Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Njangwa Gilbert:"Imigambwe itaronse ibice 5 kw’ijana irafise uburenganzira (...)
Njangwa Gilbert:"Imigambwe itaronse ibice 5 kw’ijana irafise uburenganzira bwo kuja muri Reta"
lundi 31 Myandagaro 2015
Umukuru w’ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike ONELOP Burundi amenyesha ko imigambwe itaronse ibice 5 kw’ijana vy’amajwi mu matora ifise uburenganzira bwo kuja mu nzego z’igihugu.
Gilbert Becaud Njangwa amenyesha ko mu gihe co gushinga Reta ihuriwemwo na bose,yaba imigambwe yaronse amajwi arenga ibice 5 kw’ijana canke iyaronse ayadashika,bafise uburenganzira bwo kuja muri Reta.
Kubwa Gilbert Becaud Njangwa,gushira abatakwije ibice 5 kw’ijana muri Reta ihuriwemwo na bose ntibisaba ko ibwirizwa nshingiro risubirwamwo nkuko vyashikirijwe n’abahinga bo mw’ishirahamwe ONELOP Burundi.
Umukuru w’ishirahamwe ONELOP Burundi asaba ko hoba ibiganiro bishingiye ku ngorane Uburundi bwaciyemwo kuva muri kahise.
Van Naris Mugisha
Messages
31 Myandagaro 2015, 14:03, par ndibanje
Ce vagabond arafise ivyo avuga? Qu’il mange et qu’il se taise!
31 Myandagaro 2015, 15:23, par mwene harimesj
Emutama tahura ko ataruhara iyomigambwe ifise ako nako babarengerejemwo kugirango igihugu cizegwe nabenecyo nayubundi harigukwirikizwa itegeko ntiwumvise nabo vyega basinduhije ko bavyiyamirije uwoshaka yokwemera akarongorwa niyi reta atayishimye naho 2020 aje kwitoza atwereke imigambi afise bakure Amaso inyuma ya Nyangoma na kagwi kiwe kafashe abahora arabansi ngo bisize hamwe naho aramacarya uwabahinyuye kare WO yarabigobitoye mumunyererako.
31 Myandagaro 2015, 15:53, par Kayabu
Hahahaha nukuri ivy’iburundi kabisa ni filme yibereyaho!Njangwa(Kayabu) nawe ngo... hari nabarota ku murango!!
1er Nyakanga 2015, 02:27, par Bona
Nyaaaauuuu!!!! Nibace Bakugirumuhuza Bwana Kajangwa Weho Ngira Bokwumvira!!!! Nicogisigaye.
1er Nyakanga 2015, 03:01, par Falcon
Noga ga Yabu,akamaro k’amatora nakahe?
1er Nyakanga 2015, 09:30, par sindumuja
Niho bugera, ntagitangaje. We hora urye ivyo aba dd bagutereye hasi, hanyuma utore urye!
2 Nyakanga 2015, 20:32, par Karundi
None muri reta yuburundi harabayo "deliberation" abataronse ibice bitanu baja muri reta kubera iki? Ivya Peter ni Hatari!!!! Yesu wenyene niwe ashobora gutabara uburundi.