IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Komisariya y’igiporisi yahiye

Ngozi : Komisariya y’igiporisi yahiye

mercredi 11 Ntwarante 2015

Igice kimwe ca komisariya y’igiporisi mu ntara ya Ngozi cahiye kiratokombera, aho n’ibikoresho bitari bike vy’abaporisi vyononekaye.

Nk’uko aya makuru twayahawe na bagenzi bacu bari mu ntara ya Ngozi, uburaro bw’abaporisi bari mu myimenyerezo, kugira baze barungikwe hagati mu gihugu, nibwo bwahiye buratokombera, igihe inyubakwa ya komisariya y’igiporisi yafatwa n’umuriro, nk’igihe c’isaha y’icenda z’iri joro ryakeye ry’uyu wa 11 Ntwarante. Mu vyononekaye rwose muri iyo nyubakwa yahiye, ni nk’imatera 140, hamwe n’ibindi bikoresho vy’abaporisi.

Ibiduga bisanzwe bizimya umuriro, bikaba vyaje kuzimya, uwo muriro utarashobora gutandukira ibindi bibanza, n’izindi nyubakwa ziri mu micungararo, na cane cane ko komisariya y’i Ngozi isanzwe yegeranye n’ibitaro bikuru vy’i Ngozi, hamwe n’ibindi bibanza bitandukanye. Amakuru ava muri comisiriya y’ i Ngozi, avugako uwo muriro waturutse ku muyagankuba wa REGIDESO, abandi nabo bakavuga ko uwo muriro, waturutse ku bukozi bw’ikibi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.