Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntibarota bakura Isidore Rufyikiri mu rwego rw’abashingwamanza
Ntibarota bakura Isidore Rufyikiri mu rwego rw’abashingwamanza
samedi 9 Munyonyo 2013
Urwego rw’abashingwamanza mu Burundi rumenyesha ko batarota bashira mu ngiro ivyasabwe n’umushikirizamanza akukira sentare isubiramwo imanza i Bujumbura, yasavye ko urwego rw’abashingwamanza rwokura ku rutonde rw’abo umushingwamanza Isidore Rufyikiri bavuga ko aheruka gushikiriza amajambo atyoza.
Biciye mu rwandiko bashize ahabona ku munsi w’ejo kuwa gatanu, urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura rumenyesha ko rudashobora gukurikiza ivyasabwe n’umushikirizamanza akukira sentare isubiramwo imanza i Bujumbura, kuko ata yindi ntumbero bifise atari kujuragiriza abagize urwo rwego mu kubacanishamwo. Kubwabo, ivyo vyasabwe bisa n’ibije gukwega ukutumvikana kuko biboneka nk’itotezwa rishaka gukorerwa umushingwamanza Isidore Rufyikiri adahengeshanya gushira ahabona ibitagenda neza mu gihugu.
- Umushingwamanza Isidore Rufyikiri, asanzwe ariwe arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura
Mu gihe Isidore Rufyikiri yaheruka kwitwarira Reta y’Uburundi, kandi imanza yashingishije harimwo n’urwa Ernest Manirumva akaba ashobora kuzitsinda, urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura rumenyesha ugutera ubwoba umushingwamanza Isidore Rufyikiri arikwo kuri inyuma y’ibiriko birashikirizwa ko yoba yakoresheje imvugo ityoza ubutegetsi mu kiganiro aheruka guha abanditsi n’abamenyeshamakuru.
Bamenyesha ko ivyo yagirizwa ko yakoresheje imvugo ihungabanya umutekano n’inzego z’igihugu ari icitwazo cama gikoreshwa kugira ubutegetsi bwegeze inyuma uwo wese yoba ashikiriza ibitagenda neza, harimwo n’umushingwamanza Isidore Rufyikiri adahengeshanya gusaba uguhana ivyaha, ukurwanya ba kaboko n’ubwigenge bw’ubutungane bw’Uburundi.
Egide Nduwimana
Messages
10 Munyonyo 2013, 14:49, par bugesera
Aba dd bararinda mugabo haraho biyumvira kangeze canke nk abana !!!Ubwo baribaza ko les hommes de lois nkabo bokura imvugakuri!!!Barisubize aho barikuye ariko nta soni bagira...
10 Munyonyo 2013, 14:49, par bugesera
Aba dd bararinda mugabo haraho biyumvira kangeze canke nk abana !!!Ubwo baribaza ko les hommes de lois nkabo bokura imvugakuri!!!Barisubize aho barikuye ariko nta soni bagira...