Ko Abanye Politike Bose Bokwicara Hamwe Bagire Ico Bapfunditse Kandi Cohumuriza Bose Gutyo Twitegurire Amatora Ata Wandya Canke Wangura.Turabinginze Ababijwe Mwese Mutorere Inyishu Ibiriko Biraba Muma Cartier Amwamwe Y’igisagara Ca Bujumbura Gutyo Dutetegure Amatora Ahumuriza Bose(abarundi N’amakungu) Gutyo Muzoba Muhesheje Isura Nziza Muma Kungu Uburundi N’abarundi Mumakungu.

  • muvuze ngonibaziturire?ndababwire muramenya yuk mwese muvuga ibyo nukomuzi komuzohonya ubwoko bwaba hutu nkomuri 72na 93?murihenda turanumye ngaha turabacungushije ijisho mubanze musare musubire ukuri yurakuzi ibyomutegurana na rukindikiza nakagame nabandi rpa nayo ikabafasha turabizi mwarimuzi kotubizi ? ukobuca siko bwira murek rero kwitwaza 3eme mandat kandi iciye mumayegeko.lwarimwanditse birya muzi kwarimwe muzokwana le pouvoir politique none mwabonye vyabahindukiriyeko?ntimuvuga ngonibaziturire nicigituma muguma mutwica?ariko ndabacire umugani wikirundi?Urucira mukaso rugahitana nyoko.nimurindire gato basha

  • Ngo Peter yahevye ikiringo ca gatatu. Amakuru ava ku kirimba c’umukuru w’igihugu aravugako uyu munsi peter yarwaye diarhée ikomeye cane eka na denise bucumi aka agomba guhunga igihugu ariko ibihugu vya buraya nka vyose vyamwimye VISA

  • @Rukundo... muvyo uvuze ico ntashimye ni kimwe. constat wagize kuvy’ubwoko. Ntakibazo nskimwe gihari muburundi kiva k’ubwoko. abakizanamwo n’abacishimikiza kumvo y’ukwo abahutu boja du cote CNDD FDD. aba tutsi bakaja du cote des msnifestants. ivyo navyo niya politique yo kuva kuba colonie "diviser pour reigner" nos politiciens bakunda gukoresha pour masquer le vrai probleme. Incuro zose nama numva du cote des manifestants ntanabam w ndumva bahimiriza ubwoko kanaka. ivy’ubwoko bivugwa n’aba pro 3ieme mandat ou pro CNDD FDD. kugira akamo ntikitabwe na bose. ikintu kiza imbere ya vyose gihuje aba manifestant ni "ukwiyamiriza ihonyangwa ry’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha mukwanka 3ieme mandat". Ntakindi!!! ivy’ubwoko bivugwa n’abashigikiye nkurunziza ivyo navyo nta valeur bigira

  • Nyabenda Libère

  • Abari Mumyiyerekan Nibakomez,ariko Agashavu Ese Bokagabanya;aho Abavuye I Congo Batera Abafashwe Biswe Ibiragi,none Uwufise Umuti W’imyiyerekano Nawe Tumwite Iki?Mana,koresh Indimi Z’abo Wiremeye Bazikoreshe Muguhumuriza.

  • huuuuuuu nuko nyine mbe mwibaza ko bb bafyina ejo musubire muzizane

  • huuuuuuu nuko nyine mbe mwibaza ko bb bafyina ejo musubire muzizane

  • ego guturira nugusambura sivyiza ariko uwubuze ukwagira agira nabi,kurubwo ntaktndi ,utemera ikiringo ari mwibarabara nawe mwubahirize!ko muzi ko mandat yiwe yaheze reka kuvyita imbarutso agihebe murabe ko bitaja kumurongo.vyose ni peter abikweze

  • Abatutsi basaze mugabo rindira gatu umuti wabo wabonetse bidatevye ibitero kuribo vyihonya bwoko bigomba bitangure umwanya uwariwo wose kandi bizoza biruta ivyabaye mu rwanda

  • ABARUNDI DUKWIYE KUBA SOLIDAIRES TUKABUNGABUNGA AMAHORO KUKO TWAYAROSE TURUSHE CANE.MWIBUKE AMARASO YASESETSE KUVA MU 1965!TWARARUSHE UBU CARI IGIHE C,UGUHANGANA N,IBIBAZO VYO KUGWANY,UBUKENE.NONE UGUTURIRA IMODOKA BITUMA UBUTUNZI BW,IGIHUGU BWIYONGERA CANKE BURAGABANUKA?NYISHURE.

