IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi: Inama idasanzwe ku bijanye n’ivyokorwa mu gisata c’ubuzi mu (...)

Ngozi: Inama idasanzwe ku bijanye n’ivyokorwa mu gisata c’ubuzi mu Burundi

mardi 1er Gitugutu 2013

Bafatanije n’abafasha Uburundi mu bijanye n’imibano no mu buryo, ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta n’akazi barateguye ihuriro ry’inama idasanzwe ku vyerekeye akazi, ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.

Ibirori vyo gutanguza ivyo bikorwa bikaba vyatangujwe icese na nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi.Yaciye aronkeraho akaryo ko gushimira abari bitavye iyo nama aca arongera arashima utwigoro Leta ikoresha mu gushigikira igisata c’abigenga.

Ku musi wa mbere igenekerezo rya 30 Nyakanga 2013, niho hugururwa ihuriro ry’inama idasanzwe yerekeye umugambi wa Leta wo kurwiza akazi. Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’ igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko kuva Uburundi buvuye mu ntambara, Leta yagize uruhara rutari ruto mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’ igihugu mu mibano hamwe no mu butunzi busa n’ubwagoyagoya mu myaka cumi Uburundi bwari mu ntambara. Kugira utuntu twose tubi twazanywe n’intambara tuveho, Leta y’Uburundi yashizeho umugambi wo kurwanya ubukene bise ‘’vision 2025’ hamwe na wa mugambi wo kurwanya ubukene ugira kabiri bise CSLP2 uyo nawo ni kuva mu mwaka wa 2012-2016. Leta y’ Uburundi yarihaye intumbero ko kurwanya ubushomeri, ica ibishira ndetse imbere mu bizokorwa vyose ivyo bikazotuma ubukene burwanywa mu gihugu c’Uburundi.

Ku bwa nyenicubahiro Petero Nkurunziza, kurwiza ubuzi canke kurwanya ubushomeri si akazi ka Leta yonyene, ahubwo bikwiye ko abantu bose bafashanya na Leta mu kuraba icokorwa. Muri iryo huriro babandanije bahanahana ivyiyumviro hagati yabasanzwe bafise uruhara mu kurwiza ubuzi.’’Uno musi, uruhara rw’abigenga ni ntangere muri uwo mugambi’’.Yaciye ashimira cane abateguye iryo huriro kubona batumiyemwo abari mu mice y’igihugu itandukanye yaba amashirahamwe y’urwaruka ,abakenyezi, abigenga, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, amakaminuza, ibindi bigo nk’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana , ubushikiranganji butandukanye, n’abasanzwe bafasha uburundi.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye asaba muri iyo nama ko uwaserukiye umurwi uwari woose bomureka akisanzura mu gushikiriza iciyumviro kugira bashobore gukuraho inzitizi zose ziri muri uwo mugambi wo kurwiza akazi hamwe ni naho uwo mugambi uzoba utomoye kandi ata murwi n’umwe uzoba wakumiriwe.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaciye atera akamo abarundi bose muri rusangi hamwe n’urwaruka vy‘umwihariko, kuvavanura n’ingendo ya kera ahubwo ko nabo boterera mu gushiraho ubuzi bagasiga ingendo za kera zo kwama barindiriye ubuzi bwa Leta ubona ndetse ko busigaye ari buke. Kubwa nyenicubahiro Petero Nkurunziza, Leta yaramaze gufata ingingo yo kuzofasha igisata c’abikorera ivyabo, ndetse abagore n’urwaruka rukora imigambi yabo Leta izobashigikira.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.