IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Iyaba iragi rya Ntaryamira ryarubahirijwe ntihobaye impari ku kiringo ca (...)

"Iyaba iragi rya Ntaryamira ryarubahirijwe ntihobaye impari ku kiringo ca gatatu"

lundi 6 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Iyaba iragi rya Ntaryamira ryarubahirijwe mu gushira imbere’’ discipline ‘’ mu mice yose y’igihugu, impari zihari muri kino gihe zijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, ntizari kuba zihari, bishikirizwa na Sylvestre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 6 Ndamukiza, niho abarundi bibuka imyaka 21 umukuru w’igihugu c’Uburundi Cypriyano Ntaryamira, yitavye Imana ahitanywe n’isanganya. Ibirori vyo kwumwibuka vyatangujwe n’inkuka y’imisa yabereye kuri cathedrale Regina Mundi, ibirori vyabandanirije ku ntatemwa yiwe. Inyuma yo kuvuga ubuzima bwiwe, umukuru w’igihugu n’umupfasoni wiwe Denise Nkurunziza, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, imiryango y’uwo muhisi , abo basangiye urugamba , n’imigambwe baciye bashira ingori z’amashurwe kuri iyo ntatemwa.

Haciye hakurikira ijambo umuhisi Ntaryamira Cypriyano, yashikirije agiye ku butegetsi aho yahamagarira abarundi kugira ‘’discipline’’, muri vyose mu ntwaramiheto, mu mashure, ku kazi, mu migambwe, mu ntwaro, mu Burundi bwose, aho yasaba abarundi kwubahana mu kwubahiriza amategeko n’agateka ka zina muntu.

Sylvestre Ntibantunganya, umwe mu bo bagendanye na Ntaryamira, avuga ko ijambo ryiwe rigifise akanovera no muri kino gihe, mbere risa nirituma agatoke abarundi. Ku bwa Sylvestre Ntibantunganya, ‘’discipline’’ bisigura kwubaha amategeko mu kuyakurikiza ku neza ya bose, kuva ku mukuru gushika ku muto.

Sylvestre Ntibantunganya abandanya avuga ko iyaba iragi rya Ntaryamira ryarubahirijwe ,impari ziriho muri kino gihe ,zitari kubaho. Aratanga utundi turorero twerekana ko iragi rya Ntaryamira ritariko ryubahirizwa, aha avuga nko mu mashure abana bigurisha kugira baronke amanota, mu bacuruzi abagenda kurondera amasoko batanze igiturire muri Reta, aho gutanga amakori, abamenyeshamakuru basunikwa n’ivya poritike bagashikiriza amakuru badafitiye ivyemezo. Mu mashengero, abapfa uburongozi , abasitanteri bima indangamuntu abanyagihugu kuko badasangiye umugambwe n’ibindi.

Ku bwa Leonce Ngendakumana nawe umukuru w’umugambwe wavamwo, Cypriyano Ntaryamira nawe nyene asaba ko bogumya iragi rya Ntaryamira ‘’discipline’’, ku gihugu naco n’uko dosiye yiwe yosubira kuvugwa kuko mu rupfu rwiwe harimwo igipfungu , ukuri ku kamenyekana.

Tubibutse ko Cyprien Ntaryamira yagiye mu mabanga yo kurongora igihugu c’Uburundi, inyuma y’igandagurwa rya Melchior Ndadaye, mu mwaka w’1993.


Floxella Karire

Messages

  • nibanyaruts nyen bagir amatohoz tumeny icamwish abamwish bahanw murakoze

  • Nimureke ubukunzi bw’ inda nubube gito bwari kubakundira hazoteba haboneke umugabo azotwa abikwiriye not abo banijimbe peter

  • Nimukosore Ntaryamira ntiyahitanwe nisanganya yahitanwe numurwi wabanyarwanda warigambiriye kwica peresida wurwanda kandi uwomurwi iyowabutashaka Ko Ntaryamira adapfira mwiryoraswa warikureka kurasa iryadege kuko warifuse abawubwira aburiye mwirya ndege, ariko wabifashe nkivyizabiguye mubindi kubona President wuburundi nawe yinjiye mundege yuwari prezida wurwanda, president wacu Ntaryamira babigize babiganbiriye it’s not accident please.
    Ikindi twirirwa turagira imyiyerekano yitirirwa abarundi yokwimaramaza kandihariho imyiyerekano twokora ifitiye inyungu abarundibose, nkabarundi duhagurukiye icarimwe abarinuburundi tukayikorera imyiyerekano Burundi, abarundi barihanze bakayukorera iyobari bavugako vubanabwangu dukeneye kumenya uwishe umukuruwigihugucacu kandarengukishwe imbere yubutungane atibiturabikoze muntumbero yokotwipfuzako ibintuvyokurikiranwa mumahoro nubutungane atimugabo bidakurikiranwevubanabwangu ntayindimyaka ishika 20 tugiyekurindira tutishuje abishe umukuruwigihugu cacu kuneza canke kunabi.

  • Nkurunzi reba kure na canecane muri politique mpuzamakungu.