  • @ Anonyme
    Reka guhenda abataraca ubwenge ,mbega iyo miduga baturira ni iyande .Ni iyabahutu niya leta,abatutsi ntimuhisha ishari rya cane mwaremanywe mwari mukumbuye gusahura no kwonona ivy’abahutu,none wonsigurira gute ko ivyo vyose muturira ari ivyo abahutu gusa ngo nuko baciye muri quartier yanyu!!!Burya muriko mukiriza amanyo mu kutwononera ibintu,ndabarahiye muzovyishura!!!Bigenda gute ko muvuga ngo nta moko ahari hanyuma ngo turiko dutegura jenocide,mu mabarabara les manifestants akaba ari abatutsi kuko ama quartiers ari muri vyo ni ayanyu ,jenda ,mugamba,rutovu c’est encore vous,hanyuma abandi ngo kagame tabara genocide nimba mwibaza ngo muradukanga,ayo ma contradictions yose ntubona ko ububeshi bwanyu atari ababiligi musangiye amanyanga atawukibwemera.Abahutu baza muri manifestation kubafasha ntaco nirigwa ndabavugako,ntimuhuriye kuri mandat ya kabiri ya peter kuko nta mategeko yahonyanze cour constitutionnelle yaramwemeje,rekezaho?Imiduga y’abahtu murayimaze,amatunga yacu murabomoye hanyuma ngo nta moko ahari,umwana wo kwa rwasa yidandariza utuyobe muraturiye mw’ipine ngo ni imbonerakure,mw’ijambo rimwe abahutu bose ni imbonerakure ,none ayo moko yagiye ryari,effectivement abazi ubwenge ntibashobora kubakurikira,muriko mugira za sacrifice za batutsi benewanyu mukabica ngo ni police yabishe,mu nyuma ntimuzosacrifia umuhutu azoza mwanyoye vya bitabi ,rekereka,peter ni urya twatanze mu mugambwe wacu dukurikije amategeko,nta wundi dushobora gutanga umugambwe ni uwacu ntituwusangiye!!!Aba candidats mwebwe mushakako dutanga ntidushobara kuko aba candidats banyu namwe ntitubategaka abo mutanga!

  • none izomodoka ziriko zitirigwa mwibaza ko zizokwijana ?muzoziriha.ahubwo abamenyesha makuru bakwiye kuraswa,kobafotora imodoka gusa bakanyegeza abazituriye? nibakore umwuga wabo ataho bahengamiye

  • Nkurunziza n,umukuru w,igihugu.narekure ubutegetsi kuko .ntacyo yagejeje kubaturage.kdi akurikiranwe reba inzirakarenge zimaze gugwa mumyigaragambyo.

  • BURYA ABO BANTU NTIBAMAZE KWEREKANA AHO BAHAGAZE? BAFISE INTUMBERO Y’UBUKOZI BWIKIBI (UKO BAKAMYE) INGESO IRARABA NTIPFA WAWUNDI ATI UMWUNGU WAGWARUYUZI BURYA MUMBONE IZO MBURAKIMAZI ZIF’ISIMIRYANGO? (BARIKO BARABAKWEGERA)

  • Les Manifestant Sont Majoritairement Tutsi,leurs Compagnons Hutus Sont Des Traîtres, existaient Même Auparavant Et Etaient Connus Au Nom"ivyitso"ns les connaissons déjà

  • Mr Eric hariho nivyitso vyabahutu bishigikira abahutu mukwica abahutu !
    naw e ndabona urumwe muri bo!
    Ndagufinze intwaro yishe abahutu benshi?
    Iya piter? buyoya? ndandaye? domitien? bagaza? micombero?
    en tout iya piter ntirikure y’ikibanza cambere kandi yitwa ngo niyabahutu!

  • manatabaruburundi nabarund kuko bagezahumwasi ashaka.

  • NIPFUZA AMAFOTO YIBIBERA MUGISAGARA CABURA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.