Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ni nde yamwishe? Imyaka itanu icaha kidahanwa ni myinshi" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Ni nde yamwishe? Imyaka itanu icaha kidahanwa ni myinshi"

"Ni nde yamwishe? Imyaka itanu icaha kidahanwa ni myinshi"

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Ibirori vyo kuri uwu wa gatatu vy’ukwibuka imyaka itanu iheze umuhisi Ernest Manirumva aganndaguwe vyabaye mu mutekano ntangere. Abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bashize ingori z’amashurwe ku mva ya Ernest Manirumva, bakizera ko bitebe bitebuke ukuri kubamwishe kuzoja ahabona.

Imyaka itanu iraheze icegera c’umukuru wa OLUCOME, Ernest Manirumva agandaguwe bunyamaswa, ikiziga ciwe kigatorwa ku rugo aho yaba ku Mutanga. N’aho umukuru w’igisagara ca Bujumbura yabujije urugendo rw’amahoro rwari rutegekanijwe ku uwu wa gatatu, rwateguwe n’amashirahamwe yiyemeje kurondera ukuri ku rupfu rwa Manirumva, ibirori vyo kuja kwunamira intatemwa ya Ernest Manirumva vyabaye mu mutekano ntangere, nta baporisi babonetse mu kibanza ayo mashirahamwe yahuriyemwo nk’uko abatari bake bari bavyiteze.

Ku mva ya Ernest Manirumva iri mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, abo mu mashirahamwe yiyemeje kurondera ukuri kubagandaguye Ernest Manirumva bari bambaye udupira twera twanditseko amajambo yo kubaza umuco kuri urwo rupfu : "Qui l’a tué? Cinq ans d’impunité c’est trop" (Ni nde yamwishe? Imyaka itanu icaha kidahanwa ni myinshi). Amashurwe y’abari baje kwunamira imva ya Ernest Manirumva yari yanditseko amajambo avuga ati : "Imana iguhe uburuhukiro buhoraho", "Urupfu rwawe rwaduhaye inguvu z’ukurwanya igiturire", "Abakwishe bazopfa nka gahini", n’ibindi.

Kw’izina ry’amashirahamwe yiyemeje kurondera ukuri kuri urwo rupfu rupfu, Pacifique Nininahazwe umukuru w’ishirahamwe FOCODE, ahagaze imbere y’imva ya Manirumva, yamenyesheje ko batazohengeshanya abagandaguye Manirumva batamenyekanye.
N’aho ubutungane bw’Uburundi buheruka kwagiriza umukuru wa OLUCOME ko ariwe yoba yaragandaguwe icegera ciwe, Pacifique Nininahazwe yashikirije ko mu mashirahamwe yiyemeje kurondera ukuri ku rupfu rwa Manirumva batazocika intege, ko bazobandanya barwanira ko ukuri kumenyekana, akizera ka naho bizofata umwanya munini, bitebe bitebuke, ukuri kuzoja ahaboba, abasheshe amaraso ya Ernest Manirumva bashengezwe mu butungane.


Egide Nduwimana

Messages

  • MANA Y’INGABO NYENUBUSHOBOZI NDAGUTAKAMBIYE WEWE USHOBORA VYOSE UHE UBURUHUKIRO BWIZA UMUSAVYI WAWE Ernest MANIRUMVA YAZIZE UKURI KANDI WAREMEREYE KO UWUZOTAKAZA UBUGINGO BWE KUBWUKURI AZOBUROKORA NONE MANA YANJE MUHE UBUGINGO BUDASHYIRA ,ABAMUGANDAGUYE NABO TURAGUSAVYE SE SHUMBUSHO RYACU UBEREKANE KUMUGARAGARO AMAHANGA ABIREBA KUGIRA UKURI KUJE AHABONA TUBIGUSHAVYE TUKWIZEYE KURI IMANA Y’UBUNTU

  • reka mwabatutsi kuguguma mwiyokorera kw,amakara ntarazima.mbe iyo sema muguma muririmba ya reprensent iki aha mugihugu?ko ntarigera numva muza kuntatemwa zincungu za democratie?mbe ntaryamira ko yarumukuru wigihugu hiryaye ko mutahahonyoye?za murakoresha karya kabuza rufyiri kishinga gupanura arya mazuru kandi ariko kamwicishije.sha ubuhutu bwimbwa muriko mukore nkamamashini yanyu turabubona ntanakamwe kigeze gahonyoza ikirenge mukibira,nibuze burimba bwigera kuko abana bintambara ntaho turaja

