IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nyakabiga : Abari mu myiyerekano babonye atawubariye urwara baca (...)

Nyakabiga : Abari mu myiyerekano babonye atawubariye urwara baca bariyereka

lundi 11 Rusama 2015

Inyuma y’aho bagize imyiyerekano, bakazunguruka amakomine abiri atanumwe abariye urwara, baciye bahurira ku ry’icenda, bamwe batamba intambo z’abigeme, abagabo nabo, basimbira hejuru nk’intore ziyereka.

Mu myiyerekano yabereye muri kmine ya Nyakabiga, abantu isinzi, bazungurutse iyo komine yose, baca bamanuka no muri komine ya Bwiza, aho basanze bamwe mu bashingamateka nka Poppon Mudungu na Jean Claude Ndihokubwayo yahoze ari umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine babarindiriye, baje kubatera intege, muri iyo myiyerekano barimwo, yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Muri iyo myiyerekano yari yitabwe n’urwaruka rurwiriyemwo abigeme eka n’abakenyezi, batumenyesheje ko igiporisi kitigeze kibakomakoma, kuko abaporisi batacinjira kubabuza iyo myiyerekano bagira mu mutekano ntangere. Abari muri iyo myiyerekano, bavuye muri komine ya Bwiza, bakaba baciye basubira mu Nyakabiga, aho bagize imyiyerekano, baratamba, baratarika, n’amajambo aravugwa.
Mw’ijambo bashikirijwe na bamwe mu ndongozi z’urwaruka nka FNL, UPRONA ishami rya Karori Nditije, MSD, n’abandi, bakaba basavye abo bari mu myiyerekano kubandanya, ndetse barwize n’inguvu, ntibadebukirwe, baze bahemuke, ico bipfuje bagishitseko, ico naco, akaba ari ukubuza Petero Nkurunziza ko yitoza ubugira gatatu.

Abo banyagihugu bo muri komine ya Nyakabiga, bakavuga ko barindiranye igishika impanuro abakuru b’ibihugu vyo mu karere bazoha mugenzi wabo Petero Nkurunziza. Izo mpanuro nazo, bibaza ko zitazoba zitandukanye nizo yahawe n’igihugu ca Afrika y’Epfo, ibihugu vya Buraya, Amerika, Urwanda, ishengero Gatorika, n’abandi.

Tukabamenyesha ko musitanteri wa komine ya Nyakabiga Eric Nkurunziza yarenganye, baraheza bamusaba ko nawe, mu minsi yoza arifatikanya nabo mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, naho mukugenda atigeze akebuka.


Aristide Nizigire

Messages

  • NYAKUBAHWA PAUL KAGAME president of Republic of Rwanda dutabare muburundi nluko watabaye abanyarwanda.

  • ndabashigikiy komera kwijambo

  • ndi n’itekaryo gukez mes freres de Nyakabiga kuntsinzi twimirij.Nkahanur ba Mr blue(PNB) kutajagara natw abomuri zone Ryarusera tuzotangura neza kuyuwagz5

  • ivyo nisawa nibashaka bazagende bagerehose nibaruha bazajya bataha,ariko ntawe uhasize ubuzima.

  • Inyuma Yukugara Rpa, Umunsi Yaturiwe Igihugu Cose Kizoja Mwibarabara Nivyahuha Bihuhuke, Turetse Kovyoshika Hiyo, Abanyagihugu Tuvuga Tuti: <<RPA niyugururwe>>. Kuko nubundi dushobora kwongereza imyiyerekano, kubere iradiyo yacu hamwe nazirya zitumvikana hagati

  • @misago
    "NYAKUBAHWA PAUL KAGAME president of Republic of Rwanda dutabare muburundi nluko watabaye abanyarwanda."
    Mbe Kagame yatabaye abanyarwanda gute ko yatanguje intambara y’ukubatikiza kandi agirako arabikora! Nivyo wipfuza? Wahimvye ntacoyimena!

  • Raba iby’i Burundi wowe utabaza kagame.
    Yaratumaze,nabo twaruhanye aratwangaza ngo nabatabare!yatabaye nde se ko ahubwo yatumaze.ntimwibuka imibyimba yanyuraga mu kanyaru!!!?

  • J’adooooooore mes compatriotes

  • abapolice nababarongoye bibutse kuyora basheshe ntakibuza uwishe abari mumyiyerekano azohanwa.barundi barundikazi rwaruka komeza .nkurumbi yahoze yitwa nkurunziza nahebe akataretse kaba gasema ;mbe ntamwuga yize nagire nka domitien aho yafata i spana yogukora imiduga yisubize ubuntu nakare ubugabo burihabwa.ntakigongwe kuwishe bazocirwa rumwe nabishe ndadaye intahe ifashe ijambo.

  • Mugabo dutanguye kuronka akazuba ejo nzoza kubatera agateka mbatera ingabo mu bitugu duce twonguruza aagatege natinya imvura none imbeho yaheze yemwe

  • ABANYAGIHUGU,DUHEDWA NABANYEPORITIKE NGO BAGIRE IMYIYEREKANO BIBUKEYUKO ARIBO BAPFA ATAMUNYEPORITIKE APFA REKA IMYIYEREKANO DUTORE MUMUTEKANO P,NK,WACU

  • Utabaza Kagame uwo ni umusazi. Wari wabona aho umu kirisito atabaza shitani ngo imuyobore!!!!? Ubwo basangiye kunywa amaraso.

  • ICO NIYUMVIRA,NUKUBATERA INTEGE,KUKO WIGIZE IGIKUTSO BAKUYOZUMWAVU.AHO TURI TWIFADIKANIJE NAMWE PE.NTAMVURA IDAHITA,KANDI UBUTUNGANE BUROTEBA BUKORE NABO BAJE MUBUROKO BAMA BASHIRAYO ABANDI.MWIRAMBIRE MUMYIYEREKANO YANYU.OK

  • Komera Kwibanga,mutiteye Agateka Ntawuzokabatera,nshimiye Nabo Ba Maman Na Bashikibacu Mwakoze Nubu Muragaruka.Ubuntu Burihabwa.

  • Voilàce que les occidentaux veulent, exactement ça! bientot za ONG zizoba zihageze avec toute la sauce...

  • Humura bizahita bihera niyo twakomeze amasengesho, kandi twibuke kotuvukana twese muri Kristu

  • wow komera bene wacu maze mugumizeko gushitsa ivyo duharanira gishitse!! I LOVE U!!

  • Iyo muhaze urumogi muriyereka ariko ntaco muzopfa mushitseko, mushaka guhabuza ubwoko bw’abatutsi ariko ntimuzopfa musubiye gutwara mu gihugu cububurundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.