  • "Discipline" yaratitutse cane ntawukigira ico yubaha. Abarundi dukwiye guhindura ingendo, ariko "ubuntu burihabwa umwera nawo uvuye i bukuru ukwira hose"!

  • None nkumwana arikwarakura asanga umumenyesha makuru yagiyemwibarabara avugango mpayikarita yamaraso umukuruwigihugu azoheza yubahende! Ibibibtu bitangaje!!! Ahumumenyeshamakuru ariwe ajamwibarabara agasimbagurika yaheza akacaja muri studio za radio agatangura kuvuga ngwabantu nibakurikirane amakuru yabamenyeshamakuru biriwe mwibarabara nukuvuga ngonimukurikirane ukoniriwe niyamangura mwibarabara.

  • Nimwihende mukome dosiye ya NTARYAMIRA murabe ingene KAGAME atera uburundi,Leonce uragaba Kagame arakubonye ko uriko uramutunga agatoki

  • Mbega ko numwana avutse uno munsi azi ko irya ndege yarashwe na Kagame! Yabonye ko atoshikira igihugu abicishije mumatora, aca abicisha kunguvu. Ninaco gituma ama business yose yo mu Rwanda ategerezwa kwemezanya na Kagame, batavyemeye naho bakagirizwa ngo nabahakanyi ba genocide. Erega turatahura ko ino website (IGIHE) ari iy’abanyarwanda. Ivyo mwumvikanyeko kugira muze muyikoreshe mugutanga amakuru yo muburundi ntavyo tuzi, Ariko kuko dusanzwe tuzi situation yo mu Rwanda, ntidutangazwa no kubona muvuga ko urupfu gwa Cyprien gwari isanganya. Igihe kiregereje, nitwikurako NKURUNZIZA, kagame nawe azoba ashikiriwe kudusigurira. Turindire gato ntitwamwibagiye.

  • ivyibiringo ntaco bipfana na discipline.....!arigo discipline irakwiye kugarukigwa kuko abarundi basigaye bavuga ayo bishakiye.

    NKURUNZIZA URAMUSHIGIYE KUKO NTUMAZE KUMUTORA RIMWE.

  • Wowe wiyita Worlde stop your nonsense of child politics, if your country failed to protect to president you have no reason to ask Kagame and Rwandans. Its very strange how a living president get air lifted in presidential jet of a foreign country which is at war. This is the question you and your fellows should be asking yourself before blaming Rwanda. To my best knowledge you will never question Kagame on the death of your president, no no no, this will never happen as long as Rwandans are alive. rest assured that this will never happen. Period

  • ni mube murasma basha iyo kagame atatwicira umu prezida intara yacu ya bujumbura iba imeze nka ngozi.

  • @Darling Act like you know everything-typical Rwandans. The whole world knows who was behind that assassination-Kagame! Which explains why since his coup, he’s never on an offensive position, but defensive. I hate to tell you that the last thing he worries about is your ugly skinny ass. He’s always ready to attack anyone who wants to tell the truth. It’s sad that both Hutus and Tutsis lost their lives with Tutsis being the majority (at the time), but the whole world laughs at the so called genocide denial. You don’t force people to agree with you. Quit wasting my time already. WE in Burundi where we can actually say whatever we want to whoever (which sounds like democracy), are busy trying to teach a lesson mr. NKURUNZIZA who’s trying to act like Kagame. After this, then we will take care of your skinny ass; skeleton looking; muscle less president over his nasty attitude towards anyone including foreign presidents. Keep this as a promise!! Join the army if you want, but we Burundians have plans! HE WILL PAY !!! It’s a promise!!!

  • KUVYUKURI BIRATANGAJ KUBON NYENICUBAHIRO CYPRIEN NTARYAMIRA YARAPFUY ARK UBUTUNGAN NTIBUKURIKIRANE ICOKIBAZO KUGR BUMENY IMVO N’IMVANO YORWO RUPFU RWIW BUKWIYE KWIKUBITA AGASHI BUGAKORA AMATOHOZA KUGR ABANYAGIHUG TUMENY UKURI AHO KURI.

  • Worlde, you are just dreaming and when you resort to insults instead of putting right your points, this shows how low your IQ is. I can not argue with you. But as a matter of facts, Burundi will never and ever ask Rwanda about the death of your president on 6 April 1994. This will never happen, ask France and Belgium how bitter and the consequences which goes with it when you play such a game. Instead of advising your president on security issues in regard to his life, and be able to make a comprehensive and analysis of 1994 geopolitics, in the region, he is just happy to be fouled by habyarimana in final plannings of the last phase of the genocide, and now you are crying after 21 years? Stop this childish behavior and scale up in your brain if you have any. Rest assured, Rwanda does not fear your plans, you can have as many as you wish. BUT, one thing is for sure and this real, Kagame will never pay, Rwanda will never pay the death of your careless president, be it today, tomorrow or in generations to come. NEVER, NEVER

  • Ndabaramukije Barakwiye Kugira Displine Nkuko Ntaryamira Yabivuga Hose.Mugabo Sinzi Kozokunda.Ubu Nugutwaza Igikenye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.