  • ninde? ni GABRIEL RUFYIKIRI

  • MBE ABO BATEKAMITWE KOBATARAGIRA URUGENDO RWOKUMENYA ABISHE NDANDAYE N’ABAFASHA BIWE CANKE ABISHE NTARYAMIRA?BISIGUREKO MANIRUMVA ARIWE ARIWE YARAFISE AMARASO MEZA GUSUMBA AYO ABAPEREZIDA?NAMWE MUZOTEBA MUHINYUKE!KING OF BAD

  • Imyaka 5 irarangiye Ernest atakaje ubuzima,ubutungane ntaco bwakoze kugira ngo ukuri kumenyekane,naho bwaray bwagirije Rufyiri ko ariw yamwishe,nivyo ntawobihakana kuko umuntu aricwa n’uwiwe ariko ikibabaj kuruta n’uko hari umugwi w’abahinga babany’Amerika bagize amatohoza hama bashra ahabona amazina y’ibihangange muri Leta bagasab k bokorwako FDN.ubutungane bwob bwararengukije ivy bihangange?eka namba!none abo bantu baremerey ubutungane?nib baremerey ubutungane ubu biteb bitebuk hariko haraza ubutungan batazoremera.Mana ndagusavye uz wibonekez ukur kumenyekane.

  • Iyo nimitwe yabo bagabo.abatutsi niko bamye kuva kera.hiryayejo twibuka president NTARYAMIRA ntanumwe yahahonyoje ikirenge,ariko raba ngaho nabazungu babatumyeko,abo bazungu nibo bafashanya nabo bagabo muguducafuriza igihugu mumakungu.batutsi benewacu dusangiye igihugu.ico mwomenya iy,umuntu umuravye cane umwibutsa kwikwiza,(kwisuganya)iyo ntumbero mwihaye ituma natwe twitunganya bikwiye.murahumba ntaco mwanze ndabarahiye.

  • Iyo muriko muragira commentaires; ba mwibuka ko amaraso y’umuntu uwariwe wese ataho vyanditse ko ategerezwa guseseka.Umuntu wese kuri iyi si arafise akamaro.Nimuze rero muritonda Imana niyo mucamanza mukuru. Mana; dufashe abakoze iryo shano bamenyekane kugira iceye kive mumwikeko udafashe.

  • Namwenimurebe ukuntu bigoye bagashirisha amafoto yanyakwigendera Manirumva kudupira bambara! ariko uwarikubabwira atinanimwambare udupira twanditseko perezida Ntaryamira barikuvyanka mbere urwamo rukagarukira America na Buraya ngobariko barabahatira kuvyomudashaka!!! kandiburya abamugambariye barimwabonyenembona birishije ikari.

  • mbe?pasifique NTARYAMIRA yafpuye utaravuka?kotwumva wigize umuvugiziwa abapfuye

  • Ndabaramukije bavukanyi.ururubuga surwo gucirako imanza canke kwagiriza abandi ariko nukugira dushikirize iciyumviro.habuziki kugira umurwi wukuvugana ukuri nokurekurirana ujeho ko haheze dix ans hama tumenye ivya Ndadaye.leta ibuze iki kugira ibaze urwanda ivya Ntaryamira?Tureke ishavu canke ibishobisho.Amaraso ya Ernest ,abarundi birirwa bicwa yarakwiye kutubabaza twese atakwitwaza ibi canke biriya vyabanyepolitike baduhenda.murakoze

  • REKA KUBA MWANDIKA IVYO MWISHAKIYE NTABAHUTU NTABATUTSI BOSE BARI MURAYO MASHIRAHAMW KANDI UWIGIZE IGIKUTSO BAMUYOZUMWAVU;RERO UKO KWIKENGERA NICO GITUMA MUGUMANA UMUTIMA WAGAKOKO BITEBE BITEBUKU UKURI KUZOMENYEKANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.